Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Nehemiya 1:4 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

4 Nuko mmaze kwumva izo nkuru nca nicara ngaho ndarira, mmara imisi mbabaye nisonzesha, nsengera imbere y’Imana Nyen’ ijuru.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Nehemiya 1:4
22 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Ni co catumye Dawidi yinginga Imana kubg’ uwo mwana, akisonzesha, akinjira mu nzu agakesha ijoro arambaraye hasi.


ngo Kuko watsinzwe mu mutima wawe, ukicisha bugufi imbere yiwe, igihe wumva ivyo yavuze kur’ aha hantu bo n’abahaba, ingene hazocika imisaka n’ikivume, ukitantamurirakw impuzu zawe, ukaririra imbere yiwe, ngo Na we arakwumvise; ni k’Uhoraho agize.


kandi Salomo yari yashinze ikintu kirekire c’imiringa co guhagararako; uburebure bgaco bg’ umurambararo bgar’ amatambge atanu y’ukuboko uciriye mu nkokora, ubgaguke bgaco bgar’ amatambge atanu nyene, uburebure bg’igihagararo bgar’ amatambge atatu; yari yagishinze mu rugo rw’intangāro hagati; ni ho yar’ ahagaze; nukw araheza apfukama imbere y’ikoraniro ryose ry’Abisirayeli, agaranzura amaboko ayatumbereje mw ijuru,


ngo Kuro, umwami w’i Buperesi aravuze, at’ Uhoraho Imana Nyen’ ijuru yangabiye ibihugu vyose vyo mw isi. Kandi yangeze ngo ndamwubakire ingoro i Yerusalemu mu Buyuda.


Nuko Ezira agisenga yātura, kand’ arira, yikubise hasi imbere y’ingoro y’Imana, ikoraniro rinini cane ry’Abisirayeli, abagabo n’abagore n’abana, bakoranira ah’ ari; kand’ abantu bararira cane.


Maze numvise ivyo nitantamurirakw imvune bo n’umutamana, nishikura umushatsi nishikura n’ ubganwa, nicara numiwe.


Ikimazi ca ni kera kimaze gushikanwa, mva hasi aho nari nicaye ntēterewe, imvune yanje n’ umutamana wanje ar’ ibitabagurike; nca nkubita amavi hasi, nayira amaboko Uhoraho Imana yanje;


Nanje ndabishura, nt’ Imana yo mw ijuru ni yo izotuma bikunda, ni co gituma twebge abasavyi bayo dushirako tukubaka; ariko mweho nta mugabane, nta bubasha, nta n’icibutso mufise i Yerusalemu.


Nuk’ umwami arambaza, ati Non’ ugomba iki? Nca nsenga Imana Nyen’ ijuru.


Bizotuma amahanga yubaha izina ryawe, Uhoraho, N’abami bose bo mw isi bakubaha icubahiro cawe:


Ni mushime Imana yo mw ijuru, Kukw imbabazi zayo zamah’ ibihe bidashira.


Ku nzūzi z’i Babuloni Ni ho twāhora twicara, mbere tugaturika tukarira, Twibutse i Siyoni.


Mur’ iyo misi jewe Daniyeli namaze amayinga atatu yiramvuriye ntuntuye.


kugira ngo basabe Imana yo mw ijuru, ibagirire imbabazi, ibamenyeshe ayo mabanga, kugira ngo Daniyeli na bagenzi biwe ntibagesezanywe n’abandi banyabgenge b’i Babuloni.


Mpanga amaso Umwami Imana, kugira ngo niyegurire gusenga no gutakamba, nisonzesha, nambaye amagunira, nīsīze umunyota.


Arabishura, ati Nd’ Umuheburayo, nubaha Uhoraho, Imana Nyen’ ijuru, yaremye ikiyaga n’i musozi.


nko ku musi mukuru washinzwe. Nzogukūrakw ivyago, ntuz’ usubire gutētērwa ukundi.


munezeranwe n’abanezerewe, murirane n’abarira.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ