Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Mika 7:4 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

4 Ūrusha abandi kumera neza ameze nk’umukere, kand’ ūbaye ūrusha abandi kugororoka n’insobane kurusha uruzitiro rw’amahwa: umusi wavuzwe n’abashibamyi bawe urashitse, ari wo wo guhanwa kwawe; kandi muzogwa mu gahundwe.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Mika 7:4
16 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

None muzogira mute umusi muzoshikīrwa, no mw irandura rivudutse kure? Muzohungira kuri nde ngw abatabare? Kandi muzobītsa hehe ubutunzi bganyu?


kukw ar’ umusi w’ubgihebure n’ugusiribangwa n’ukuzazanirwa, uvuye ku Mwami, Uhoraho Nyen’ ingabo, mu kiyaya co kwerekwa; hariho gusangangura inzitiro z’amabuye, n’ amaruru ashika ku misozi miremire.


Mu gishingo c’umubambangwe hazomera igiti c’umuberoshi, mu c’umukēre hazomera ic’ umuhadasi: bizozanira Uhoraho izina ry’iritāzīrano, ikimenyetso kitazoshira, kitazokūrwaho.


N’ivy’ ubusa gusa, n’igikorwa c’uruhendo; igihe cabo co kūzirwa bizoherengetezwa.


ntihazoba hakiri n’amasigarira muri bo, kuko nzozana ivyago ku bagabo bo muri Anatoti, ni wo mwaka wo kūzirwa kwabo.


Kand’ ingabo zaho z’abacangero ziri hagati yaho, zimeze nk’inyana zo mu ruhongore: kuko na zo zakimiranye, zahungiye icarimwe, ntizashinga ikirenge: kuk’ umusi w’ ivyago vyabo ubashitseko, ni co gihe co kūzirwa kwabo.


Mbega har’ isoni bāgize, bamaze gukora ibizira? Eka nta dusoni na mba, nta n’ukumāramāra. Ni co gituma bazotembana n’abari ku mutembo; igihe nzobazira bazogwaho, ni jewe Uhoraho mbivuze.


Kandi nawe, mwana w’umuntu, ntuz’ ubatinye, ntuz’ utinye n’amagambo yabo, n’iyo woba mu mikere no mu mahwa, ukabana na za sikorupiyo: ntuz’ utinye amagambo yabo, canke ng’urandurwe umutima n’igitsure cabo, nah’ ar’ inzu y’abagarariji.


Kand’ ab’ inzu ya Isirayeli ntibazokwongera kugira umukere ubahanda, cank’ umubambangwe ubasāsāta mu babakikije bose, bāhora babagirira nabi; maze bazomenya yuko jewe nd’ Umwami Uhoraho.


Maz’ arambaza, at’ Ubonye iki ga Amosi? Nti Mbonye igisimbo c’amatunda ahīshiye. Maz’ Uhoraho arambgira, at’ Amateka y’abantu banje b’Abisirayeli arahīshishijwe; kandi sinzosubira kwirengagiza ivyabo ukundi.


Kuko naho bomera nk’amahwa azitanye, canke bagahindurwa iveve n’inyobga, bazotōngōrwa rwose nk’ibirararara vyumye.


Kandi hazoba ibimenyetso ku zuba no ku kwezi no ku nyenyeri, kandi no mw isi hazoba imibabaro mu mahanga, bazotegekanishwa n’ukubomborana kw’ikiyaga n’imipfunda;


Arikw iyo zimezemw’ imikere n’ibitovu, ziba zisivye, ziba zishigaje gatoya zikavumwa, iherezo ryazo n’uguturirwa.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ