Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Mika 7:14 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

14 Ragiza abantu bawe inyobozo yawe, ari bo mukuku wawe wīzīziye, bībēra ukwabo mu kibira co hagati kuri Karumeli: barishe i Bashani n’i Gileyadi, nko mu gihe ca kera.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Mika 7:14
35 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Mumenye yuk’ Uhoraho ari we Mana: Ni we yaturemye, natwe tur’ abiwe, Tur’ abantu biwe, tur’ intama zo mu canya ciwe.


Nibutse imisi ya kera; Ndimbūra ivyo wakoze vyose: Ngereranya igikorwa c’amaboko yawe.


Kiza abantu bawe, uhe ishamvu yawe umugisha: Kand’ ubaragire, wame ubaramira ibihe bidashira.


Kukw ari we Mana yacu, Natwe tur’ abantu b’icanya ciwe, tur’ intama zo mu kuboko kwiwe. Uyu musi icompa mukumva ijwi ryiwe!


None n’iki comenyekanisha yuko nagiriwe ubuntu imbere yawe, twe n’iryo hanga? Mbega s’uko wojana natwe, bigatuma twe n’ihanga ryawe dutandukanywa n’amahanga yose ashagaje kw isi?


Ereg’ uri mwiza, mukunzi wanje, n’ukuri uri mwiza pe; Amaso yawe acishirije mu mwitwikiro wawe asa n’ inuma: Umushatsi wawe umeze nk’ umukuku w’impene Zivyagiye ku nkēngēra y’umusozi w’i Gileyadi.


Maze kur’ uwo musi inzamba niniya izovuzwa; kandi hazoza abāriko barahona mu gihugu ca Ashuri, n’abirukanywe mu gihugu ca Egiputa; bazosengera Uhoraho ku musozi wera i Yerusalemu.


Buzoshurika amashurwe menshi, buhimbaranwe umunezero n’indirimbo; buzohabga ubgiza bg’i Lebanoni, n’ugushaza kw’i Karumeli n’i Sharoni: bazobona ubgiza bg’Uhoraho, ugushaza kw’ Imana yacu.


Watumye abantu bawe kuntuka, jewe Umwami Imana, uravuga, ng’ Udūganye igitero cinshi c’imikogote yawe y’intambara, ushitse mu mpinga z’imisozi, no mu dushōka tw’i Lebanoni; ngo Wiciye ibiti vy’amasederi vyaho birebire, n’ivy’ akajwari vyaho vyiza‐vyiza; ngo Wahanyuragiye ushika ku mpinga yaho hirya cane, no mu biti vyo mw itongo ryaho rimera cane.


Azoragira umukuku wiwe nk’umwungere, azoterura imyagazi mu maboko, ayitware mu gikiriza, kand’ izonsa azoziyobora buhoro‐buhoro.


Ntibazokwicwa n’inzara canke n’inyota, kand’ indugumba ntizobahundagaza cank’ izuba: kuk’ uwabagiriye ikigongwe azobaja imbere, akabashikana no ku masōko y’amazi.


Maz’ i Sharoni hazoba icanya c’intama, kand’ ikiyaya c’i Akori kizoba ivyagiro ry’ inka, n’uburuhukiro bg’abantu banje bandondeye.


Ni muhaguruke mudūge, muje kw ihanga ryidibamiye, ryibereye aho ata co ryinona, ritagira imyugariro cank’ ibihindizo, ryibera aho ukwaryo, ni k’Uhoraho agize.


Mu gihe c’umubabaro waho n’ivyago, Yerusalemu hibutse Ibihimbaro vyaho vyose hāhoranye uhereye kuva kera. Hamwe abantu baho bākorokeye mu maboko y’umurwanizi, ntihabone ūhatabara, Abarwanizi bārahabona, bakahatwengera mw ijigo ko habaye imisaka.


N’utwigarukanire, Uhoraho we, natwe turakugarukira; Dukomōrere imisi yacu nk’ iyo twahoranye ubga mbere,


Nzobagwizakw abantu n’amatungo, bigwire birondoke: nzotuma musagazwako, mumere nk’ uko mwari mumeze ubga mbere; kandi nzobagirira neza kuruta uko nabagirira ubga mbere: maze muzomenya yuko jewe nd’ Uhoraho.


Kandi mu masho no mu mikuku, uko zigenda ziharūzwa inkoni, ikigiracumi co mur’ izo zose kize kibe icera canje, jewe Uhoraho.


Kur’ uwo musi nzovyura urusago rwa Dawidi rwatemvye, nzibire ibihengeri vyarwo; nongere nsanasane ahāshize harwo, ndarwubake rumere nk’uko rwahoze kera;


Kand’ ab’ i bumanuko bazokwegukira umusozi wa Esau; n’ababa mu kiyaya begukire i Bufilisitiya; bazokwegukira igihugu ca Efurayimu, n’igihugu c’i Samariya: kand’ i Gileyadi hazoba aha Benyamini.


Azohagarara, aragire umukuku wiwe mu nkomezi z’Uhoraho, no mu cubahiro c’ izina ry’Uhoraho Imana yiwe: kandi bazokwībērah’ umugaramango; kukw ico gihe ubukuru bgiwe buzoshika ku mpera z’isi.


Amasigarira y’Abisirayeli ntibazokora ivyo kugabitanya, canke ngo bavuge ibinyoma, kandi nta rurimi rw’ubugunge ruzoboneka mu kanwa kabo: bazorisha bagaramange, ata wubateye ubgoba.


Nzokwongera mbatārūre no mu gihugu ca Egiputa, mbakoranye mbakūre muri Ashuri: maze mbashitse mu gihugu c’i Gileyadi n’i Lebanoni: mbere ntibazohakwirwa.


Nuko nca ndagira umukuku w’imbāgwa, mbere zar’ intama z’imyaku. Maze nābīra inkoni zibiri, imwe ndayita Buntu, iyindi ndayita Yungiro; nuko ndagira umukuku.


Ni ho amashikanwa y’i Buyuda n’i Yerusalemu azohimbara Uhoraho, nk’uko vyamuhimbara mu misi ya kera no mu myaka yahise.


Kuko nababonye mpagaze hejuru ku bitandara, Nkabitegereza mpagaze ku misozi. Rāba, n’ihanga ryībēra ukwaryo, Ritīharūra mu yandi mahanga.


Abareyubeni n’Abagadi bari bafise ibitayega vy’isinzi. Babonye igihugu c’i Yazeri n’ic’i Gileyadi kw ar’ ahantu h’amaragiro meza,


igihugu Uhoraho yaneshereje ishengero ry’Abisirayeli, n’igihugu c’amaragiro, kandi twebge abasavyi bawe tur’ abanyenka.


ngo Kandi wewe, Betelehemu mu ntāra ya Yuda, Nturi mutoya mu baganwa ba Yuda, Kuko kuri wewe hazova ūganza, Ni we azoragira abantu banje b’Abisirayeli.


S’ab’ isi, nk’uko nanje ntar’ uw’ isi.


Uko ni kw Abisirayeli bahavuye baba amahoro, Iriba rya Yakobo rikībēra ukwaryo Mu gihugu kibamw’ ingano na vino, Ijuru ryaco rigatonyanga ikime.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ