ngo Kuko watsinzwe mu mutima wawe, ukicisha bugufi imbere yiwe, ari yo Mana, igihe wumva amajambo yavuze ku vy’ aha hantu bo n’ abahaba, ng’ Ukicisha bugufi imbere yiwe, ukītantamurirakw impuzu zawe, ukaririra imbere yiwe, ngo Na we arakwumvise; ni k’Uhoraho agize.
Uramanuka uhagarara ku musozi Sinayi, uvugana na bo uri mw ijuru, ubaha amateka agororotse n’ivyagezwe vy’ukuri, n’ivyashinzwe bo n’amabgirizwa vy’agahore.
Ariko, Umwami wacu Yesu Kristo ubgiwe, n’Imana Data wa twese, yadukunze, ikaduha kwirurwa imibabaro guhoraho, bo n’ivyizigiro vyiza biheshwa n’ubuntu bgayo,
None rero ni mwubahe Uhoraho, mumusabe mu vy’ukuri ata buryarya; mukūreho za mana ba sogokuruza bāsaba hakurya ya rwa ruzi no muri Egiputa, Uhoraho abe ari we musaba.