Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Mika 7:7 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

7 Ariko jeho nzohanga amaso Uhoraho; nzokwitega Imana y’ agakiza kanje: Imana yanje izonyumva.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Mika 7:7
33 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Urukundo rwanje barwishuye kuba abarwanizi banje, Ariko jeho nitwariritse gusenga.


Nditeze Uhoraho, umutima wanje uramwiteze, Kand’ ijambo ryiwe ni ryo nizigiye.


Undōngōre mu kuri kwawe, unyigishe: Kukw ari wewe Mana y’agakiza kanje; Ni wewe nirirwa niteze.


Uhwekerere imbere y’Uhoraho, umurorēre wihanganye: Ntuhagarikwe umutima n’ ūguwe neza mu rugendo rwiwe, N’umuntu ashitsa imigabo mibi.


Kukw ari wewe nishimiye, ewe Uhoraho: Ni wewe uzonyishurira, Mwami Mana yanje.


Uz’ unyambaze ku musi w’ amagorwa, Nzogukiza, nawe uzompesha icubahiro.


Wewe wumva ivyo usabga, Abafise umubiri bose bazoza kuri wewe.


Mbeg’ uzoturakira ibihe bidashira? Uzokomeza uburake bgawe ibihe vyose?


Ehe rāba, Imana ni yo gakiza kanje; nzokwama nizigira, sintinye: kuk’ UHORAHO YEHOVA ari we nkomezi zanje n’indirimbo yanje, kandi yacitse agakiza kanje.


Kur’ uwo musi umuntu azotumbera Umuremyi wiwe, kand’ amaso yiwe azoyashira ku Wera w’Abisirayeli.


Nuko kur’ uwo musi bizovugwa, ngw Eh’ iyi ni yo Mana yacu; ni yo twari turorereye, na yo iradukiza: uyu ni we Uhoraho; ni we twari turorereye; duhimbarwe, tunezererwe agakiza kiwe.


Ni muntumbere mukizwe, mwa mpera zose z’isi: kukw ari jewe Mana, ata yindi.


Kandi nzokwitega Uhoraho, ari we ahisha ab’ inzu ya Yakobo mu nyonga hiwe, nzokwama ndamwizigira.


Uhoraho ni we mugabane wanje, ni k’umutima wanje wama uvuga; ni co gituma nzohora mmwizigira.


Asangw’ ari ko bimeze, Imana yacu dusavye ishobora kudukiza mur’ iryo tanure ry’umuriro uhinda; kandi ntiyobura kudukiza mu kuboko kwawe, mugenzi.


Nuko rero, hindukirira Imana yawe: gumya imbabazi n’ibiroranye, kandi wame urorēra Imana yawe udahengeshanya.


Ewe Uhoraho, ni wewe ntakambiye: kuk’ umuriro waturiye ubgatsi bgo mu bgeranyange, kand’ ibirimi vyawo vyaturiye ibiti vyose vyo ku misozi.


Nzohagarara nshibamye, nje ku munara wo gushibamako, nkenguze ndābe ico aribumbarire, n’ico ndibumwishure, ku vy’ amaganya yanje.


Kukw ivyerekanywe bifise igihe vyashingiwe, kandi vyihutira kugishikako, ntibizobesha; naho vyotebagana, ubirorēre, kuko bitazobura kuza, ntibizoteba.


Arik’ uwo mugore ni yaba atāhumanye, ntiyandure, azoba yēze, ntibizomubuza gusama inda.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ