Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Mika 7:12 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

12 Kur’ uwo musi bazoza kuri wewe bavuye muri Ashuri no mu bisagara vyo muri Egiputa, uhereye muri Egiputa ugashitsa kuri rwa Ruzi, uhereye ku kiyaga ugashitsa ku kindi, uhereye ku musozi ugashitsa ku wundi.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Mika 7:12
15 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Kandi kur’ uwo musi Umwami Imana azotuma ukuboko ubugira kabiri, kugarukana amasigarira y’abantu biwe, abazoba bagisigaye, abakūre muri Ashuri no muri Egiputa n’i Patirosi n’i Kushi no muri Elamu n’i Shinari n’i Hamati no mu bizinga vyo mu kiyaga.


Kandi hazoba inzira y’iroro y’amasigarira y’abantu biwe, abazoba bagisigaye, iva muri Ashuri, nk’iyo Abisirayeli bābonye hamwe bādūga bava mu gihugu ca Egiputa.


nzobgira i burārūko, nti Barekure, n’i bumanuko, nti Ntubīmane; zana abahungu banje ubakūye kure, n’abakobga banje ubakūye ku mpera y’isi;


Ehe bamwe bazova kure: eh’ abandi bazova i burārūko n’i burengerazuba, kand’ abandi bazova mu gihugu c’i Sinimu.


Kandi nzokoraniriza hamwe amasigarira y’ umukuku wanje, ndazikūre mu bihugu vyose aho nazirukaniye, ndazigarukane ukundi gusha mu mpongore zazo; zizorondoka zigwire.


Mur’ iyo misi ab’ inzu ya Yuda bazogendana n’ab’ inzu ya Isirayeli, bazanane bava mu gihugu c’i burārūko, baza mu gihugu nahaye ba sogokuruza banyu k’umwandu.


Ehe nzobazana mbakūye mu gihugu c’i burārūko, mbakoranirize hamwe mbakūye ku mpera z’ isi; kandi bazozanana n’impumyi n’ūcumbagira, n’umugore akuriwe hamwe n’ūramutswe: bazogaruka ino ar’ ishengero rinini.


Ariko weho ntutinye, ewe Yakobo musavyi wanje, nturanduke umutima, ewe Isirayeli: kuko rāba nzogukiza ngukūre kure, uruvyaro rwawe ndarukūre mu gihugu rwajanywemwo ar’ inyagano; Yakobo azogaruka, kand’ azokwibera amahoro ata nkomanzi, kandi nta wuzomutera ubgoba.


Kur’ uwo musi nzomereza ab’ inzu ya Isirayeli ihembe; nawe nzoguha guteranurira akanwa hagati muri bo; maze bazomenya yuko nd’ Uhoraho.


Maz’ ubabgire, ut’ Uku ni k’Umwami Uhoraho agize, ati Rāba ngira nkūre Abisirayeli mu mahanga bāgiyemwo, mbakoranirize hamwe mbakūye mu mpande zose, mbashikane mu gihugu cabo bgite;


Bazoza bavuye muri Egiputa bahinda agashitsi nk’inyoni, no muri Ashuri bameze nk’inuma, kandi nzobabesha mu mazu yabo, ni k’Uhoraho agize.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ