Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Mika 6:5 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

5 Yemwe bantu banje, enda ni mwibuke imigabo Balaki umwami w’i Mowabu yīgīriye, n’ico Balamu mwene Beyori yamwishuye; mwibuke n’ivyabaye uhereye i Shitimu ukageza i Gilugali, kugira ngo mumenye ivy’ ubugororotsi nakoze, jewe Uhoraho.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Mika 6:5
37 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Yatumye ibikorwa vyiwe bitangaje vyibukwa, Uhoraho n’umunyabuntu, yuzuye imbabazi.


Uhoraho, ungire muzima, kubg’ izina ryawe: Ukūre umutima wanje mu vyago kubg’ ukugororoka kwawe.


Hora ushishikara gusēsekaza imbabazi ku bakuzi, N’ukugororoka kwawe ku batunganye mu mitima.


Mana, ukugororoka kwawe gushika hejuru kure: Ni wewe wakoze ibikomeye, Mana, ni nde ahwanye nawe?


I Siyoni hazocunguzwa guca iziroranye, abīsubiyemwo baho bazocunguzwa ukugororoka.


Bukeye Balaki ajana Balamu, amudūgana i Bamoti‐Bayali, ah’ ashobora kubona uruhande rumwe rw’Abisirayeli aho bagarukira.


Balaki abarira Balamu, ati Ngwino nkujane ahandi: kumbure Imana yokunda k’ubamvumira uhagazeyo.


Abisirayeli batebeye i Shitimu, abantu batangura gusambana n’Abanyamowabukazi:


kuko bābatumira ngo baze gusangira na bo ibimazi vy’ibigirwamana vyabo: nukw abo bantu bakabiryako, bakūnamira ivyo bigirwamana vyabo.


Ereg’ abo ni bo bacumuje mwebge Abisirayeli k’Uhoraho ngo mumuhemukire mu vyabaye i Peyori, babitewe n’inama za Balamu, bituma ikīza gitera ishengero ry’Uhoraho.


Kand’ ukūye abandi bishe, bica abami b’Abamidiyani, ni bo aba: Ewi, na Rekemu, na Tsuri, na Huri, na Reba, abo bami b’Abamidiyani ukw ari batanu; kandi na Balamu mwene Beyori bamwicisha inkota.


Mu gusagaza bagendana Yorodani, bāhēreye i Beti‐yeshimoti bakageza ahitwa Abeli‐shitimu, mu kiyaya c’i Mowabu.


Nuko mwibuke yuk’ ubga mbere, mwebge abanyamahanga ku rukoba, mwebge mucitwa abatākebge n’abo bitwa abākebge n’intoke ku mubiri,


Ntimuze mugire imitsima yambiwe mubikoza; muze mumare imisi ndwi murya imitsima itambiwe yavyo, ari yo mitsima y’ amagorwa, kuko mwavuye mu gihugu ca Egiputa ikibiriraho; kugira ngw imisi yose muzoba mukiriho, muze mwame mwibuka wa musi mwaviriye mu gihugu ca Egiputa.


Muze murinde mupfa mutabendeje ivy’ amahoro cank’ ivyiza ukw ibihe bizoha ibindi.


Ariko muze mwibuke Uhoraho Imana yanyu, kukw ari we azobaha ubutōre bgo kuronka ubutunzi, kugira ngw ashitse isezerano yasezeranye arahira ba sogokuruza banyu, nk’uko biri n’uyu musi.


Kandi muze mwibuke urugendo rwose rwo mu bugaragwa Uhoraho Imana yanyu yabarōngōyemw’ iyi myaka ukw ari mirongwine; kugira ngw abacishe bugufi, abagerageze, amenye ibiri mu mitima yanyu, yuko muzokwitondera ivyagezwe vyiwe canke ko mutazovyitondera.


Muze mwibuke ingene mwarakije Uhoraho Imana yanyu muri mu bugaragwa, ntimuze muvyibagire; uhereye umusi mwaviriye mu gihugu ca Egiputa, kugeza aho mwashikiye aha hantu, mwagiye mugarariza Uhoraho.


Bakir’ i Shitimu, Yosuwa mwene Nuni atuma abantu babiri mu mpisho, ngo baje gutata; arababarira, ati Ni mugende mwitegereze ico gihugu, cane‐cane i Yeriko. Nuko baragenda, bashika mu nzu ya maraya yitwa Rahabu, bahāka indaro.


Bukeye Yosuwa arazinduka, avana i Shitimu n’Abisirayeli bose, bashika kuri Yorodani, barāra batajabutse.


Abantu bādūze bava muri Yorodani ku musi w’icumi w’ ukwezi kwa mbere, basagaza i Gilugali ku ruhande rw’i burasirazuba rw’i Yeriko.


Bātaye inzira igororotse, barazimira, bakurikira inzira ya Balamu, mwene Beyori, umwe yakunze ingero zo kugabitanya,


Ni twatura ivyaha vyacu, ni yo yo kwizigirwa kand’ igororoka, ivyo ni vyo bituma iduharira ivyaha vyacu, ikatwoza ukugabitanya kwose.


Bazobona ibara, kuko bajanye inzira ya Kayini, bakiroha mu buzimire bga Balamu kubg’ amaronko, bagahonera mu mugararizo wa Kora.


Ariko mfise i vyo nkugayako bike, kukw i wanyu uhafise abakomeza inyigisho za Balamu, yigishije Balaki gushira igitsitaza imbere y’Abisirayeli, kugira ngo barye ivyaterekerejwe ibigirwamana, bashakane.


Uti Mbeg’ uraruta Balaki mwene Sipori umwami w’i Mowabu? Uti Har’ aho yigeze aja impaka n’Abisirayeli? Uti Har’ aho yarwanye na bo?


Aho bavuga ibicuba ku ngomero z’inka, Abe ari ho batāzīrira Uhoraho kubg’ intsinzi yiwe, Kubg’ intsinzi yiwe arōngōye Abisirayeli. Aho ni ho abantu b’Uhoraho bāmanutse, bagatamaza mu marembo yabo.


Nuko none ni muhagarare, mbāgiririze imbere y’ Uhoraho, mbereke n’ivyo yabagiriye vyose mu bugororotsi, mwe na ba sogokuruza.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ