Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Mika 6:2 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

2 Yemwe misozi, namwe matanguriro y’isi yahamye, ni mwumve ukubūrana kw’Uhoraho; kuk’ Uhoraho afitaniye imibūrano n’abantu biwe, kand’ agira abūrane n’Abisirayeli.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Mika 6:2
19 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Maz’ agataka ko musi y’ikiyaga karaboneka, Amatanguriro y’isi aratwikururwa, Bitewe n’uguhana kw’Uhoraho, N’ugufūha kw’impwemu ziva mu mazuru yiwe.


Maz’ isi iratigita, ihinda agashitsi, Amatanguriro y’ijuru aranyiganyiga, Atigitishwa n’uburake bgayo.


Washizeh’ amatanguriro y’isi, Ngo yoye kuzonyiganyizwa gushitsa ibihe bidashira.


Igihe yashingira ikiyaga akarimbi, Kugira ngw amazi ntarenge icagezwe cayo; Igihe yashirah’ amatanguriro y’isi:


Enda ni muze, twītātūre, ni k’Uhoraho agize; nah’ ivyaha vyanyu vyotukura tukutuku, bizokwera derere nka shelegi; naho vyotukura nk’agahama, bizohinduka nk’ubgoya bg’intama y’umwero.


Uhoraho ahagurukijwe no kubūrana, kand’ ahagurukijwe no gucira amahanga imanza.


Nyibutsa, tubūrane; shinga urubanza rwawe, kugira ng’utsindishirizwe.


None rero mwa baba i Yerusalemu, namwe bagabo b’i Buyuda, ndabinginze mudutātūre, twe n’uruzabibu rwanje.


Ni co gitumye nzokomeza kubūrana namwe, kandi nzobūrana n’abuzukuru banyu, ni jewe Uhoraho mbivuze.


Ijwi ryavyo rizoshika no ku mpera y’isi; kuk’ Uhoraho afitaniye imibūrano n’amahanga, azobūrana n’abariho bose; kand’ abanyavyaha azobagaburira inkota, ni k’Uhoraho agize.


Uku ni k’ Uhoraho agize, at’ Ijuru ryogerwa, amatanguriro y’isi agaserangurwa, ni ho nanje noca uruvyaro rwose rwa Isirayeli, mbahōye ivyo bakoze vyose, ni jewe Uhoraho mbivuze.


Uhoraho afise imibūrano no kuri Yuda, kand’ azohana Yakobo ibihwanye n’ingeso ziwe; azomusubiriza mu nkōko ibihwanye n’ivyo yakoze.


Yafashe igitsintsiri ca mukuru we bakiva mu nda ya nyina; kand’ amaze gukura yahotoranye n’Imana:


Ni mwumve ijambo ry’Uhoraho, yemwe Bisirayeli: ereg’ Uhoraho afitaniye imibūrano na ben’ igihugu, kukw ata kuyoboka kuri mu gihugu, cank’ imbabazi, cank’ ukumenya Imana.


Enda ni mwumve ico Uhoraho avuga, ati Va hasi, ubūranire imbere y’imisozi, uturambi ni twumve ijwi ryawe.


Kuk’ umuriro w’uburake bganje udometswe, Wātse, ugashika hasi i kuzimu, Ugatōngōra isi n’ivyeze kuri yo, Ukadomeka amatanguriro y’ imisozi.


uyu musi ntanze ijuru n’isi kw ivyabona yuko mutazobura guhona bidatevye, mugaherengetera mu gihugu mujabuka Yorodani muja kwinjira; ntimuzokirambiramwo, ariko muzorandurwa rwose.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ