Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Mika 6:7 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

7 Mbeg’ Uhoraho yohimbarwa n’amapfizi y’intama ibihumbi, cank’ inzūzi z’amavuta ya elayo ibihumbi cumi? Notanga imfura yanje ku gicumuro canje, imbuto y’umubiri wanje nkayitanga ku caha c’umutima wanje?

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Mika 6:7
29 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

ariko yagendera mu ngeso z’abami b’ Abisirayeli, mbere yatanze umuhungu wiwe kw ikimazi ngo yoserezwe mu muriro, nk’ukw ibizira vy’ubuyobe vy’abanyamahanga vyari bimeze, abo Uhoraho yari yarirukanye imbere y’Abisirayeli.


Atanga umuhungu wiwe kw ikimazi ngo yoserezwe mu muriro, agapfumuza, agatera amabara, akaja kuraguza abahamagara imizimu, n’ abamenyi; yakora ibibi vyinshi imbere y’Uhoraho, bimutera umwikomo.


Kand’ ahumanya n’i Tofeti mu mwonga wa bene Hinomu, kugira ngo hoye kugira umuntu n’umwe ahatangira umwana wiwe kw ikimazi, ar’ umuhungu cank’ umukobga, ngo yoserezwe Moleki mu muriro.


Bibananiye, ahitana umwana wiwe w’imfura yomusubiriye ku ngoma, amutanga kw ikimazi co kwoswa, amwosereza hejuru ku ruzitiro. Abisirayeli baca barazinukwa rwose; bituma bamureka, barahindukira basubira mu gihugu cabo.


Ibirenge vyanje bigitonyanga ivuta, Ubgato bgimbge mu gitandara bukinsendanishiriza amavuta ya elayo!


Sinzokwākīra imasa yo mu rugo rwawe, Cank’ amasuguru y’impene zo mu mpongore zawe,


N’uk’ utanezererwa ibimazi, mba mbigushikaniye: Ntuhimbarwa n’ibimazi vyoshejwe.


Ugirire neza i Siyoni, nk’uko haguhimbara; Wubake inzitiro z’amabuye z’i Yerusalemu.


Ikimazi abanyakibi batanga n’ igisesema k’Uhoraho, Arikw ahimbarwa n’ugusenga kw’abagororotsi.


Gukora ivy’ ukugororoka no guca izibereye Ni vyo bihimbara Uhoraho kurusha gutanga ibimazi.


Ivyo Yesaya mwene Amosi yeretswe, ivyo yabonye ku b’i Buyuda n’i Yerusalemu, ku ngoma ya Uziya no ku ya Yotamu no ku ya Ahazi no ku ya Hezekiya, abami b’i Buyuda.


Kand’ i Lebanoni ntihoboneka inkwi zo gucana zirangije, kandi n’ibikōko vyaho ntivyorangiza kuba ikimazi co kwosa.


bagataba ibitabo vya Bayali, ngo bahosereze abahungu babo mu muriro, babe ibimazi vyosherejwe Bayali; ar’ ikintu ntābageze, ntāvuze, kitigeze no kuza mu mutima wanje.


Bimaze iki kunkūrira ibintu bimoga i Sheba, na kanehe imota neza ivuye mu gihugu ca kure? Ibimazi vyanyu vyoswa simbishima, kand’ ivyo mukerera ntibimpimbara.


Batavye ibitabo i Tofeti, ahahanamiye umwonga wa mwene Hinomu, ngo bahosereze abahungu babo n’abakobga babo mu muriro, babatanze kw ibimazi; ar’ ikintu ntābageze, kitigeze no kuza mu mutima wanje.


Kuko basambanye, kand’ amaraso bavishije ari ku ntoke zabo; basambanye n’ibigirwamana vyabo; kandi n’abahungu babo bamvyariye babatanze kw ibimazi ngo boswe mu muriro, babashikaniye ivyo bigirwamana ngo bibarye.


Bazojana imikuku yabo n’amasho yabo baja kurondera Uhoraho, ariko ntibazomubona! Azoba yitandukanije na bo.


Ereg’ imbabazi ni zo ngomba, s’ibimazi, n’ukummenya jewe Imana, kuruta ibimazi vyoshejwe.


Kandi ntihaze hagire ūtanga uwo mu bana biwe ngo yoserezwe Moleki kw ikimazi, ngw atukishe izina ryanje, Imana yiwe: nd’ Uhoraho.


Mbere naho mwonshikanira ibimazi vyoswa n’amashikanwa y’amafu, sinzovyemera; kand’ ibimasa vyanyu binuze muzanakw ibimazi vy’ ishimwe, sinzobishirako n’ijisho.


Ni we nyene nkurungikiye, ni we mutima wanje.


ngatabaruka amahoro mvuye kurwana na bo, ūzobanza gusohoka mu nzu yanje kunsanganira, azoba uwawe, Uhoraho, nanje nzomutanga kw ikimazi c’ukwoswa.


Maz’ amezi abiri ashize, agaruka kwa se, na we amugenza nk’ukw isezerano yasezeranye riri; kandi ntiyari yarīgeze kumenya icitwa umugabo. Bica biba umugenzo mu Bisirayeli, uk’ umwaka utashe:


Samweli aramwishura, ati Mbeg’ Uhoraho ahimbarwa n’ibimazi vyoswa n’ ibindi bimazi gusumba ūmwumviye? Erega kwumvira gusumba ibimazi, no kuyoboka gusumba ibinure vy’impfizi z’intama.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ