Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Mika 7:8 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

8 Ewe mwansi wanje, nta co unyitamba hejuru! Ni natemba nzovyuka, ni nicara mu mwiza Uhoraho azombera umuco.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Mika 7:8
46 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Asangwa naranejerejwe n’uk’ ūnyanka ageshejwe, Canke nkitereshwa hejuru n’ ukw ivyago bimushitseko,


Abatunganye umuco ubākirira mu mwiza; Wākira umunyabuntu yuzuye imbabazi kandi w’umugororotsi.


Kuk’ umwansi yahize umutima wanje; Akantsinda hasi akansiribanga; Yatumye ngerēra ahantu h’ umwiza nk’abāpfuye kera.


Barunamye, baratemvye; Ariko tweho tuvuye hasi, turēmye.


Uhoraho ni we muco wanje n’agakiza kanje: nzotinya nde? Uhoraho ni we gihome gikīngira ubugingo bganje, ni nde azonca ivutu?


Abanyankishwa n’inyanduruko z’ibinyoma boye kunyitamba hejuru, Abanyankira ubusa boye kumvunanira akagohe.


Umunyakibi aragurānwa, ntiyishure: Arik’ umugororotsi agira ubuntu, agatanga.


Naho yotemba, ntazoshika hasi rwose, Kuk’ Uhoraho amuramira mu kuboko kwiwe.


Kuko navuze, nti Boye kunyitamba hejuru: Iy’ ikirenge canje kinyereye, banyirata hejuru.


Kuk’ Uhoraho Imana ar’ izuba, ar’ inkinzo; Uhoraho azotanga ubuntu n’ icubahiro: Ntazogira iciza na kimwe yima abagenda batunganye.


Umuco urasira umugororotsi, Bo n’umunezero ku b’imitima itunganye.


Yemwe ab’ inzu ya Yakobo, ni muze tugendere mu muco w’Uhoraho.


Kand’ ubgire imbohe, uti Ni musohoke; n’ abari mu mwiza, uti Ni museruke ahabona. Bazogenda barisha umwagambo ku mayira, kand’ ahār’ uruharabuga hejuru ku misozi hazobabera ivyanya.


Ni nde muri mwebge yubaha Uhoraho, akumvira ijwi ry’umushumba wiwe? Ūgendera mu mwiza, adafise umuco, ni yizigire izina ry’Uhoraho, kandi yisunge Imana yiwe.


Abantu bāgendera mu mwiza babonye umuco mwinshi, abāba mu gihugu c’igitūtu c’urupfu ni bo bākiwe n’umuco.


None Isirayeli ntiwamugize agatwengo? Mbega yabonetsek’ ubusuma? Kuk’ uk’ umuvuga kwose uzunza umutwe.


Kuko vyabanezereye, bikabahimbara, mwebge abanyaga ishamvu yanje; kuko mwikirigita nk’inka y’iriza yo mu magarama, mukaroherana nk’amafarasi y’inkomezi;


Kand’ ubabgire, ut’ Uku ni k’Uhoraho abaza, ati Mbeg’ abantu iyo batemvye ntibasubira kuvyuka? Cank’ umuntu iy’ ahuvye inzira ntasubira kugaruka?


Kuk’ ukw ari k’Umwami Uhoraho agize, ati Ko wakomye amashi, ukavuza imihamirizo, ukītamba hejuru y’igihugu c’i Bgisirayeli n’ akagaye kose ko mu mutima wawe;


Nk’uko witamvye hejuru y’ishamvu y’inzu ya Isirayeli kukw icitse amatongo, uko ni ko nzokugirira: nawe uzoba amatongo, ewe wa musozi Seyiri, na Edomu hose iyo hava hakagera. Maze bazomenya yuko jewe nd’ Uhoraho.


mbere, uku ni k’Umwami Uhoraho agize, ati N’ukuri mvuganye ifuhe rimeze nk’umuriro ku vy’ayandi mahanga no ku vy’Abanyedomu bose bīhaye igihugu canje kw inyegu, bari n’ umunezero wuzuye imitima, n’ akagaye kose ko mu mushaha, ngo bagitange gisahurwe.


Kur’ uwo musi nzovyura urusago rwa Dawidi rwatemvye, nzibire ibihengeri vyarwo; nongere nsanasane ahāshize harwo, ndarwubake rumere nk’uko rwahoze kera;


Yamara ntiwar’ ukwiye kurāba utw’ ininga umusi wa mwene nyoko ugeze, ku musi yashikiweko n’ivyago; umusi Abayuda bagesezwa, ntivyari bikwiye kukunezereza; ntiwari gutwengera mw ijigo ku musi w’amazigirizwa yabo.


Ribga, unihe, ewe mukobga w’i Siyoni, nk’umugore aramutswe; kuk’ ugira ng’ uve mu gisagara, ube mu gahinga, mber’ uzoruha ushike n’i Babuloni: iyo ni ho uzorokorerwa; iyo ni ho Uhoraho azogucungurira, agukūre mu maboko y’abansi bawe.


Maz’ umwansi wanje azobirāba, yicwe n’isoni, uwahora ambgira, at’ Uhoraho Imana yawe iri hehe? Amaso yanje azomwibonera, igihe azosiribangwa nk’ ivyondo vyo mu nzira.


Kur’ uwo musi Uhoraho azokīranira ababa i Yerusalemu; umunyantege nke wo muri bo kur’ uwo musi azomera nka Dawidi; kand’ inzu ya Dawidi izomera nk’Imana, nk’ umumarayika w’Uhoraho ar’ imbere yabo.


Ariko mweho abubaha izina ryanje izuba ry’ubugororotsi rizobarasira, rifise ugukiza mu mababa yaryo. Maze muzosohoka mukina amatavu nk’inyana zivuye mu ruhongore.


Abantu bāri bicaye mu mwiza, Babonye umuco mwinshi, Kand’ abāri bicaye mu gihugu c’urupfu no mu gitutu carwo, Umuco urasiye kuri bo.


N’ukuri, n’ukuri ndababgire: Mweho muzorira muboroge, arikw ab’ isi bo bazonezerwa; mweho muzobabara, arik’ umubabaro wanyu uzocika umunezero.


Yesu yongera kubabgira, ati Jewe nd’ umuco w’isi, ūnkurikira nta ho azogenda mu mwiza, arikw azogira umuco w’ubugingo.


kubahumūra amaso kugira ngo bahindukire bave mu mwiza baje mu muco, bave no mu bubasha bga Satani baje ku Mana, bateko baharirwe ivyaha vyabo, baraganwe n’abejejwe n’ukunyizera.


Imana, imwe yavuze ng’ Umuco wāke, uvuye mu mwiza, ni yo yākiye mu mitima yacu, kwerekana umuco, ni wo kumenya ubgiza bg’Imana buri mu nyonga ha Yesu Kristo.


turahamwa, ariko ntiduhebga; dukubitwa hasi, ariko ntitugwaho:


Kandi wa murwa nturinda kwākirwa n’izuba canke n’ukwezi, kuk’ ubgiza bg’Imana ari bgo buwākira, kandi wa Mwagazi ari we tara ryawo.


Nta joro rizoba rikiriho, kandi ntibazorinda kubonesherezwa n’itara canke kwākirwa n’izuba, kuk’ Umwami Imana ari yo izobākira, kandi bazoba abami ibihe bitazoshira.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ