11 Umusi wo gusubira kwubaka inzitiro zawe uraje! Kur’ uwo musi urugabano rwawe ruzokwigizwayo, rushirwe kure.
Maze ndababarira, nti Mbega ntimubona ayo twabonye, ingen’ i Yerusalemu hahindutse imisaka, n’amarembo yaho akaba yarahīye! Enda ni muze dusubire twubake uruzitiro rwaho, kugira ngo twoye kwama tur’ agatwengo.
bo n’ icete nshira Asafu, umurinzi arinda icibare cawe, kugira ngw ampe ibiti vyo kubāza ibikingi vy’amarembo y’igihome c’abashibamyi co ku ngoro, bo n’ivy’ uruzitiro rw’igisagara n’ivy’ inzu nzobamwo. Nuk’ umwami arabinyemerera, abitewe n’ikiganza ciza c’Imana cari kuri jewe.
Kandi na Tobiya w’Umwamoni yar’ ahagararanye na we, aravuga, ati Ni mubareke bubake! N’imbgebge yosimbira kur’ urwo ruzitiro rw’ amabuye rwoca rusenyuka!
Nuko dushimikira kwubaka uruzitiro, rwose turaruhwanya, gushitsa rutimbanye; kukw abantu bari bashize umutima kur’ ico gikorwa.
Ewe uhahazwa, ukazungagizwa n’inkūbi y’umuyaga, ntugire ikikuremesha, ehe nzokwubakisha amabuye yitwa simaragido, amatanguriro yawe nzoyubakisha ayitwa safiro.
Tāzānura ikibanza c’ihema ryawe, ni bāgure amahema y’ah’ uba; ntugarukize hafi; wungure imigozi yaryo, ushimangire imambo zaryo.
Kand’ ahār’ imisaka kera hazosubira kwubakwa; bazokwubaka ku matanguriro yariho mu bindi bihe; kand’ uzokwitwa Uwica ibirengero, n’Ūsibūra inzira zija mu ngo.
Nuko bazokwubaka ahār’ imisaka kera, bahagarike ahāsanganguwe ubga mbere, kandi bazosubira kuvyura ibisagara vyāsenyutse, ivyāmaze ibihe vyinshi ar’ imisaka.
Nuk’ umenye, utahure, yuk’ uhereye igihe icagezwe kizoshingirwa co kuvyura no kwubaka Yerusalemu gushitsa kuri Mesiya Segaba, hazocah’ amayinga ndwi; maze habeh’ ayandi mayinga mirongwitandatu n’abiri, hasubire kwubakwa, basubizeh’ imiharuro n’ imigende; mbere bizoba bikorwa mu bihe bigoye.