Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Mika 7:9 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

9 Nzokwihanganira ubushangashirwe bg’Uhoraho, kuko namugararije, gushitsa ah’ azombūranira, akantsindira. Azonsohokana anshikane mu muco, nanje nzokwitegereza ukugororoka kwiwe.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Mika 7:9
36 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Dawidi abonye uwo mumarayika yageseza abantu, abarira Uhoraho, at’ Erega ni jewe nacumuye, ni jewe nakoze nabi; arikw izi ntama zo zakoze iki? Ndakwinginze, ukuboko kwawe abe ari jewe kurwanya, bo n’inzu ya data.


Yamara yo irazi inzira ncamwo; Ni yamara kumvugutira nzovamwo mmeze nk’izahabu.


None ntirushirije kutumva, iy’ uvuga ngo Ntuyibona, Ng’ Urubanza rwawe rur’ imbere yayo, ng’ Urayirorereye?


Umbūranire, uncungure: Ungire muzima, nk’ukw ijambo ryawe ryavuze.


Kand’ azokwerekana ukugororoka kwawe nk’umuco, N’urubanza rwawe ruroranye nk’igihe co mu mashōka.


Mana, uncire urubanza, umbūranire n’ihanga ritagira imbabazi: Unkize ingunge n’ūdambikanya.


Uhoraho we, hagurukana uburake bgawe, Wisidukire kurwanya ubushangashirwe bg’abarwanizi banje, Ni wikangurire kuntabara: ni wewe washinze urubanza.


Kuko guca imanza kuzosubira ku kugororoka, Kand’ abafise imitima itunganye bose ni kwo bazokurikira.


Nzozana impumyi mu nzira zitazi, ndazirōngōre mu ndari zitari zizi, nzohindura umwiza ube umuco imbere yazo, n’ahagoramye nzohagorora. Ivyo nzobishitsa, sinzobaheba.


ng’ uhumūre impumyi, ng’ usohore imbohe mw ibohero, n’abicaye mu mwiza ngo bave mu nzu y’imbohe.


nīgije hafi ukugororoka kwanje, ntikuzoba kure; n’agakiza kanje ntikazotebagana; kandi nzoshira ako gakiza i Siyoni kubga Isirayeli, ni we cubahiro canje.


uku ni k’Umwami wawe Uhoraho agize, ari we Mana yawe ibūranira abantu bayo, at’ Ehe nkūye ca gikombe c’ukudandabagiranya mu kuboko kwawe, ni ko ka gakarabo, ari ko gikombe c’uburake bganje; ntuzosubira kukinywak’ ukundi:


Uku ni k’Uhoraho agize, ati Ni mwitondere ibiroranye, mukore ivy’ ukugororoka: kukw agakiza kanje kagira gashike, n’ ukugororoka kwanje kugira guhishurwe.


Ewe jewe ndagowe, ndatonekaye! Uruguma rwanje rurambabaje: maze ndavuga, nt’ Ereg’ aya n’amagorwa nyene, nkwiye gupfa kuyihanganira.


Nah’ ibigabitanyo vyacu bitwagiriza, gira ico ukora kubg’ izina ryawe, Uhoraho we: kuko gusubira inyuma kwacu ari kwinshi, kandi twagucumuyeko.


Uhoraho yerekanye ukugororoka kwacu; enda ni muze twamamaze i Siyoni igikorwa c’Uhoraho Imana yacu.


Uhoraho aragororotse, ariko jeho nagararije ivyagezwe vyiwe: Ni mwumve ndabinginze, mwebge mwa mahanga yose, mwitegereze umubabaro wanje: Abakobga banje n’abahungu banje bagiye ar’ inyagano.


ari kwo kwatumye nanje nnyuranya na bo, nkabahindira mu gihugu c’abansi babo; kandi ni bicisha bugufi ico gihe mu mitima yabo imeze nk’imibiri itakebge, bakarīmbūka, bakemera yukw ibihano bāhanwe ar’ ivyazanywe n’ibigabitanyo vyabo;


Aho ni ho muzosubira kumenya yuko har’ itandukaniro ry’umugororotsi n’umunyakibi, ry’ūkorera Imana n’ūtayikorera.


Ni co gituma mudakwiye guca urubanza rw’ikintu na kimwe igihe carwo kitarashika, ni co kuza kw’Umwami wacu, azomurika ivyari vyanyegejwe mu mwiza, kand’ azogaragaza inama zo mu mitima: ni ho umuntu wese azohabga n’Imana ishimwe rimukwiye.


Ibisigaye, mbīkiwe igitsibo c’ukugororoka, ico Umwami wacu, umucamanza agororotse, azompa kuri wa musi, kandi si jewe jenyene nzogihabga, ariko kandi n’abakunze kuzoseruka kwiwe bose bazogihabga.


Ni biguhimbare, wa juru, namwe abera n’intumwa n’abavugishwa n’Imana, kukw Imana igiciriyekw iteka, igihōra mwebge.


None rer’ Uhoraho n’abe umucamanza, aducīre urubanza twe nawe, n’avyitegereze, ambūrane, ankūre mu maboko yawe.


Bukeye Dawidi yumvise ko Nabali yapfuye, aravuga, at’ Uhoraho ashemagizwe, yambūranye, akankūrakw ibitētērwa Nabali yari yanteye, agatako jewe umusavyi wiwe akambuza gukora icaha; kand’ inabi ya Nabali Uhoraho akayimusubiza ku mutwe. Hanyuma Dawidi atuma kuri Abigayili kumuresha ngw amucūre.


Arongera aravuga, ati Ndahiye uguhoraho kw’Uhoraho, Uhoraho ubgiwe ni we azomwiyicira; cank’ umusi wiwe wo gupfa uzoshika; cank’ azomanuka aje mu ntambara, ayigwemwo.


Nuko Samweli amudōndera vyose, ntiyagira ico amuhisha. Maze Eli aravuga, ati N’Uhoraho: n’akore ico ashima.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ