Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Mika 6:9 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

9 Ijwi ry’Uhoraho rirasemerera, ribarira igisagara — kand’ umunyabgenge azokwubaha izina ryiwe — riti Ni wumve wa hanga we, nawe koraniro ryo mu gisagara!

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Mika 6:9
43 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Ku ngoma ya Dawidi hatera inzara, imara imyaka itatu ikurikiranye; maze Dawidi aja kubisiguza Uhoraho. Uhoraho arishura, ati Vyātewe n’ubgicanyi bga Sauli n’inzu yiwe, kuko yishe ab’i Gibeyoni.


Mbgire Imana, nti Ntuntsindishe: N’ummenyeshe igituma umbūranya.


Kukw ari yo izonshitsakw ivyo yangereye: Kand’ ifise ibindi vyinshi bimeze nk’ivyo.


Hahirwa umuntu Imana ihana: Nuko rero ntukagaye igikangiro c’Ūshobora vyose.


Ūgira ubgenge wese azoshira umutima kur’ ivyo, Kandi bazokwitegereza imbabazi z’Uhoraho.


Mana, nk’ukw izina ryawe riri, Ni kw ishimwe ryawe riri, gushitsa ku mpera y’isi; Ukuboko kwawe kw’i buryo kwuzuye ukugororoka.


Kugira ngo bamenye yuko wewe, uwitwa uhoraho, Kw ari wewe Usumba vyose, ukaganza isi yose.


Uhoraho yimenyekanishije, yarashikije imanza: Ategesha umunyakibi ibikorwa vy’intoke ziwe nk’ umutego. Higayoni. Sela.


Umunyamakenga iy’ abonye ikibi kije, arīkinga, Arikw imburabgenge zikomeza inzira zikīgabura.


Uhoraho, umanitse ukuboko, yamara ntibabibona; ariko bazobona umwete ugirira abantu, bamāramāre; mber’ umuriro uzorigata abansi bawe.


Kukw igisagara cubakiwe inzitiro gisigaye gitēterewe, ar’ ikibanza gihebge, gitawe, kimeze nk’agahinga; ni ho inyana zizorisha, zikaharyama, zikarya amashami yaho.


Eh’ izina ry’Uhoraho riraza rivuye kure, rirurumbamw’ uburake bgiwe, ripfundukamw’ umwotsi w’intunda: iminwa yiwe yuzuye ubushangashirwe, kand’ ururimi rwiwe rumeze nk’umuriro utongora:


Umve urwānāga rwumvikana ku murwa, ruturutse mu rusengero! N’Uhoraho asubiriza abansi biwe mu nkōko.


Yamar’ abantu ntibāhindukiriye uwabakubise, kandi ntibārondeye Uhoraho Nyen’ ingabo.


bati Mika w’i Moresheti yavugishwa n’Imana ku ngoma ya Hezekiya umwami w’i Buyuda; kandi yabariye abantu bose b’i Buyuda, at’ Uku ni k’Uhoraho Nyen’ ingabo agize, ati Siyoni hazosīzwa hahinduke nk’ubusīze, Yerusalemu hazohinduka ibirundo vy’ amasakamburira, n’umurwa wubatswekw iyi ngoro uzohinduka nk’ikibira kiri ku mpinga z’imisozi.


ngo Ni ho azohindura iyi ngoro kuba nk’i Shilo, kandi n’iki gisagara ngw Azogihindura ikivume ku mahanga yose yo mw isi.


Yamara se woruhuka ute, kand’ Uhoraho ari we yagutumye? Yayigeze kurwanya Ashikeloni n’abo kw isēsero ry’ikiyaga.


Ijisho ryanje ntirizoziguriza, kandi nta n’akagongwe nzogira: ariko nzogusubiza ku mutwe ibihwanye n’ingeso zawe, kand’ ibizira vyawe bizokubonekako; ni ho uzomenya yuko jewe Uhoraho, ari jewe mpana.


Samariya hazogibgako n’ibigabitanyo vyaho, kuko bāgararije Imana yabo: bazoririkwa n’inkota: abana babo b’inzoya bazomenagurirwa hasi, kand’ abagore babo bakuriwe bazofomozwa.


Ni nde azi ubgenge? N’atahure ivyo! Ni nde w’umuhanga? N’abimenye! Kukw inzira z’ Uhoraho ar’ iziroranye, kand’ abagororotsi ni bo bazozigendamwo; arikw abacumura bazozigwamwo.


Nuko nzokwanda umuriro i Buyuda, utongore ingoro z’i Yerusalemu.


Bazobona ibara, abīdibamiye i Siyoni, n’abībēra ku musozi Samariya ata co bīnona, ba rurangiranwa bo mw ihanga rirengeye ayandi, abo inzu ya Isirayeli yisunga!


Nuko ni co gituma Siyoni hazohinduka ubusīze kubganyu, n’i Yerusalemu hahinduke ibirundo vy’amasakamburira, n’umurwa wubatswekw iyi ngoro uhinduke nk’ ikibira kiri ku mpinga y’umusozi.


Mbega nokwirengagiza itunga ryandurutse mu vyaha riri mu mazu y’abanyakibi, cank’ ingero zitūvya, zivumwa?


Ko yakweretse iciza ic’ ari co, ga yewe muntu: mbega har’ ikindi Uhoraho akugombako, atar’ ugukora ibiroranye, no gukunda kugira imbabazi, no kugendana n’Imana yawe wicishije bugufi?


Ntiwumviye ijwi riwubarira, ntiwemeye guhanūrwa, ntiwizigiye Uhoraho, ntiwiyegereje Imana yawo.


Abo nkunda bose ndabakankamira, nkabakāngīra; nuko gira umwete, wihane.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ