13 Yamar’ isi izohinduka umusaka, kubg’ abayibako, bahōwe ivy’ ibikorwa vyabo vyāmuje.
Nk’uko ngenda mbibona, abarima ibigabitanyo, Bakabiba amagorwa, ni vyo bazokwimbura.
Ni co gituma bazorya ku vy’ inzira zabo zāmuje, Bazohāga akazīkira kabo ubgabo.
Aragahabga ibiva mu maboko yiwe, Kand’ ibikorwa vyiwe ni bimushire hejuru aho bakoraniye mw ikombe ry’ igisagara.
Umunyavyaha, ukugabitanya kwiwe bgite ni kwo kuzomufata, Azodunuzwa n’ingoyi z’icaha ciwe.
Kur’ uwo musi ibisagara vyiwe bikomeye bizoba nk’imisaka isigaye mw ishamba no ku mpinga z’imisozi, aho bātuze bahunga Abisirayeli: hazosigara ar’ amatongo.
Ni jewe Uhoraho nsesa umutima, nkagerageza umushaha, kugira ngo ngerere umuntu wese ibikwiranye n’ingeso ziwe, n’ibikwiranye n’ivy’ ibikorwa vyiwe vyeze.
Nzobahana nk’ukw ibikorwa vyanyu vyamuje, ni jewe Uhoraho mbivuze; kandi nzodomeka umuriro mu kibira caho uzotongora ibiri hirya no hino yaho vyose.
Kand’ iki gihugu cose kizoba amatongo n’akajoreza; kand’ ayo mahanga azokorera umwami w’i Babuloni imyaka mirongwirindwi.
ur’ umujanama ahambaye, ur’ umunyenkomezi mu bikorwa; inyonga zawe zītegereza ingeso zose z’abana b’abantu, kugira ng’ ugerere umuntu wese ibikwiranye n’ ingeso ziwe, n’ibikwiranye n’ivy’ ibikorwa vyiwe vyamuje.
kand’ ubarire abantu bo mu gihugu, ut’ Uku ni k’ Umwami Uhoraho agize ku vy’ abar’ i Yerusalemu no mu gihugu c’i Bgisirayeli, ati Bazorya ivyo kurya vyabo bahagaritse imitima, banywe amazi yabo bumiwe, kukw igihugu kizohinduka imisaka, ivyaho bigasahurwa vyose, bazize umuryano w’abakibamwo bose.
Kand’ igihugu nzogihindura imisaka n’akajoreza, ubgibone buterwa n’ububasha bgaho buzoherengetera; kand’ imisozi y’i Bgisirayeli izosigara ar’ imisaka, bitume ata wuzoba akihaca.
Nuko ni co gituma Siyoni hazohinduka ubusīze kubganyu, n’i Yerusalemu hahinduke ibirundo vy’amasakamburira, n’umurwa wubatswekw iyi ngoro uhinduke nk’ ikibira kiri ku mpinga y’umusozi.
Maze namwe har’ igihe muzotakambira Uhoraho, ntabishure, mber’ azobahisha mu nyonga hiwe ico gihe, nk’uko namwe mwagize nabi mu vyo mwakoze.
Ni co gituma azobagabura mu bansi, gushitsa ah’ ūramutswe azovyarira: ni ho amasigarira yo mu bavukana na we azogaruka mu Bisirayeli.
Ni co gituma nzogukubita nkagusāvya, nkugeseze nguhōye ivyaha vyawe.