Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Mika 5:7 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

7 Kand’ amasigarira ya Yakobo azoba mu moko menshi ababere nk’ikime kivuye k’Uhoraho, nk’urume rutonze ku bgatsi, bitororēra umuntu, canke ngo bitenyenyere abantu.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Mika 5:7
40 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Tuzomusēsekako ah’ azoba ari hose, tumutondeko nk’ ikime, nk’uko gitonda kw isi; nuk’ uhereye kuri we n’ingabo zose zizoba ziri kumwe na we, ntituzosiga n’uwa kirazira.


Abantu bawe bitanga babikunze ku musi ugomora ingabo zawe; Abasore bawe baza ah’ uri nk’ikime, Bashazishije ukwera, bavuye mu nda y’agatondotondo.


Kandi bimeze nk’ikime co kuri Herumoni, Gitonda ku misozi y’i Siyoni: Kukw ah’ ari ho Uhoraho yagereye umugisha, Ni wo bugingo bg’ibihe bidashira.


Azomanuka nk’imvura igwa ku vyatsi bitemwe, Nk’imvura y’umuvuvu itosa isi.


Uburake bg’umwami ni nk’ ukwivuga kw’intambge, Arikw ineza yiwe ni nk’ikime gihēmbūra ivyatsi.


gushitsa aho Mpwemu azodusukirwako avuye hejuru, ubugaragwa bugacika itongo rimera cane, kand’ itongo ryamera cane rikitwa ishamba.


Kuko nzosuka amazi ku gihugu gifise inyota, n’imigezi kw isi yumye; nzosuka Mpwemu wanje ku ruvyaro rwawe, n’umugisha wanje ku buzukuruza bawe:


Nk’ukw imvura na shelegi bigwa bivuye mw ijuru, ntibisubireyo, ariko bigatosa isi, bigatuma imeza, ikēra, igaha umubivyi imbuto, n’ ūrya ikamuha ivyo kurya;


Kandi nzoshira ikimenyetso muri bo, abarokotse muri bo nzobatuma mu mahanga, i Tarushishi n’i Puli n’i Ludi mu bafozi b’imiheto, n’i Tubali n’i Yavani, mu baba ku kiyaga kure, aho bataribgumve ko ndi rurangiranwa, ntibabone n’icubahiro canje; maze bazokwīgānira amahanga icubahiro canje.


Mu bigirwamana vy’imburakimazi vy’ amahanga har’ ivyoshobora kurekura imvura? Cank’ ijuru ubgaryo ryoshobora kurekura iy’ umurindi? Mbeg’ ūbishobora si wewe Uhoraho Mana yacu? Ni co gituma tukwitega; kukw ari wewe waremye ivyo vyose.


Ariko rero hazosigara amasigarira azokūrwayo, y’abahungu n’abakobga; ehe bazoza iyo muri, namwe muzobona ingeso zabo n’ibikorwa vyabo; kandi muzoshira umwikomo w’ivyago vyose nzoba narateje i Yerusalemu.


Nukw angarukana ku muryango w’ingoro; ngize ntya, mbona har’ amazi yiburuka ava musi y’urwinjiriro rw’irebe ry’ingoro, atembera i burasirazuba, kukw ingoro yari yerekeye i burasirazuba nyene; nukw ayo mazi yatemba, ava i buryo bg’ ingoro, aca i ruhande y’igicaniro, ahahera i bumanuko.


Uku ni k’Umwami Uhoraho agize, at’ Ehe ngaha i Yerusalemu, aho natabitse hagati y’amahanga n’ibihugu bihakikije!


Abakora ibibi vyo kurwanya isezerano azobazimirisha akarimi keza; arikw abantu bazi Imana yabo bazoshikama bakore ibikomeye.


Isirayeli nzomubera nk’ ikime, na we azoshurika nk’ikirungu, ashōre imizi nk’ibiti vy’i Lebanoni.


Enda tumenye Uhoraho, tugire umwete wo kumumenya; nk’uk’ umutwenzi ata cowubuza kuza, ni ko na we azoza: azotuzako nk’imvura, nk’ imvura y’umutasuro inyosheje hasi.


Kand’ umuntu wese azokwambaza izina ry’Uhoraho azokizwa: kuko ku musozi Siyoni n’i Yerusalemu hazoba agakiza, nk’uk’ Uhoraho yavuze, kandi mu masigarira hazobamw’ abo Uhoraho azoba ahamagaye.


Mwanke ibibi, mukunde ivyiza, mukomeze imanza zibereye mw ishikiro ry’igisagara: kumbure Uhoraho Imana Nyen’ ingabo azohangaza amasigarira ya Yosefu.


Ewe Yakobo! Sinzobura gukoraniriza abawe bose hamwe, kandi sinzobura kwegeranya amasigarira y’Abisirayeli; nzobakumakumira hamwe nk’intama z’i Bosira; bazohūrīra nk’umukuku uri mwinshi mu canya cawo.


Va hasi uhūre, ewe mukobga w’i Siyoni! Kukw ihembe ryawe nzorihindura icuma, n’inzāra zo ku binono vyawe nzozihindura imiringa; kand’ uzojonjanga amahanga menshi; iminyago wabanyaze uzoyigira inyegu y’Uhoraho, n’ibintu vyabo ubigire inyegu ya Nyen’ isi yose.


kand’ abacumbagira nzobasigazaho babe amasigarira, n’abari baraciwe mbahindure ihanga rikomeye; maze jewe Uhoraho nzobaganza ndi ku murwa Siyoni, uhereye aho ugashitsa ibihe bidashira.


Ni co gituma azobagabura mu bansi, gushitsa ah’ ūramutswe azovyarira: ni ho amasigarira yo mu bavukana na we azogaruka mu Bisirayeli.


Kand’ amasigarira ya Yakobo azoba mu mahanga no mu moko menshi nk’intambge iri mu bikōko vyo mu kibira, canke nk’umugunza wayo uri mu mikuku y’intama: iyo uziciyemwo, urazinyukanyuka, ukazitabagura, ata wo kuzikiza.


N’iyihe Mana ihwanye nawe, iharira ibigabitanyo, ikīrengagiza igicumuro c’amasigarira y’abo yīzīziye? Ntuhorana uburake imisi yose, kuk’ uhimbarwa no kugira imbabazi.


Amasigarira y’Abisirayeli ntibazokora ivyo kugabitanya, canke ngo bavuge ibinyoma, kandi nta rurimi rw’ubugunge ruzoboneka mu kanwa kabo: bazorisha bagaramange, ata wubateye ubgoba.


Kandi kur’ uwo musi amazi y’ubugingo azova i Yerusalemu; amazi amwe azotembera mu kiyaga c’i burasirazuba, ayandi mu kiyaga c’i burengerazuba. Bizoba birtyo mu ci no mu mvura.


Kuko mfoye Buyuda nk’umuheto, Efurayimu ndamushize mu ruge; kand’ abana bawe, Siyoni we, nzobateranya n’abana bawe Bugiriki we; nzoguhindura nk’inkota y’umuhizi.


Nuko ni mugende, muhindure amahanga yose abigishwa, mubabatiza mw izina rya Data wa twese n’iry’ Umwana n’irya Mpwemu Yera;


Ngitanguye kuvuga, Mpwemu Yera arabamanukira, nk’uko yamanukiye kuri twebge ubga mbere.


Paulo na Barunaba bavuga bashize amanga, bati Vyari bibereye kw ijambo ry’Imana ribanza kubgirwa mwebge; none ko murishibuye, mukībūra ko mutabereye ubugingo budashira, ehe‐e duhindukiriye abanyamahanga.


Maze Paulo mw ijoro arota inzozi, abona umugabo w’i Makedoniya ahagaze amwinginga, ati Jabuka uze i Makedoniya, udutabare.


Umwami aramwishura, ati Pfa kugenda, kuk’ uwo muntu ar’ ikintu nītoranirije, ngw ajane izina ryanje imbere y’abanyamahanga n’abami n’Abisirayeli:


Kandi Yesaya ashira amanga cane, aravuga, ati Nabonywe n’abatāndondeye, Neretswe abatāmbaririkije.


Ariko, k’ukugwa kwabo ar’ ubutunzi bg’abari mw isi, n’ukugabanuka kwabo ar’ ubutunzi bg’abanyamahanga, ukugwira kwabo ntikuzorushiriza cane?


None tuvuge iki? Enda tuvuge yukw abanyamahanga batākurikiye ivy’ ukugororoka bāshitse ku kugororoka, ni kwo kugororoka kuva ku kwizera:


Ni jewe nateye imbuto, Apolo arazivomera, arikw Imana ni yo yazikujije.


Ukwigisha kwanje kugwe nk’ imvura, Amajambo yanje atonde nk’ ikime, Abe nk’ukw imvura y’akajogotera igwa ku rumerēra, Kandi nk’iy’ akavuvu iy’ igwa ku bgatsi.


Maze Gideyoni abarira Imana, ati Namb’ uzokiza Abisirayeli, ubakirishije jewe nk’uko wavuze,


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ