Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Nehemiya 1:5 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

5 Ndavuga, nti Ndakwinginze, ewe Uhoraho, Mana Nyen’ ijuru, Mana nkuru uteye ubgoba, ukagumya isezerano n’ imbabazi ugirira abagukunda bakitondera ivyagezwe vyawe.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Nehemiya 1:5
18 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

aravuga, at’ Uhoraho, Mana y’Abisirayeli, nta mana ihwanye nawe, uhereye hejuru mw ijuru no hasi kw isi; ni wewe wama ushitsa amasezerano, ukagirira imbabazi abasavyi bawe bagendera imbere yawe bitonze n’imitima yabo yose;


Har’ irindi hanga na rimwe mw isi rihwanye n’abantu bawe b’Abisirayeli, abo wewe, Mana, wisidukiye ugacungura, ukabagira abawe, kugira ngo wironkere izina rya rurangiranwa, ugakora ibikomeye n’ibiteye ubgoba, ukirukana amahanga imbere y’abantu bawe, abo wacunguye ukabakūra muri Egiputa?


ngo Kuro, umwami w’i Buperesi aravuze, at’ Uhoraho Imana Nyen’ ijuru yangabiye ibihugu vyose vyo mw isi. Kandi yangeze ngo ndamwubakire ingoro i Yerusalemu mu Buyuda.


Nuk’ umwami arambaza, ati Non’ ugomba iki? Nca nsenga Imana Nyen’ ijuru.


Mbitegereje, mva hasi mbarira abakuru n’abaganza n’abandi bose, nti Ntimubatinye. Mwibuke Umwami Imana, ahambaye ateye ubgoba, murwanire bene wanyu, n’abahungu banyu n’abakobga banyu n’abagore banyu n’ingo zanyu.


bahiga imihigo bose yuko bazoja gutera i Yerusalemu no kutuburabuza.


None, Mana yacu, Mana nkuru, uhambaye uteye ubgoba, ni wewe ugumya isezerano n’ikigongwe, turakwinginze amagorwa yose twabonye ntuyite ikintu coroshe, ayatubayeko twe n’abami bacu, n’abakuru bacu, n’abaherezi bacu, n’abavugishwa bacu, na ba sogokuruza bacu, eka n’abantu bawe bose, uhereye igihe c’abami b’i Ashuri ugashitsa na bugingo n’ubu.


Kuk’ Uhoraho asumba vyose ateye ubgoba, N’Umwami ahambaye aganza isi yose.


Wumvikanishije amateka uri mw ijuru: Isi yaratinye, iracereza,


Kuko navuze, nt’ Imbabazi zizokomezwa ibihe vyose, No mw ijuru ubgaho, uzohashimangira ukwizigirwa kwawe.


Nasezeranye isezerano n’uwo natoranije, Narahiye Dawidi umusavyi wanje,


Uhoraho Mana Nyen’ ingabo, Ni nde munyenkomezi ahwanye nawe, Uhoraho? Kuba umwizigirwa kwawe kuragukikije.


nkagirira ikigongwe abankunda, bakitondera ivyagezwe vyanje, nkageza ku runganwe rwabo uko ruzogenda rukurikirana gushitsa igihumbi.


Maze ni mwumvira ayo matēka ashinzwe, mukayitondera, mukayashitsa, Uhoraho Imana yanyu azobashikiriza isezerano, abagirire imbabazi, nk’uko yarahiye ba sogokuruza;


Ntimuze mubatinye, kuk’ Uhoraho Imana yanyu ari hagati muri mwebge, ar’ Imana ihambaye iteye ubgoba.


Nuko rero mumenye yuk’ Uhoraho Imana yanyu ari yo Mana; n’Imana yo kwizigirwa, yama ishitsa isezerano, ikagirira imbabazi abayikunda, bakitondera ivyagezwe vyayo, ikageza ku runganwe rwabo uko ruzogenda rukurikirana gushitsa igihumbi;


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ