Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Nehemiya 1:7 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

7 Eka twaragucumuyeko bikomeye, ntitwitondeye ivyagezwe vyawe n’ivyo washinze n’amabgirizwa yawe, ivyo wageze umusavyi wawe Mose.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Nehemiya 1:7
24 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Uze wumvire ivyo Uhoraho Imana yawe yageze, ugendere mu nzira ziwe, witondere ivyo yashinze, n’amabgirizwa yiwe, n’amateka yiwe, n’ivyo yihanikirije, nk’uko vyanditswe mu vyagezwe vya Mose, kugira ng’ ugire ikiganza ciza mu vy’uzokora vyose n’ah’ uzoja hose;


Arikw abana babo ntiyabica, abigenza nk’uko vyanditswe mu gitabo c’ivyagezwe vya Mose, ivyashinzwe n’Uhoraho ngw Abavyeyi ntibaze bicwe bazize abana babo, kand’ abana ntibaze bicwe bazize abavyeyi: ngw Arik’ umuntu wese az’ azire iciwe caha.


Akora ivyo Uhoraho abona kw ari vyiza, nk’ ivyo se Uziya yakoze vyose. Mugabo we ntiyinjiye mu rusengero rw’Uhoraho. Arikw abantu bākomeje kwihumanya.


uwo Ezira aradūga ava i Babuloni; kandi yar’ umunyabgenge w’ivyanditswe kandi w’umuhanga mu vy’ivyagezwe vya Mose vyatanzwe n’ Uhoraho Imana y’Abisirayeli. Umwami amuha ivyo yamusavye vyose, abiheshwa n’ikiganza c’ Uhoraho Imana yiwe cari kuri we.


Twaracumuye, nka ba sogokuruza, Twaragabitanije, twakoze ivyaha.


Namba bazorenga ivyo nashinze, Ntibitondere amabgirizwa yanje,


Ni ho nzohanisha ibicumuro vyabo inkoni, No kugabitanya kwabo imiramu.


Ewe wa hanga rikora icaha, ubgoko buremerewe n’ukugabitanya, uruvyaro rw’inkozi z’ibibi, abana b’ivyanke! Barantaye, jewe Uhoraho, barankengēra, jewe Uwera w’Abisirayeli; twārahubanywe, bāsubiye inyuma.


Ni koko, Abisirayeli iyo bava bakagera bacumuye ku vyagezwe nawe, baratambama ngo ntibumve ijwi ryawe; ni co catumye dusukwamw’ umuvumo, bo n’indahiro vyari vyaranditswe mu vyagezwe vya Mose umusavyi w’Imana, kuko twayicumuyeko.


Ivyo vyago vyose vyadushitseko nk’uko vyanditswe mu vyagezwe vya Mose; yamara nta ho twinginze Uhoraho Imana yacu ngw idutunge, canke ngo tureke n’ibigabitanyo vyacu, ngo tumenye ivy’ ukuri kwayo.


Bīhumanije birengereje: izokwibuka ibigabitanyo vyabo, izobahanira ivyaha vyabo, nk’uko vyabaye mu gihe c’i Gibeya.


Ivyo ni vyo vyagezwe Uhoraho yagereye Mose ku musozi Sinayi, ngw abishikirize Abisirayeli.


Nari nibgiye, nti N’ukuri uzontinya, uzokwemera guhanūrwa, ngw inzu zawe zoye gusangangurwa, nk’uko nari mmaze kubishinga vyose: ariko bama bazindukanwa no kwonona ibikorwa vyabo vyose.


Ni mwibuke ivyagezwe vy’ umusavyi wanje Mose, amabgirizwa n’ivyashinzwe, ivyo namugereye i Horebu kuba ivyo kuganza Abisirayeli bose.


None rero, yemwe Bisirayeli, ni mwumvirize amabgirizwa n’ amatēka ashinzwe mbigisha, muvyitondere; kugira ngo mubone kubaho, mwinjire igihugu Uhoraho Imana ya ba sogokuruza yabahaye, mucegukire.


Rāba ndabigishije amabgirizwa n’amatēka ashinzwe, nk’uk’ Uhoraho Imana yanje yangeze, kugira ngw abe ari ko muzogenza mu gihugu mugiye kwinjira ngo mucegukire.


Mose ahamagara Abisirayeli bose, arababarira, ati Yemwe Bisirayeli, ni mwumve amabgirizwa n’ivyagezwe mvugira mu matwi yanyu uyu musi, kugira ngo muvyige, muvyitondere, mubishitse.


Ibi ni vyo vyagezwe n’amatēka ashinzwe, Uhoraho Imana yanyu yangeze kubigisha, kugira ngo muze muvyitondere mushitse mu gihugu mugiye kujabukiramwo ngo mucegukire;


kukw amateka yayo ar’ay’ ukuri n’ukugororoka. Yaciriyekw iteka umwe maraya w’agahebuza, yononesha abari mw isi ubusambanyi bgiwe, kand’ imuhōye amaraso y’abagurano bayo.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ