Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Mika 6:4 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

4 Ko nabadūganye nkabakūra mu gihugu ca Egiputa, nkabacungura nkabakūra mu nzu y’ubuja, nkarungika Mose na Aroni na Miriyamu kugira ngo babarōngōre.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Mika 6:4
29 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Har’ irindi hanga na rimwe mw isi rihwanye n’abantu bawe b’Abisirayeli, abo wewe Mana wisidukiye ugacungura, ukabagira abawe, kugira ngo wironkere izina rya rurangiranwa, ugakora ibikomeye kubgabo, n’ ibiteye ubgoba kubg’ igihugu cawe, ukirukana amahanga n’ imana zayo imbere y’abantu bawe, abo wacunguye ukabakūra muri Egiputa?


Warōngōje abantu bawe nk’ ubusho Ukuboko kwa Mose na Aroni.


Nuko kur’ uwo musi nyene, Uhoraho akūra Abisirayeli mu gihugu ca Egiputa, ukw imitwe y’ingabo zabo yangana.


iti Nd’ Uhoraho Imana yawe, yagukūye mu gihugu ca Egiputa, mu nzu y’ubuja.


Nuko none ngwino, ngutume kuri Farawo, ukūre abantu banje b’Abisirayeli muri Egiputa.


Mose abarira Uhoraho, ati Mwami, mbega ko ntar’ imvuzi, bikaba bitantanguyeko ejo canke hirya y’ejo, cank’ ubu aho tuvuganiye, jewe umusavyi wawe: kuko ntabangutse mu mvugo canke mu rurimi.


Kand’ azokubera umusiguzi wo gusigurira abantu, akubere akanwa, nawe uzomubera nk’Imana.


Mose na Aroni abo, ni bo bavuganye na Farawo umwami wa Egiputa ivy’ ugukūra Abisirayeli muri Egiputa.


ugakūza abantu bawe b’Abisirayeli mu gihugu ca Egiputa ibimenyetso n’ibitangaza, n’ukuboko gukomeye kandi kurāmvuye, n’ibiteye ubgoba bginshi;


Yamara mweho nabadūganye mbakuye mu gihugu ca Egiputa, mbarōngōra mu bugaragwa imyaka mirongwine, kugira ngo mwegukire igihugu c’Abamori nyene.


Miriyamu na Aroni banegura Mose, kubg’ Umunyetiyopiyakazi yābiriye; kuk’ uwo Munyetiyopiyakazi yari yaramwābiriye koko.


Izi ni zo ndāro z’Abisirayeli, uhereye aho baviriye mu gihugu ca Egiputa, ukw ingabo zabo zari ziri, barōngōwe na Mose na Aroni.


Uwo abakūrayo, amaze gukora ibitangaza n’ibimenyetso mu gihugu ca Egiputa, no ku Kiyaga Gitukura no mu bugaragwa, imyaka mirongwine.


Kand’ uze wibuke yuko nawe wari mu buja mu gihugu ca Egiputa, Uhoraho Imana yawe akakugobōtora: ni co gitumye uyu musi ndakugera ivyo.


ariko muze mwibuke yuko mwari mu buja muri Egiputa, Uhoraho Imana yanyu akahabagobōtora: ni co gitumye mbabuza kuzogenza murtyo.


Ariko mweho, Uhoraho yarabashīngūye, abakūra muri rya tanure rivugutira ivyuma, ari ryo Egiputa, kugira ngo mumubere abantu yiharije, nk’uko biri n’ ubu.


Canke hīgeze kuba imana yagerageje gushingūra ihanga, ikarikūra hagati mu rindi, irikūjeyo kurekura ibigerageza, n’ibimenyetso n’ibitangaza, n’intambara, irikūjeyo n’ ukuboko kw’inkomezi kandi kubanguye, n’ibiteye ubgoba bihambaye, nk’ivyo Uhoraho Imana yanyu yabakoreye muri Egiputa muvyibonera?


ati Nd’Uhoraho Imana yawe, yagukūye mu gihugu ca Egiputa, mu nzu y’ubuja.


Ariko n’uk’ Uhoraho abakunda, akagomba gushitsa indahiro yarahiye ba sogokuruza banyu; ni co catumye Uhoraho abakūzay’ ububasha bgiwe bginshi, akabagobōtora, akabakūra mu nzu y’ubuja, no mu maboko ya Farawo umwami wa Egiputa.


Nsaba Uhoraho, nti Mwami Uhoraho, nturandure abantu bawe, ari bo cibare cawe, abo warokoje ububasha bgawe, ukabakūza muri Egiputa ukuboko kw’inkomezi kandi kuramvuye.


Maze Samweli abarira abantu, at’ Uhoraho yatoranije Mose na Aroni, akadūgana ba sogokuruza abakūye mu gihugu ca Egiputa, ni we cabona.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ