Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Mika 6:6 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

6 Mbega norengukana iki imbere y’Uhoraho, nkūnama imbere y’ Imana isumba vyose? None nomurenguka imbere njanye ibimazi vyoshejwe, n’inyana zimaze umwaka?

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Mika 6:6
39 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Nuko Dawidi abaza ab’i Gibeyoni, ati Nobakorera iki? Notanga impongano ki, kugira ngo mubone gusabira ishamvu y’Uhoraho umugisha?


Ivyiza Uhoraho yangiriye vyose Ndabimwishura iki?


Abakomeye bo mw isi bose bazorya basenge; Kand’ abamanuka baja mu mukungugu bazokwunama imbere yiwe, N’ūdashobora kwizigamira ubugingo bgiwe ngo ntibupfe.


Tuje mu nyonga ziwe tumushima, Tumuvugirize impundu n’ indirimbo.


Ni muze tumusenge twunamye, Dupfukamire Uhoraho Umuremyi wacu,


Umwagazi wanyu uz’ ube ūtagira agasembga, w’isuguru itarengeje umwaka: muze muwukūre mu ntama canke mu mpene.


muze mugire imisi mikuru y’ imitsima itambiwe: nk’uko nababariye, mumare imisi ndwi murya imitsima itambiwe, mu gihe cashinzwe co mu kwezi Abibu, kukw ari kwo mwaviriyemwo muri Egiputa: ntihaze hagire ūrenguka iminwe misa imbere yanje.


Ikimazi abanyakibi batanga n’ igisesema k’Uhoraho, Arikw ahimbarwa n’ugusenga kw’abagororotsi.


Gukora ivy’ ukugororoka no guca izibereye Ni vyo bihimbara Uhoraho kurusha gutanga ibimazi.


Kand’ i Lebanoni ntihoboneka inkwi zo gucana zirangije, kandi n’ibikōko vyaho ntivyorangiza kuba ikimazi co kwosa.


Bimaze iki kunkūrira ibintu bimoga i Sheba, na kanehe imota neza ivuye mu gihugu ca kure? Ibimazi vyanyu vyoswa simbishima, kand’ ivyo mukerera ntibimpimbara.


Arikw abantu iyo baje imbere y’ Uhoraho mu misi mikuru ishinzwe, ūzoza aciye mu kirimba giherereye i burārūko aje gusenga, ni yavayo az’ ace mu kirimba giherereye i bumanuko; kand’ ūzoza aciye mu kirimba giherereye i bumanuko, ni yavayo az’ ace mu kirimba giherereye i burārūko: ntaz’ ahindukire mu kirimba yazananye, ariko ni yavayo akomeze atumbere imbere yiwe.


Maze Nebukadineza yīgira ku muryango w’iryo tanure ry’umuriro uhinda, ashira ijwi hejuru, ati Yemwe Shaduraka na Meshaki na Abedunego, mwa basavyi b’Imana isumba vyose, ni musohoke, muze hano. Nuko Shaduraka na Meshaki na Abedunego baca barasohoka bava hagati mu muriro.


nti Yewe Beluteshaza, umukuru w’abanyamarēba, ko nzi kw impwemu z’imana zera ziba muri wewe, kandi kw ata banga rikunanira, enda mbarira ivyo neretswe mu nzozi zanje ivy’ ari vyo, n’uko bisobanurwa.


Zirikana mugenzi, Imana isumba vyose yahaye so Nebukadineza ubgami n’ubukuru n’ubgiza n’igitinyiro.


Nuko yirukanwa mu bantu, umutima wiwe uhindurwa nk’uw’ ibikōko, aba hamwe n’indogoba z’inyeshamba, arisha nk’inka, kand’ umubiri wiwe utondwako n’urume ruva mu kirēre; gushitsa aho yamenyeye kw Īsumba vyose ari yo iganza ubgami bg’abantu, ikabgimikamw’ uwo igomba wese.


Bazojana imikuku yabo n’amasho yabo baja kurondera Uhoraho, ariko ntibazomubona! Azoba yitandukanije na bo.


Mbere naho mwonshikanira ibimazi vyoswa n’amashikanwa y’amafu, sinzovyemera; kand’ ibimasa vyanyu binuze muzanakw ibimazi vy’ ishimwe, sinzobishirako n’ijisho.


n’imasa y’umukangara imwe, n’impfizi y’ intama imwe, n’isuguru y’intama imwe itarengeje umwaka, vyo kuba ikimazi co kwoswa;


Haza umuntu kuri we, aramubaza, ati Mwigisha, nkore iciza ki ngo ndonke ubugingo budashira?


kandi kuyikundisha umutima wose, n’ugutahura kwose, n’inkomezi zose, bo n’ugukunda mugenzawe nk’uko wikunda, biruta cane ibimazi vyose vyoshejwe n’ibitoshejwe.


asemerera n’ijwi rirenga, ati Duhūriye hehe ga Yesu Mwana w’Imana isumba vyose? Ndakurahiye Imana, ntumbabaze agashinyaguro.


Maz’ umwe mu bigisha ivyagezwe ava hasi, aramugeza, ati Mwigisha, nkore iki, ngo nze ndagwe ubugingo budashira?


Yesu arabishura, ati N’ukuri, n’ukuri ndababgire: Ntimundondera kuko mwabonye ibimenyetso, ariko n’uko mwariye kuri ya mitsima, mugahāga.


Uyo aradukurikira twebge na Paulo, asemerera, at’ Aba bantu n’abasavyi b’Imana isumba vyose, kandi bababarira inzira y’agakiza.


arabasohokana, arababaza, ati Bagenzi, nkwiye gukora iki ngo nkire?


Bumvise ivyo, bibacumita mu mitima, babaza Petero n’izindi ntumwa, bati Bagabo bene Data, mbega tugire dute?


Kand’ umuherezi wese ahagarara uko bukeye akora ivy’ ubuherezi, atanga kenshi ivyo bimazi nyene, ata ho vyoshobora gukūrah’ ivyaha na mba.


Samweli aramwishura, ati Mbeg’ Uhoraho ahimbarwa n’ibimazi vyoswa n’ ibindi bimazi gusumba ūmwumviye? Erega kwumvira gusumba ibimazi, no kuyoboka gusumba ibinure vy’impfizi z’intama.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ