Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Nehemiya 1:11 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

11 Bgirukiro, ndakwinginze, tega ugutwi wumve ugusenga kwanje, jewe umusavyi wawe, wumve n’ugusenga kw’ abasavyi bawe bakunda kwubaha izina ryawe, untabare jewe umusavyi wawe, umpe kugira amahirwe uyu musi, no guhangazwa n’uwo muntu nsavye. Kuko nari nsanzwe nd’ umukevyi mpereza umwami igiturire.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Nehemiya 1:11
27 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Maz’ uyu musi nshitse kw iriba, ndasenga, nt’ Ewe Uhoraho, Mana ya databuja Aburahamu, ni waba uhaye urugendo rwanje nagenze umugisha,


Ndakwinginze, n’unkize, unkūre mu maboko ya mukurwanje Esau: kuko ndamutinya, yoye kuza akanyicana n’abana na ba nyina.


Aramubarira, ati Ntucitwa Yakobo ukundi, ariko wiswe Isirayeli; kuko waniganye n’Imana n’abantu, ukanesha.


Hanyuma y’ivyo, umukevyi ahēreza igiturire umwami wa Egiputa, n’umusukūzi wiwe bacumura kuri shebuja, umwami wa Egiputa.


Farawo arakira abo banyarugo biwe bompi, umukevyi mukuru n’umusukūzi mukuru.


Asubiza umukevyi mukuru mw ibango ryiwe, ahēreza Farawo igikombe;


Ariko wa mukevyi mukuru ntiyaruha yibuka Yosefu: aramwibagira.


Maze wa mukevyi mukuru abarira Farawo, at’ Uyu musi nibutse ivyaha vyanje!


Imana Ishobora vyose ibahe guhāngazwa na we, ngw abarekurire mwene nyoko wundi, arekure na Benyamini. Nanje namba nzoba nyakamara, mbe ko!


Nuko Mana yanje, ndakwinginze, tereza inyonga zawe urābe, tega amatwi wumve amasengesho asengerwa aha hantu.


Mu mwaka wa mbere Kuro umwami w’i Buperesi agiye ku ngoma, Uhoraho akangura umutima wiwe kugira ngw ijambo yavugiye mu kanwa ka Yeremiya ribone gushika. Nuko Kuro uwo mwami w’i Buperesi ashinga ko babitangaza mu gihugu ciwe cose, aranavyandika,


uwo Ezira aradūga ava i Babuloni; kandi yar’ umunyabgenge w’ivyanditswe kandi w’umuhanga mu vy’ivyagezwe vya Mose vyatanzwe n’ Uhoraho Imana y’Abisirayeli. Umwami amuha ivyo yamusavye vyose, abiheshwa n’ikiganza c’ Uhoraho Imana yiwe cari kuri we.


None tega ugutwi kwawe wumvirize, tereza n’inyonga zawe witegereze, kugira ngo wumve ugusenga kwanje, jewe umusavyi wawe nsengera imbere yawe mur’ iyi misi ku murango no mw ijoro, nkwingingira abasavyi bawe b’ Abisirayeli, nātura ivyaha twebge Abisirayeli twagucumuyeko; mbere twe n’inzu ya data twaracumuye.


Nuko mu mwaka ugira mirongwibiri umwami Aritazeruzi ari ku ngoma, mu kwezi kwa Nisani, umusi ur’ izina vino yar’ iteretse imbere y’umwami, maze ndayābira, ndayimuhēreza. Kandi sinaribgagire umubabaro nd’ imbere yiwe.


bo n’ icete nshira Asafu, umurinzi arinda icibare cawe, kugira ngw ampe ibiti vyo kubāza ibikingi vy’amarembo y’igihome c’abashibamyi co ku ngoro, bo n’ivy’ uruzitiro rw’igisagara n’ivy’ inzu nzobamwo. Nuk’ umwami arabinyemerera, abitewe n’ikiganza ciza c’Imana cari kuri jewe.


Agatuma batera akagongwe Abābajanye kw inyagano bose.


Bgirukiro, ni wumve ijwi ryanje; Amatwi yawe uyabangire kwumva Ijwi ryo kwinginga kwanje.


Kuko wewe Mana, wumvise amasezerano yanje: Umpaye umwandu uhabga abubaha izina ryawe.


Uhoraho we, tegera ugutwi ugusenga kwanje: Umviriza ijwi ryo kwinginga kwanje.


Nuko kuko bagiriye urwanko ubgenge, Ntibahitemwo kwubaha Uhoraho;


Umutima w’umwami uri mu kuboko kw’Uhoraho nk’umugende w’amazi; Awukwegera ah’ agomba hose.


Ngw Azobaha kumutera akagongwe, kugira ngw abagirire imbabazi, abasubize mu gihugu canyu bgite.


Nukw abubaha Uhoraho baragānīra; Uhoraho atega amatwi arumviriza; maz’ igitabo candikirwa imbere yiwe c’icibutso c’abubaha Uhoraho bakiyumvira izina ryiwe.


Mudusengere, kuko tuzi tudakekeranya ko turi n’imitima itarimw’ ijwi ritwagiriza ikibi, tugomba kugira ingeso nziza muri vyose.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ