Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Mika 6:16 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

16 Kukw amabgirizwa ya Omuri acitonderwa, bo n’ivyakozwe n’inzu ya Ahabu vyose, mugakomeza kugendera mu nama zabo; ni co gituma nguhindura umusaka, n’abakubamwo bakaba abo kuvuzwakw agahwa; kandi muzogībgako n’igitutsi batuka abantu banje.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Mika 6:16
31 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

ushime, aho Yezebeli yahonnya abavugishwa b’Uhoraho, Obadiya yahitanye abavugishwa ijana, arabanyegeza, mirongwitanu mw isenga rimwe, yindi mirongwitanu mu rindi, akabagaburira ivyo kurya n’amazi.


kand’ iyi ngoro nah’ ar’ agahambaye irtya, ūzoyica i ruhande wese azokwumirwa, avuze agahwa, at’ Ariko n’iki catumye Uhoraho agirira artya iki gihugu n’iyi ngoro?


ariko yagendera mu ngeso z’abami b’ Abisirayeli, mbere yatanze umuhungu wiwe kw ikimazi ngo yoserezwe mu muriro, nk’ukw ibizira vy’ubuyobe vy’abanyamahanga vyari bimeze, abo Uhoraho yari yarirukanye imbere y’Abisirayeli.


Yongera gutabisha ibitabo ku mpinga z’imisozi, ivyo se Hezekiya yari yarasibanganije, yubakira Bayali ibicaniro, abāza igishushanyo ca Ashera, nk’uko Ahabu umwami w’Abisirayeli yagize; asenga ingabo zose zo kw ijuru, ari zo nyenyeri, arazisaba.


Akora ivyo Uhoraho abona kw ari bibi, nk’ ukw ab’ inzu ya Ahabu nyene bāgenda bakora, kukw ari bo basigaye ar’ abajanama biwe se amaze gutanga, bakamukwegera mu rupfu.


muti Kuko bāmuvuyeko, bakosereza imibavu izindi mana, muti Bakamutēza umwikomo ibikorwa vyose vy’intoke zabo; muti Ni co kizotuma uburake bgiwe busukwa aha hantu, ntihagire ikibuzimya.


Hahirwa umuntu atagendera mu nama z’ababi, Adahagarara mu nzira y’abanyavyaha, Aticarana n’abacokoranyi.


Uduhindura ruvumwa ku babanyi bacu, Agatwengo no gucokorwa ku badukikije.


Watugize iciro ry’imigani mu mahanga, Abo kuzungurizwa imitwe n’ amoko.


Urupfu azorumira miyonzwa gushitsa ibihe vyose; kand’ Umwami Uhoraho azohanagura amosozi ku maso ya bose; n’ ubumāramāre bgo ku bantu biwe azobukūra kw isi yose; kuk’ Uhoraho ari we abivuze.


Kukw abarōngōra ubu bgoko babuzimiza, kand’ abarōngōwe na bo barahona.


Nzohindura iki gisagara akajoreza, n’ico kuvuzwakw agahwa; umuntu wese azohaca azojorerwa, avuze agahwa kubg’ ivyago vyaho vyose.


ni yo aya: Yerusalemu n’ibisagara vy’i Buyuda n’abami baho n’abaganwa baho, ngo hacike imisaka n’akajoreza n’aho kuvuzwakw agahwa n’ikivume, nk’uko nyene bimeze uyu musi;


nzotuma kugomora imiryango yose y’i burārūko, ni jewe Uhoraho mbivuze, kandi nzotuma no kuri Nebukadineza umwami w’i Babuloni, umusavyi wanje, mbazane ngo barwanye iki gihugu n’abakibamwo, barwanye n’aya mahanga yose agikikije; kandi nzobageseza rwose, mbahindure akajoreza, n’abo kuvuzwakw agahwa, n’iciro ry’imigani ibihe bidashira.


Nzobirukanisha inkota n’inzara n’ikīza, mbatange batererekanywe irya n’ino mu bihugu vy’abami bose bo mw isi, ngo babe ibivume n’akajoreza n’ abo kuvuzwakw agahwa n’igitutsi mu mahanga yose aho nabirukaniye;


Turatēterewe, kuko twumvise ibitutsi; mu maso hacu haje ibimāramāre: kukw abanyamahanga binjiye mu myanya yera yo mu ngoro y’Uhoraho.


Ariko ntibāvyumvira, kandi ntibātega ugutwi kwabo, ariko bāgendera mu migabo yabo, no mu bukomantare bg’imitima yabo mibi, kandi bāsubira inyuma, ntibāja imbere.


Uhoraho we, ibuka ivyatubayeko: Itegereze urābe ukuntu dutukwa.


Bazokwibagira ibitētērwa vyabo, n’ ubuhemu bgabo bgose bāmpemukiye, ni bamara kwibera mu gihugu cabo, ata co binona, ata kibateye ubgoba,


Bgirukiro, ndakwinginze, kubg’ ukugororoka kwawe kwose, kūra uburake bgawe bg’inkazi ku murwa wawe Yerusalemu umusozi wawe wera; kuko kubg’ ivyaha vyacu n’ibigabitanyo vya ba sogokuruza bacu, Yerusalemu n’abantu bawe vyahindutse agatukisha ku badukikije bose.


Efurayimu yarakije Uhoraho bikomeye, ni co gituma amaraso yiwe ari we azokora, kand’ Umwami wiwe azomusubiriza mu nkōko umuvumo yavumanye.


Efurayimu arahahajwe, avungavunzwe n’iteka aciriweko, kuko yahurumbiye inyuma y’ibinyoma.


Bavuga, ngo Ntimukavugishwe! Bati Ntihaze hagire abavugishwa ben’ ivyo! Yamar’ ibimāramāza ntibizovaho.


Ni co gituma nzogukubita nkagusāvya, nkugeseze nguhōye ivyaha vyawe.


Ariko mfise ico nkugayako, yuk’ ukundira urya mugore Yezebeli, yiyita ūvugishwa n’Imana, akigisha akazimiza abagurano banje, kugira ngo bashakane barye ivyaterekerejwe ibigirwamana.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ