Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Mika 7:10 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

10 Maz’ umwansi wanje azobirāba, yicwe n’isoni, uwahora ambgira, at’ Uhoraho Imana yawe iri hehe? Amaso yanje azomwibonera, igihe azosiribangwa nk’ ivyondo vyo mu nzira.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Mika 7:10
42 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Maze ndabasya, bacika nk’ umukungugu wo kw isi, Ndabasiribanga nk’umwavu wo ku nzira, ndabashwiragiza.


Abansi banje ni bambikwe agatēterezo, Bambare isoni zabo nk’umutamana.


N’iki gituma abanyamahanga babaza, Ngw Imana yabo iri hehe?


Maze ndabasya, bacika nk’ umukungugu utumurwa n’ umuyaga, Mbata nk’umwavu ku nzira.


Abanezerezwa n’uko ngiriwe nabi bicwe n’isoni, bateteranwe: Abanyiratako bambikwe isoni n’ugukēngērwa.


Abansi banje bantuka nk’abanjanjagura amagufa, Bakarenza izuba bambaza, bat’ Imana yawe iri hehe?


Amosozi yanje ni yo yambereye ivyo kurya ku murango no mw ijoro, Bakarenza izuba bambaza, bat’ Imana yawe iri hehe?


Umugororotsi azonezerwa ni yabona ukwo guhōra: Azokwogesha ibirenge vyiwe amaraso y’ababi.


N’iki gituma abanyamahanga bavuga, ngw Imana yabo iri hehe? Ingen’ uhōra amaraso y’ abasavyi bawe yavuye Ni bimenyekane mu banyamahanga imbere yacu.


Umugororotsi azototahara nk’ ikigazi, Azoshirwa hejuru nk’igiti c’ isederi c’i Lebanoni.


Uhoraho, umanitse ukuboko, yamara ntibabibona; ariko bazobona umwete ugirira abantu, bamāramāre; mber’ umuriro uzorigata abansi bawe.


Nahagurukije umuntu avuye i burārūko, kand’ araje; uwambaza izina ryanje avuye i burasirazuba: azokāta abaganza nk’ūkāta urwondo, canke nk’uk’ umubumvyi akāta ibumba.


Kuko rāba, nakugize ritoya ku yandi mahanga, n’inkēngērwa mu bantu.


Kand’ ab’ i Babuloni, bo n’ababa i Bukaludaya bose, nzobasubiriza mu nkōko ibibi vyabo vyose bākoreye i Siyoni mubona, ni jewe Uhoraho mbivuze.


Turatēterewe, kuko twumvise ibitutsi; mu maso hacu haje ibimāramāre: kukw abanyamahanga binjiye mu myanya yera yo mu ngoro y’Uhoraho.


Kandi bazokenyera amagunira, ubgoba bubatwikire, kandi mu maso ha bose hazogira ibitētērwa, no ku mitwe ya bose hazoba inkomvorera.


Nuko noneho ni mwumva amajwi y’inzamba n’imyironge n’inanga n’amakembe n’imiduri na sumponya n’ibindi vy’ubgoko bgose bivuga, mukemera kwikubita hasi mugasenga igishushanyo nakoze, bizoba ari vyiza; ariko ni mutagisenga, muca mutererwa mw itanure ry’umuriro uhinda; mbeg’ imana yobakiza mu maboko yanje yoba iyihe?


Abaherezi, ari bo basuku b’ Uhoraho, ni baririre hagati y’ikirimba c’inyubakwa n’igicaniro, bavuge, bati Hangaza abantu bawe, ewe Uhoraho, ntutange ishamvu yawe ngw ibe agatukisha, cank’ amahanga ngw ayiganze; n’iki kibavugisha mu mahanga, ngw Imana yabo iri hehe?


Kubg’ inabi wagiriye mwene nyoko Yakobo uzomāramāra, uzorandurwa uheneberezwe.


Yamara ntiwar’ ukwiye kurāba utw’ ininga umusi wa mwene nyoko ugeze, ku musi yashikiweko n’ivyago; umusi Abayuda bagesezwa, ntivyari bikwiye kukunezereza; ntiwari gutwengera mw ijigo ku musi w’amazigirizwa yabo.


Ubu amahanga menshi akoraniye kugutera, aravuga, ati Siyoni ni hahumanywe, amaso yacu avyibonere!


Ewe mwansi wanje, nta co unyitamba hejuru! Ni natemba nzovyuka, ni nicara mu mwiza Uhoraho azombera umuco.


Uhoraho yagukūyekw imanza yari yāguciriye, yirukaniye kure umwansi wawe. Umwami w’Abisirayeli, ari we Uhoraho, ari hagati muri wewe; ntuzoba ukibona ivyago ukundi.


Abo bazomera nk’abahizi mu rugamba, basiribangira abansi babo mu vyondo vyo mu nzira; bazorwana, kuk’ Uhoraho ari kumwe na bo: kand’ abagendera ku mafarasi bazomāramāra.


Kand’ amaso yanyu azovyibonera, namwe muvuge, mut’ Uhoraho arahambaye no hirya y’urugabano rw’i Bgisirayeli.


Kandi muzosiribanga abanyakibi; bazoba umunyota musi y’ibirenge vyanyu ku musi nzoshinga, ni k’Uhoraho Nyen’ ingabo agize.


Yizigiye Imana, n’imukize ubu nyene ni yaba imubabaye: kuko yīgira ngo Nd’ Umwana w’Imana.


Kukw Abanyakanani n’abari mu gihugu bose bazovyumva, bāze batuzingazinge, bazimirize izina ryacu mw isi: non’ izina ryawe rikomeye uzorirwanira ngw iki?


Ni biguhimbare, wa juru, namwe abera n’intumwa n’abavugishwa n’Imana, kukw Imana igiciriyekw iteka, igihōra mwebge.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ