Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Mika 6:12 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

12 Kukw abatunzi baho buzuye umuryano, n’abahaba bavuga ibinyoma, indimi zo mu kanwa kabo zirahendana.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Mika 6:12
29 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Uhoraho, kiza ubugingo bganje iminwa ibesha N’ururimi rw’ingunge.


Kuko batavuga ivy’ amahoro: Ariko baja inama yo kurondera amagambo babeshera abībēreye ngaho mu gihugu.


Ariko bayihemesha akanwa kabo, Bakayibeshesha indimi zabo,


Abakuru bawe n’abagarariji, n’abagenzi b’ibisuma; umuntu wese muri bo akunda ingurire, akurikira guhongerwa; ntibacira urubanza impfuvyi, kand’ imanza z’abapfakazi ntizigera aho bari.


I Yerusalemu haradandabagiranye, i Buyuda haratemvye; kuk’ ururimi rwabo n’ibikorwa vyabo ar’ ibigarariza Uhoraho, bakajinyūrira imbere y’inyonga ziwe z’icubahiro.


Kuk’ uruzabibu rw’Uhoraho Nyen’ ingabo ari rwo nzu ya Isirayeli, kand’ abagabo b’i Buyuda ari bo muzabibu wamuhimbara; kandi yabazigamw’ imanza zibereye arikw abasangamw’ uguhahaza: yabazigamw’ ubugororotsi arikw abasangamw’ amaborogo.


Ururimi rwabo n’umwampi wica; ruvuga ibinyoma; umuntu wese avugana n’umubanyi wiwe ivy’ amahoro mu kanwa kiwe, ariko mu mutima wiwe aba amuryamiye.


Igihe nagomba gukiza Abisirayeli, haciye haseruka ibigabitanyo vy’Abefurayimu, bo n’ivyaha vy’i Samariya; kuko bakora ivy’ ibinyoma: abasuma barāra baramena amazu, igitero c’abambuzi kikamburira hanze.


Bazobona ibara, kuko bāgiye bāngāra bakamvako! Bazotikizwa, kuko bāncumuyeko! Naho nagomba kubacungura, ariko bo bāhavuye bandemera ibinyoma!


Uku ni k’Uhoraho agize, ati Kubg’ ibicumuro bitatu vy’Abayuda, mbere ni bine, sinzovyirengagiza; kuko bātītūye ivyagezwe vyanje, jewe Uhoraho, ntibitondere amabgirizwa yanje, kand’ ibigirwamana vyabo vy’ibinyoma vyarabajimije, ari vyo ba sekuruza babo nyene bākurikira.


Bīryāmira ku mariri yakozwe mu mahembe y’inzovu, bakīshanyangira ku misezero yabo, bakīrīra amasuguru y’intama bakūye mu mukuku, n’amashūri anuze;


Kur’ uwo musi nzohana abasimba urwinjiriro rw’urusengero bose, bakuzuza inzu ya shebuja umuryano n’uruhendo.


Abaganwa bo muri wo ni nk’intambge zīvuga; abacamanza bawo ni nk’amabingira agenda ijoro, atagira ico arāza na mba.


Abayuda na bo bafatanya na we mur’ ico kirego, bavuga kw ivyo ari ko biri.


Imihogo yabo n’imva zirangāye, Bāhendahendanishije indimi zabo; Ubumara bg’inzoka buri mu binyigishi vyabo.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ