nīgije hafi ukugororoka kwanje, ntikuzoba kure; n’agakiza kanje ntikazotebagana; kandi nzoshira ako gakiza i Siyoni kubga Isirayeli, ni we cubahiro canje.
uku ni k’Umwami wawe Uhoraho agize, ari we Mana yawe ibūranira abantu bayo, at’ Ehe nkūye ca gikombe c’ukudandabagiranya mu kuboko kwawe, ni ko ka gakarabo, ari ko gikombe c’uburake bganje; ntuzosubira kukinywak’ ukundi:
Ni co gituma mudakwiye guca urubanza rw’ikintu na kimwe igihe carwo kitarashika, ni co kuza kw’Umwami wacu, azomurika ivyari vyanyegejwe mu mwiza, kand’ azogaragaza inama zo mu mitima: ni ho umuntu wese azohabga n’Imana ishimwe rimukwiye.
Arongera aravuga, ati Ndahiye uguhoraho kw’Uhoraho, Uhoraho ubgiwe ni we azomwiyicira; cank’ umusi wiwe wo gupfa uzoshika; cank’ azomanuka aje mu ntambara, ayigwemwo.