Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Mika 7:3 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

3 Amaboko yabo yamogoreye gukora ibibi; umuganwa ari n’ivyo yāka, umucamanza aca ingurire, ūhambaye yenyaguza ivyifuzo bibi vyo mu mutima wiwe: uko ni ko babijishira hamwe.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Mika 7:3
26 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Ūteranya amaso ngo yigerere ibigoramye, Agafumbanya iminwa, ni we ashitsa ibibi.


Umuntu w’umunyakibi agoborora ingurire mu kwaha Kugira ngw agoreke inzira z’ imanza.


Abakuru bawe n’abagarariji, n’abagenzi b’ibisuma; umuntu wese muri bo akunda ingurire, akurikira guhongerwa; ntibacira urubanza impfuvyi, kand’ imanza z’abapfakazi ntizigera aho bari.


Kuk’ Uhoraho arikw arava i we azanywe no guhanira ababa mw isi ukugabitanya kwabo; ivu rizogaragaza ibitenga vy’amaraso yaviriye kuri ryo, kandi ntirizoba rigitwikiriye abishwe bo muri ryo.


Abantu bazohahazanya, umuntu wese azohahazwa na mugenzi we, umuntu wese ahahazwe n’umubanyi wiwe: umusore azoshinyaguriza umutāma, n’inkēngērwa izoshinyaguriza umunyacubahiro.


Kand’ ibikoreshwa vy’uwigungirako ni bibi: agira akazikira k’ikibi ko kuzikiriza abagorwa n’amagambo y’ibinyoma, naho hoba umukene afise urubanza.


bagatsindanishiriza abanyakibi kubg’ ingurire, ariko bagakūra urubanza ku bagororotsi!


uti Mbeg’ uzohorana uburake imisi yose? Uzobgamana gushitsa kw iherezo? Mbega si wewe wavuze ibintu bibi, ugatak’ ukabikora, ukīgira uk’ ugomba?


Ereg’ abantu banje n’ibipfu, ntibanzi; n’abana b’ibijuju, nta bgenge bagira: bagira ubgenge bgo gukora ibibi, ariko mu vyo gukora ivyiza nta co bazi.


Ni co gitumye abagore babo nzobaha abandi, n’amatongo yabo nkazoyaha abandi bakayegukira: kuk’ umuntu wese, uhereye kuri nyarucari muri bo ugashitsa no k’ūhambaye wo muri bo, yifuza inyungu mbi: kand’ uhereye kuri ba kamenyi ugashitsa no ku baherezi, umuntu wese aragunga.


Muri wewe bābīra ingurire yo kuvisha amaraso; waka ay’ inyungu ku ngurāne, ukāka n’ ibirenzeko, uronka inyungu kuri bagenzi bawe ku gahotoro, ariko jewe waranyibagiye; ni k’Umwami Uhoraho agize.


Abaganwa baho bameze nk’amabingira atabagura ico ahīze; bavisha amaraso, bagahonnya abantu, ngo bironkere inyungu.


Rāba abaganwa b’Abisirayeli baba muri wewe uko bangana bakoresha ububasha bgabo kuvisha amaraso.


Ko muzisitisha imbavu n’ibitugu, izirwaye zose mukazisunikisha amahembe yanyu, gushitsa muzisanzarije kure;


Maz’ arambarira, at’ Ibigabitanyo vy’inzu ya Isirayeli n’iya Yuda birarengeranye rwose, kand’ igihugu cuzuye ibitenga vy’amaraso, n’igisagara cuzuye kugoreka imanza: kuko bavuga, bat’ Uhoraho yāhevye igihugu, bati Kand’ Uhoraho nta co abona.


Ibinyobga vyabo vyacitse umururazi: basambana ubudahumeka; abatware babo bakunda ibiteye isoni birenze urugero.


Umwami bamuteresha umunezero ivyaha vyabo, n’abaganwa bawubateresha ubuhemu bgabo.


Kuko nzi ibicumuro vyanyu ingen’ ari vyinshi, n’ivyaha vyanyu ingen’ ar’ ibikomeye, yemwe abahahaza umugororotsi, mukarya ingurire, mukazibiranya abakene mu manza muri mw ishikiro ry’igisagara.


Ariko mur’ ibi bihe abantu banje mumpagurukiye nk’abansi: abagenda ata co bīnona, batagomba intambara, mubakiza imitamana basēsa hejuru y’izindi.


Abakuru baho baca imanza kubg’ ingurire, n’abaherezi baho bigishiriza ingero, n’abavugishwa baho baragurira kubona ingemu: yamara bisunga Uhoraho, bakavuga, bati Mbeg’ Uhoraho ntari muri twebge? bat’ Erega nta cago kizodushikako.


Yemwe abanka ivyiza mugakunda ibibi; abantu banje mukaborosorako urukoba rwabo, mugaharura inyama ku magufa yabo;


arababaza, ati Mwompēra iki, nkazomubaronkera? Bamugerera intete z’ifeza mirongwitatu.


Ni co gituma mudakwiye guca urubanza rw’ikintu na kimwe igihe carwo kitarashika, ni co kuza kw’Umwami wacu, azomurika ivyari vyanyegejwe mu mwiza, kand’ azogaragaza inama zo mu mitima: ni ho umuntu wese azohabga n’Imana ishimwe rimukwiye.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ