Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Mika 7:19 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

19 Uzoduhindukirira utugirire ikigongwe; uzosiribangira ibigabitanyo vyacu musi y’ ibirenge vyawe: kand’ uzoterera ivyaha vyacu vyose i bgina mu kiyaga.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Mika 7:19
36 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Dawidi yishura Gadi, ati Ndagowe rwose: ni dupfume dukorokera mu maboko y’Uhoraho, kukw imbabazi ziwe ari nyinshi; ariko noye gukorokera mu maboko y’abantu.


Nk’ukw i burasirazuba hitanguye i burengerazuba, Uko ni ko yashize kure ibicumuro vyacu.


Kandi ni we azocungura Abisirayeli, Abakūrekw ivyo bagabitanije vyose.


Wakūyeh’ uburake bgawe bgose, Warigaruye, ureka ubukare bg’uburake bgawe.


Kand’ uwaho ntazovuga, ati Ndarwaye: abantu bahaba bazoba bahariwe ukugabitanya kwabo.


Ereg’ icatumye ngira umubabaro w’umururazi mwinshi kwar’ ukugira ngo ndonke amahoro; Kand’ urukundo wakunze ubugingo bganje rwātumye ubukiza urwobo rw’ iborero, Kukw ivyaha vyanje vyose wabirengeje inyuma yawe.


Jewe, ni jewe nyene nsibanganya ibicumuro vyawe kubganje nyene, kand’ ivyaha vyawe sinzovyibuka ukundi.


Mbega Efurayimu n’umwana wanje nkunda koko? N’umwana ateye igomwe? Kuk’ uko ndamukankamiye nama ndamwibukana igishika; ni co gituma ndamuhagarikira umutima: sinzobura kumugirira ikigongwe, ni jewe Uhoraho mbivuze.


Kandi ntibazoba bacigishanya, ng’ umuntu wese yigishe mugenzi we, canke ngo yigishe uwo bavukana, ati Menya Uhoraho; kuko bose bazonyimenyera, uhereye kuri nyarucari ugashitsa k’ūhambaye, ni jewe Uhoraho mbivuze; kuko nzoharira ukugabitanya kwabo, kand’ icaha cabo sinzocibuka ukundi.


Nzobōza ibigabitanyo vyabo vyose, ivyo bangabitanijeko; nzobaharira ibigabitanyo vyabo vyose bangabitanijeko n’ivyo bancumuyeko.


Mur’ iyo misi no mur’ ico gihe, ni jewe Uhoraho mbivuze, ibigabitanyo vy’Abisirayeli bizoronderwa, bibure; n’ivyaha vy’Abayuda na vyo ntibizoboneka: kuko nzoharira abo nashigaje kuba amasigarira.


N’ukw imbabazi z’Uhoraho ari zo zatumye tudaherengetezwa, kukw ikigongwe ciwe kidahera:


Naho yomubabaza, arikw azomugirira ikigongwe, nk’ ukw isinzi ry’imbabazi ziwe riri.


Ibicumuro vyiwe vyose yacumuye nta na kimwe kizokwibukwa ngo gishirwe kuri we; azobeshwaho n’uko yakoze ivy’ ukugororoka.


canke ngo nongere kubahisha mu nyonga hanje; kuko nzoba nasutse Mpwemu wanje ku nzu ya Isirayeli, ni k’Umwami Uhoraho agize.


Amayinga mirongwirindwi agerewe ubgoko bganyu n’igisagara canyu cera, kugira ngw ibicumuro bishire n’ivyaha birangizwe, n’ibigabitanyo bitangirwe impongano, hazanwe ukugororoka kutazoshira, ivyo weretswe n’ivyavugishijwe n’Imana ngo bimatanishwe ishashara idomwemw’ ikimenyetso, ahēra cane harobanuzwe amavuta.


Mujane amajambo yo kwisaba mugaruke k’Uhoraho; mumwinginge, muti N’uduharire ibigabitanyo vyose, uduhangaze: muti Mu gishingo c’amapfizi tuzogushikanira ibimazi vy’iminwa yacu.


Nzoharira ugusubira inyuma kwabo, nzobakunda urukundo rutagira akagero: kuk’ uburake bganje busubiye inyuma bubavuyeko.


Uwo mumarayika araheza abarira abamuhagaze imbere, ati Ni mumwambure izo mpuzu z’ubuhoma. Maz’ abarira Yosuwa, ati Rāba ngukūyek’ ukugabitanya kwawe, kandi ngira nkwambike imyambaro ishajije.


Icaha ntikizobaganza, kuko mutaganzwa n’ivyagezwe, ariko muganzwa n’ubuntu.


Kuko namba mwitondera ivy’ akameremere kanyu, ntimuzobura gupfa: ariko ni mwica ivy’ umubiri ukora, muvyicisha impwemu, muzobaho.


Uhoraho Imana yanyu azotuma muhindukira, muve mu kinyago, abagirire ikigongwe, asubire kubakoraniriza hamwe, abakūye mu mahanga yose ah’ azoba yarabasābagirije.


Kand’ Uhoraho Imana yanyu azokūrah’ ukudakebga kwo mu mitima yanyu, n’ukwo mu mitima y’uruvyaro rwanyu, kugira ngo mumukundishe imitima yanyu yose, n’ubugingo bganyu bgose, mubone kubaho.


Kuk’ Uhoraho azocira urubanza abantu biwe, Azokwirīmbūra ku vyo agirira abashumba biwe, Ni yabona yuk’ ubushobozi bgabo buheze, Ata wugisigaye, n’iyo yoba imbohe cank’ uwidegemvya.


yatwiguze kugira ngw aducungure, adukūrekw ivyo twagabitanije vyose, kandi yihumanurire ubgoko ngo babe icibare ciwe, barwane ishaka ry’ibikorwa vyiza.


Kuko nzobagirira ikigongwe ku kugabitanya kwabo, Kand’ ivyaha vyabo sinzovyibuka ukundi.


Ūkora ivyaha n’uwa wa Murwanizi, kuk’ uhereye ubga mbere na mbere uwo Murwanizi yamye akora ivyaha. Icatumye Umwana w’Imana ahishurwa ngiki: n’ukugira ngw asangangure ibikorwa vy’Umurwanizi.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ