Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Nehemiya 1:10 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

10 None rero, abo ni bo basavyi bawe, kandi n’abantu bawe wacunguje ububasha bgawe bginshi bo n’ukuboko kwawe kw’ inkomezi.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Nehemiya 1:10
17 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Ibakūjey’ ikiganza gikomeye n’ukuboko kurāmvuye: Kukw imbabazi zayo zamah’ ibihe bidashira.


Ibuka ikoraniro ryawe waguze kera, Iryo wacunguriye kuba ubgoko bg’ishamvu yawe, Bo n’umusozi Siyoni, aho wagerereye.


Ukugororoka n’imanza zibereye ni vyo ingoma yawe ihagazeko: Imbabazi n’ukuri ni vyo bikwitangira imbere.


Kandi mu bana banyu ni hagira ūbaza se, mu gihe kizoza, at’ Ibi n’ibiki? az’ amwishure, at’ Uhoraho yadukūye muri Egiputa, mu nzu y’ubuja, adukūjeyo ubushobozi bginshi.


Ivyo bize bibe nk’ ikimenyetso gishizwe ku maboko yanyu, kandi nk’ibishizwe mu ruhanga hagati y’amaso yanyu: kuk’ Uhoraho yadukūje muri Egiputa ubushobozi bginshi.


Mose abarira abantu, ati Muze mwame mwibuka uyu musi muviriye muri Egiputa, mu nzu y’ubuja; kuk’ Uhoraho abakūje ino ubushobozi bginshi. Ntihaze hagire imitsima yambiwe murya.


Ivyo bize bibabere nk’ikimenyetso gishizwe ku maboko yanyu, n’icibutso gishizwe hagati y’amaso yanyu, kugira ngw ivyagezwe vy’Uhoraho vyame mu kanwa kanyu: kuk’ Uhoraho yabakūje muri Egiputa ubushobozi bgiwe.


Kubg’ imbabazi zawe warōngōye abantu wacunguye: Wabarōngōje inkomezi zawe mu nzira ija ahantu hēra, ah’ uba.


Mose atakambira Uhoraho Imana yiwe, ati Mbeg’ Uhoraho, n’iki gitumye uburake bgawe bururumba ku bantu bawe wakūje mu gihugu ca Egiputa ububasha bginshi n’ukuboko kw’inkomezi?


Uhoraho abarira Mose, at’ Uhereye none uzorāba ivyo nzogirira Farawo: ukuboko kw’ ubushobozi kuzomugondōza, abarekure, mber’ ukuboko kw’ubushobozi kuzomugondōza, abirukane mu gihugu ciwe.


Nuko barira Abisirayeli yuko nd’ Uhoraho, kandi nzobakūra ku bikebere Abanyegiputa babakebera, mbakūre mu buja barimwo, mbacunguze ukuboko kuramvuye, n’ibihano bikomeye:


kandi nzobagira abantu banje, nanje nzoba Imana yanyu; ni ho muzomenya ko nd’ Uhoraho Imana yanyu, ibakūye ku bikebere Abanyegiputa babakebera.


Uhoraho, reka kuraka cane birenze urugero, ntiwame wibuka ibigabitanyo vyacu ibihe vyose; ni witegereze se turakwinginze, twese tur’ abantu bawe.


Kand’ uze wibuke yuko nawe wari mu buja mu gihugu ca Egiputa, Uhoraho Imana yawe akakugobōtora: ni co gitumye uyu musi ndakugera ivyo.


Yamara, abo n’abantu bawe, ni bo cibare cawe, abo wakūjey’ ububasha bgawe buhambaye n’ukuboko kubanguye.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ