Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Nehemiya 1:9 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

9 ut’ Ariko ni mwampindukirira, mukitondera ivyagezwe vyanje mukabishitsa, nah’ abirukanywe bo muri mwebge bazoba bar’ iy’ ijuru riherera, uti Sinobura kubakūrayo nkabēgeranya, nkabazana ha hantu nitoranirije ngw izina ryanje rihabe.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Nehemiya 1:9
28 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

bakakugarukako n’imitima yabo yose n’ivyiyumviro vyabo vyose, bari mu gihugu c’abansi babo babafashe mpiri, bakagusenga batumbereye igihugu cabo, ico wahaye ba sekuruza, n’uyu murwa watoranije, n’iyi ngoro nubakiye izina ryawe;


Uhoraho aramubarira, ati Numvise ugusenga kwawe n’ukwinginga kwawe wingingiye imbere yanje; kandi nejeje iyi ngoro wubakiye izina ryanje ngo rihabe ibihe vyose; nzoyihozakw amaso n’umutima na ntaryo.


Muvuge, mut’ Udukize, ewe Mana y’agakiza kacu, Udukoranirize hamwe, udukize amahanga, Kugira ngo dushime izina ryawe ryera, Twirate ishimwe ryawe.


Kand’ Imana yatumye izina ryayo rihaba, iragatsinda umwami wese n’ihanga ryose, abazorenga ibgirizwa ryanje, bakaramvura amaboko yabo, ngo basambure iyo nzu y’Imana i Yerusalemu. Jewe Dariyo nshinze iryo bgirizwa; rize rikorwe rishimikiwe.


Udukize, Uhoraho Mana yacu, Udutororokanye mu mahanga, Kugira ngo dushime izina ryawe ryera, Twirate ishimwe ryawe.


Akabatororokanya mu bihugu, I burasirazuba n’i burengerazuba, I burārūko no ku kiyaga.


Uhoraho ni we yubaka Yerusalemu; Akoraniriza hamwe abāri bārasābagijwe bo mu Bisirayeli.


Kand’ azoshingira amahanga ibendera, akoranirize hamwe abāri birukanywe bo mu Bisirayeli, akumakumire hamwe Abayuda bagiye isābagire, abakūye ku mfuruka zine z’isi.


Kur’ uwo musi Uhoraho azosekura akūre impeke ziwe, uhereye kuri rwa ruzi Efurate, ugashitsa kuri wa Mugezi wa Egiputa; maze muzonobagurwa umwe‐umwe, mwebge Abisirayeli.


Umwami Imana, umwe akoraniriza hamwe abāri birukanywe bo mu Bisirayeli, aravuze, ati Nzokwongera kumukoraniriza abandi, ukūye abiwe bāri bamaze gukoranywa.


Hanyuma mmaze kubashika nzohindukira mbagirire ikigongwe; kandi nzobagarukana, umuntu wese asubire mw ishamvu yiwe, umuntu wese asubire mu gihugu cabo.


Garuka, mwa bantu basubiye inyuma, ni jewe Uhoraho mbivuze, kuko jewe nd’ umugabo wanyu; kandi nzobagarukana i Siyoni, umwe ndamukūye mu gisagara kimwe, babiri mu muryango umwe;


Ni mwumve ijambo ry’Uhoraho, mwa mahanga, muvyamamaze mu bizinga vya kure mu kiyaga: muvuge, mut’ Uwashwiragije Abisirayeli ni we azobatororokanya, abazigame, nk’uk’ umwungere agirira umukuku wiwe.


nti Rāba nzobakoranya, mbakūre mu bihugu vyose aho nzoba narabirukaniye mfise ishavu n’ubushangashirwe n’ uburake bg’inkazi; kandi nzokwongera kubagarukana aha hantu, ndababesheh’ amahoro:


Uku ni k’Uhoraho agize, at’ Eh’ ubgoko buraje buvuye mu gihugu c’i burārūko; ihanga rikomeye rizovyutswa rive ku mpera y’isi.


Nuko rero barira inzu ya Isirayeli, ut’ Uku ni k’Umwami Uhoraho agize, ati Ni mugaruke, mutere ibitugu ibigirwamana vyanyu, mukūre amaso yanyu ku bizira vyanyu vyose.


Kuko nzobakūra mu mahanga, mbakoranirize hamwe mbakūye mu bihugu vyose, mbajane mu gihugu canyu bgite.


Ni mwahora mugendera mu mabgirizwa yanje, mukitondera ivyagezwe vyanje, mukavyumvira;


Uku ni k’Uhoraho Nyen’ ingabo agize, ati Rāba, nzokiza abantu banje, mbakūre mu gihugu c’i burasirazuba no mu c’i burengerazuba,


Azotuma abamarayika biwe n’ijwi rirenga ry’inzamba, bakoranye abatoranijwe biwe, bave mu birēre bine, guhēra iy’ ijuru ritangurira kugeza iyo riherera.


Ahantu Uhoraho Imana yanyu azoba yaratoranije ngw ahashire izina ryiwe, ni hagira uwo habera kure muri mwebge, ashobora kubāga mu busho bgiwe canke mu mukuku wiwe, mu vyo Uhoraho yamuhaye, nk’uko nabageze, azirīre i we nk’ukw agomba kwose.


arikw ahantu Uhoraho Imana yanyu azotoranya mu miryango yanyu yose ngw ahashire izina ryiwe, aho hantu nyene azogerēra az’ abe ari ho muzohora mumubariza, abe ari ho muja gushengerera.


Igihe ivyo vyose bizoba vyabashitseko, ivy’ umugisha n’umuvumo nabashize imbere, mukavyibukira iyo muri mu mahanga yose ah’ Uhoraho Imana yanyu azoba yarabirukaniye,


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ