Nuko bamwe mu Bisirayeli badūgana n’abaherezi bamwe n’ Abalewi n’abaririmvyi b’abashibamyi n’abahawe ibango ry’ibikorwa vy’urusengero; abo baja i Yerusalemu mu mwaka ugira indwi Aritazeruzi ari ku ngoma.
Kand’ uhereye umusi umwami Aritazeruzi yangize icēgēra ciwe mu gihugu c’i Buyuda, kuva ku mwaka ugira mirongwibiri kugeza ku mwaka ugira mirongwitatu n’ibiri ari ku ngoma, ukw ar’ imyaka cumi n’ibiri, ari jewe ari bene wacu, nta ho twigeze dutungwa n’amarari yagerewe icēgēra c’umwami.
Nukw izo ntumwa zigenda zihuta, kubgo kwihanikirizwa n’ umwami; iryo teka ryamamara no ku murwa i Shushani. Maz’ umwami na Hamani biyicarira ngo banywe; arikw abo ku murwa i Shushani barumirwa.
Mbona ivyo neretswe nko mu nzozi, maze mvyitegereje mbona ndi ku murwa i Shushani, mu ntāra yo muri Elamu; ndāvye ivyo neretswe mbona ndi ku ruzi Ulayi.