Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Mika 5:8 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

8 Kand’ amasigarira ya Yakobo azoba mu mahanga no mu moko menshi nk’intambge iri mu bikōko vyo mu kibira, canke nk’umugunza wayo uri mu mikuku y’intama: iyo uziciyemwo, urazinyukanyuka, ukazitabagura, ata wo kuzikiza.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Mika 5:8
29 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Yuda n’ikibunda c’intambge: Uradūze, mwana wanje, uvuye mu ruhīgi. Arūnamye, abunda nk’intambge, Mbere nk’intambge y’ingore: ni nde yohangāra kuyūbura?


Uzana umwiza, hakaba ijoro: Ni ho ibikōko vyose vyo mu kibira bisokoroka bisōbōka.


Ni wewe uzoduha kwirenza abansi bacu: Izina ryawe ni ryo rizoduha gusiribanga abadukūriye hasi.


None rero yemwe abibagira Imana, ni mwiyumvire ibi, Noye kubashishimura, hakabura uwobakiza:


Ni vyo ibi: intambge, kukw ari yo irusha ibikōko vyose inkomezi, Kandi ntivira na kimwe mu nzira;


Ukwivuga kwabo kuzoba nk’ukw’ intambge, bazokwivuga nk’imigunza y’intambge: ni koko bazotontoma basahura isahu, bayīnyagira, ata wuriho wo gutabara.


bitume batakirinda kuja gusenya ku misozi, canke kugira izo basatura mu kibira; kukw ivyo birwanishwa ari vyo bazogira inkwi z’umuriro: kandi bazosahura abābasahuye, banyage abābanyaze, ni k’Umwami Uhoraho agize.


Kuko nzomerera Efurayimu nk’intambge, n’inzu ya Yuda nk’ umugunza w’intambge: jewe, jewe nyene nzotabagura, nīgīre; nzogenda nsēngēse, kandi nta wuzonyaka.


Ewe Yakobo! Sinzobura gukoraniriza abawe bose hamwe, kandi sinzobura kwegeranya amasigarira y’Abisirayeli; nzobakumakumira hamwe nk’intama z’i Bosira; bazohūrīra nk’umukuku uri mwinshi mu canya cawo.


Va hasi uhūre, ewe mukobga w’i Siyoni! Kukw ihembe ryawe nzorihindura icuma, n’inzāra zo ku binono vyawe nzozihindura imiringa; kand’ uzojonjanga amahanga menshi; iminyago wabanyaze uzoyigira inyegu y’Uhoraho, n’ibintu vyabo ubigire inyegu ya Nyen’ isi yose.


kand’ abacumbagira nzobasigazaho babe amasigarira, n’abari baraciwe mbahindure ihanga rikomeye; maze jewe Uhoraho nzobaganza ndi ku murwa Siyoni, uhereye aho ugashitsa ibihe bidashira.


Ni co gituma azobagabura mu bansi, gushitsa ah’ ūramutswe azovyarira: ni ho amasigarira yo mu bavukana na we azogaruka mu Bisirayeli.


N’iyihe Mana ihwanye nawe, iharira ibigabitanyo, ikīrengagiza igicumuro c’amasigarira y’abo yīzīziye? Ntuhorana uburake imisi yose, kuk’ uhimbarwa no kugira imbabazi.


Abo bazomera nk’abahizi mu rugamba, basiribangira abansi babo mu vyondo vyo mu nzira; bazorwana, kuk’ Uhoraho ari kumwe na bo: kand’ abagendera ku mafarasi bazomāramāra.


Kuko ntazosubira guterwa akagongwe n’ababa mur’ iki gihugu, ni k’Uhoraho agize; ariko nzobagabura, umuntu wese ndamute mu kuboko kw’uwamuragira, no mu kuboko kw’umwami wiwe; abo bazorya igihugu, kandi sinzobarokora ngo mbakūre mu maboko yabo.


Uwo musi nzohindura Yerusalemu ibuye riremēra amahanga yose, abazoryikorera bose bazokomereka bibi; kand’ amahanga yose yo mw isi azokoranywa no kuharwanya.


kandi n’ihanga rya Egiputa ni ritadūga ngo rize, rizoterwa n’icago Uhoraho azoteza amahanga atadūga kumara imisi mikuru y’insago.


Uhoraho Nyen’ ingabo azobakīranira; bazoyogeza, basiribange amabuye atewe n’umugozi; bazoromozwa n’amaraso basāmūke nk’ababorewe vino: bazokwuzura amaraso nk’ inzavya, bahinduke nk’inkokora z’igicaniro.


Kandi muzosiribanga abanyakibi; bazoba umunyota musi y’ibirenge vyanyu ku musi nzoshinga, ni k’Uhoraho Nyen’ ingabo agize.


Barabunze, baryama nk’intambge, Mbere nk’intambge y’ingore: ni nde yohāngāra kubavyutsa? Ūzobahezagira na we ahezagirwe, Ūzobavuma na we avumwe.


Kand’ umuntu n’atabākīra, canke ngo yumve amajambo yanyu, mukiva mur’ ino nzu canke muri nya gisagara, muze mukunkumure umukungugu wo mu birenge vyanyu.


Na bo babihāririje barogose, akunkumura impuzu ziwe, arababarira, at’ Amaraso yanyu araba ari mwebge akora! Jeho ndacuna; guhēra ubu ndaja ku banyamahanga.


Mwirinde ntimwanke kwumva Iyirikw iravuga. Ba bandi ko batākize, hamwe banka uwababūririye mw isi, tweho tuzorushiriza cane kudakira, namba dutera ibitugu Iyitubūrira iri mw ijuru.


tweho tuzokwikiza dute, ni twanjanjwa ku gakiza kangana gartyo? Kabanje kuvugwa n’Umwami wacu, kagakomezwa kuri twebge n’abakumvise,


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ