Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Mika 7:17 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

17 Bazorigata umukungugu nk’inzoka, basokoroke mu binyegero vyabo nk’ivyikwega hasi, bahinda agashitsi; bazoza k’Uhoraho Imana yacu batinya, bafise ubgoba.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Mika 7:17
27 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Abanyamahanga barakabiranye, Bava mu binyegero vyabo bahinda agashitsi.


Maz’ ubgoba buvuye k’Uhoraho bufata abami bo mu bihugu vyose bikikije i Buyuda, ntibāruha bubahuka gutera Yehoshafati.


Abanyamahanga barakabiranye, Bava mu binyegero vyabo bahinda agashitsi.


Mber’ abami bose bazomwikubita imbere, Amahanga yose azomusaba.


Ababa mu bugaragwa bazomwunamira, Abansi biwe bazorigata umukungugu.


Uhoraho, n’ubatere ubgoba; Amahanga yimenye kw ar’ abantu buntu. Sela.


Ni co kizotuma ubgoko bg’ inkomezi bukwubaha, igisagara c’amahanga y’agaterabgoba kizogutinya.


Kand’ abami bazokubera ba se babakurerera, n’abamikazi babo bazokubera ba nyina babakwonkereza; bazokwikubita imbere bubamye hasi, barigate umukungugu wo ku birenge vyawe; nawe uzomenya ko nd’ Uhoraho, kand’ abanyiteze ntibazomāramāra.


Ni ho bazokwubaha izina ry’Uhoraho, uhereye i burengerazuba, n’icubahiro ciwe uhereye iyo rirasira: kukw azoza nk’uruzi rusēnyerana, rukubebga n’impwemu z’Uhoraho.


abahungu b’abāguhahaza bazoza bakubite inkoro hasi imbere yawe, n’abāgukēngēra bīkubite imbere y’ibirenge vyawe, bakwite Umurwa w’Uhoraho, Siyoni h’Uwera w’Abisirayeli.


bikaba nk’uk’ umuriro ufata inyabara, kandi nk’uk’ umuriro ubiza amazi: kugira ngw izina ryawe rimenyekane mu bansi bawe, amahanga ahindire agashitsi imbere yawe.


Ibingira n’umwagazi w’intama bizorīshanya; intambge izorīsha ubgatsi nk’inka; kand’ umukungugu ni wo uzoba ivyo kurya vy’inzoka. Ntibizoryana canke ngo bigire ico vyica ku musozi wanje wera iy’ uva ukagera, ni k’Uhoraho agize.


Bizoza, vyose bizokwarara mu biyaya bisigaye ar’ imisaka, no mu masenga yo mu bitandara, no ku mahwa yose, no ku bgatsi hose.


Ehe nzotuma ku barovyi benshi, ni jewe Uhoraho mbivuze, bazobaroba; hanyuma nzotuma ku bahīgi benshi, na bo bazobahiga ku gisozi cose no ku karambi kose no mu vyobo vyo mu bitandara.


Kand’ iki gisagara kizombera izina ry’umunezero, kimbere n’ishimwe n’icubahiro imbere y’amahanga yose yo mw isi, abazokwumva ivyiza vyose nabakoreye; bazotinya bahinde agashitsi kubg’ ivyiza vyose n’ amahoro yose ndahahaye.


N’ashikane umunwa wiwe mu mukungugu, namba kumbure harih’ ivyizigiro.


Muzohunga muce mu ruhomoka rwo mu misozi yanje; kuk’ uruhomoka rwo mur’ iyo misozi ruzoshika no kuri Azeli: mbere muzohunga nk’uko mwāhunze hamwe isi yatigita ku ngoma ya Uziya umwami w’i Buyuda; maz’ Uhoraho Imana yanje azoza azananye n’abera bose.


Bazogenda bamarwa umunywera n’inzara, bahondoberezwe n’umururumbo, N’ikiza gikaze; Nzobatērēra ibikōko, bibate mu menyo yavyo, Ndabatērēre n’ivyikwega mu mukungugu vy’ubumara.


Bishura Yosuwa, bat’ Erega twebge abasavyi bawe bātubariye inkuru y’imvaho yuk’ Uhoraho Imana yawe yabariye Mose umusavyi wayo kw azobaha iki gihugu cose, no kuzorandura bene co; ni co catumye dutinyirira amagara yacu kubganyu, tugakora durtyo.


Ehe nguhaye bamwe bo mw isinagogi ya Satani, biyita Abayuda, atari bo, ariko babesha; ehe nzobagōbēra kuza, bikubite imbere y’ibirenge vyawe, bamenye yuko nagukunze.


Nuko bompi baseruka ah’ abo mu nsago z’Abafilisitiya bababona; maz’ Abafilisitiya baravuga, bat’ Ehe rāba Abaheburayo barasokorotse mu myobo bāri binyegejemwo!


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ