Iyo nsohotse nkaja ku gahinga, nsanga abariritswe n’inkota; nashika mu gisagara, ngasanga abazingamitswe n’inzara! Kuko ba kamenyi n’abaherezi bagendagenda mu gihugu ata co bazi.
nanje uko nzobagira n’uku: nzobagomorera ibibaca ivutu; kugenda mukōnyēra bo no kurwara inyonko bizotuma muhwera mu kajisho, imitima yanyu ihondobēre: muzorimira ubusa, kukw abansi banyu ari bo bazobirya.
Kukw amabgirizwa ya Omuri acitonderwa, bo n’ivyakozwe n’inzu ya Ahabu vyose, mugakomeza kugendera mu nama zabo; ni co gituma nguhindura umusaka, n’abakubamwo bakaba abo kuvuzwakw agahwa; kandi muzogībgako n’igitutsi batuka abantu banje.