Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Nehemiya 1:1 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

1 Amajambo ya Nehemiya mwene Hakaliya. Mu kwezi kwa Kisilevu, mu mwaka ugira mirongwibiri, nari nsanzwe ndi ku murwa i Shushani.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Nehemiya 1:1
9 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Nuko mur’ iyo misi itatu Abayuda n’Ababenyamini bose bari bamaze gukoranira i Yerusalemu; hāri ku musi ugira mirongwibiri w’ukwezi kw’icenda; abantu bose bagandagaza ku kibuga imbere y’ ingoro y’Imana, bahindishwa agashitsi n’ivyo, kandi n’uko hāri n’ imvura nyinshi.


Nuko bamwe mu Bisirayeli badūgana n’abaherezi bamwe n’ Abalewi n’abaririmvyi b’abashibamyi n’abahawe ibango ry’ibikorwa vy’urusengero; abo baja i Yerusalemu mu mwaka ugira indwi Aritazeruzi ari ku ngoma.


Abāshizekw ikimenyetso n’ aba: icēgēra c’umwami, ari we Nehemiya mwene Hakaliya, na Zedekiya,


Nuko mu mwaka ugira mirongwibiri umwami Aritazeruzi ari ku ngoma, mu kwezi kwa Nisani, umusi ur’ izina vino yar’ iteretse imbere y’umwami, maze ndayābira, ndayimuhēreza. Kandi sinaribgagire umubabaro nd’ imbere yiwe.


Kand’ uhereye umusi umwami Aritazeruzi yangize icēgēra ciwe mu gihugu c’i Buyuda, kuva ku mwaka ugira mirongwibiri kugeza ku mwaka ugira mirongwitatu n’ibiri ari ku ngoma, ukw ar’ imyaka cumi n’ibiri, ari jewe ari bene wacu, nta ho twigeze dutungwa n’amarari yagerewe icēgēra c’umwami.


ico gihe umwami Ahasuwerusi yar’ ahangamye ku ngoma yiwe ku murwa i Shushani;


Nukw izo ntumwa zigenda zihuta, kubgo kwihanikirizwa n’ umwami; iryo teka ryamamara no ku murwa i Shushani. Maz’ umwami na Hamani biyicarira ngo banywe; arikw abo ku murwa i Shushani barumirwa.


Mbona ivyo neretswe nko mu nzozi, maze mvyitegereje mbona ndi ku murwa i Shushani, mu ntāra yo muri Elamu; ndāvye ivyo neretswe mbona ndi ku ruzi Ulayi.


Mu mwaka ugira kane Dariyo ari ku ngoma, ijambo ry’Uhoraho ryaje kuri Zekariya ku musi wa kane w’ukwezi kw’icenda kwitwa Kisilevu.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ