15 Nzokwereka ibitangaza, nk’ivyo mu gihe wava mu gihugu ca Egiputa.
Umwami Imana yaravuze, ati Nzobagarukana bave i Bashani, Nzobagarukana bave i bgina mu kiyaga:
Nuko nzobangura ukuboko kwanje, nkubitishe Egiputa ibitangaza vyanje vyose, ivyo nzokorera hagati muri ho: hanyuma y’ivyo azobarekura.
Uhoraho aramwishura, ati Rāba, ndasezerana isezerano: nzokorera ibitangaza imbere y’ihanga ryanyu ryose, bitigeze gukorwa mw isi yose canke mu rindi hanga na rimwe; abantu bose urimwo bazobona igikorwa nzokora, kuko nzogukoresha ibiteye ubgoba.
Kandi hazoba inzira y’iroro y’amasigarira y’abantu biwe, abazoba bagisigaye, iva muri Ashuri, nk’iyo Abisirayeli bābonye hamwe bādūga bava mu gihugu ca Egiputa.
Si wewe wakamije ikiyaga, amazi maremare yo mw idamba; ugahindura i bgina bgo mu kiyaga kuba inzira ngw abācunguwe bayicemwo?
Ikangure, ikangure, wambare inkomezi, ewe wa kuboko kw’ Uhoraho; ikangure nko mu misi ya kera, nko ku runganwe rw’ibihe vyashize, uko rwagenda rukurikirana. Mbega si wewe wahimbaguye Rahabu, ugasogota ca gisato c’amahēro?