Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Mika 5:6 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

6 Kand’ igihugu ca Ashuri bazokiririkisha inkota, bo n’igihugu ca Nimurodi uhereye ku mbibe zaco. Nukw azodukiza Umwashuri, ni yaza mu gihugu cacu, akadukandagirira mu rubibe.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Mika 5:6
26 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Kandi ku ngoma ya Peka umwami w’Abisirayeli, Tigulati‐pileseri umwami w’i Ashuri araza, atera ahitwa Iyoni n’i Abeli‐beti‐mayaka, n’i Yanowa n’i Kedeshi, n’i Hasori n’i Gileyadi, n’i Galilaya n’igihugu cose c’i Nafutali; abantu baho abajana i Ashuri ar’ inyagano.


Kandi Kushi yavyaye na Nimurodi: ni we wa mbere yabaye cīhabugabo mw isi.


Ni co catumye Uhoraho abatēza abagabisha b’ingabo z’umwami w’i Ashuri, bagafata Manase, bakamubohesha ivyuma, bakamushira mu minyororo, bakamujana i Babuloni.


Iyo mmaze kuvuga, nta wagira ico asubiza; Amajambo yanje yabatonyangako.


Abantu bawe bitanga babikunze ku musi ugomora ingabo zawe; Abasore bawe baza ah’ uri nk’ikime, Bashazishije ukwera, bavuye mu nda y’agatondotondo.


Azomanuka nk’imvura igwa ku vyatsi bitemwe, Nk’imvura y’umuvuvu itosa isi.


Amahanga azobajana abasubize i wabo, maz’ ab’ inzu ya Isirayeli bazoyatungira mu gihugu c’Uhoraho, yose bayahindure abaja b’abahungu n’abakobga: kand’ abābajana kw inyagano, na bo bazobajana kw inyagano, kandi bazotwara abābahahaza.


nzovunagurira Abashuri mu gihugu canje, kandi nzobasiribangira mu misozi yanje miremire: ni ho ingōgo yiwe izobavako, n’imitwaro yabakorera ibave ku bitugu.


Uzobona ibara, wewe unyaga kand’ utānyazwe, uryarukana kandi batākuryarutse! Ni waheza kunyaga, nawe uzonyagwa; kandi ni wamara kuryarukana, bazokuryaruka nawe.


Maz’ umumarayika w’Uhoraho arasohoka, atera mu nsago z’Abashuri, yicamw’ ingabo ibihumbi ijana na mirongumunani na bitanu: abantu bavyutse mu gatondo basanga ingabo zose ar’ imihindigiti y’imivyimba.


Nuko Senakeribu umwami w’i Ashuri aca arataha, asubira inyuma, aja kuba i Ninewe.


Kandi naho cosigarwamwo n’ikigiracumi co muri bo, na bo bazokwongera batikizwe: nk’ukw ibiti vy’umwela n’umweloni bisigarana igishitsi, bimaze gucibga, ni k’uruvyaro rwera ar’ igishitsi cabo.


Mu bigirwamana vy’imburakimazi vy’ amahanga har’ ivyoshobora kurekura imvura? Cank’ ijuru ubgaryo ryoshobora kurekura iy’ umurindi? Mbeg’ ūbishobora si wewe Uhoraho Mana yacu? Ni co gituma tukwitega; kukw ari wewe waremye ivyo vyose.


Urwobo rw’intambge rwabaye iki, n’irīro ry’imigunza, ah’ intambge n’ingore yayo n’ivyana vyazo vyatahukira, ata co vyicura?


Kand’ azobangurira ukuboko kwiwe i burārūko, ageseze Ashuri; Ninewe ahahindure amatongo, hume nk’ikigatwa.


Ariko nzogusigamw’ abaciye bugufi na ba nyarucari, abo ni bo bazokwizigira izina ryanje jewe Uhoraho.


Ngw idukize abansi bacu n’amaboko y’abatwanka bose:


Kw izoduha gukizwa amaboko y’abansi bacu, Tukayisenga ata bgoba,


Atangurira kuri Mose no ku bāvugishwa n’Imana bose, abasobanurira mu vyanditswe vyose ivyanditswe kuri we.


Ukwigisha kwanje kugwe nk’ imvura, Amajambo yanje atonde nk’ ikime, Abe nk’ukw imvura y’akajogotera igwa ku rumerēra, Kandi nk’iy’ akavuvu iy’ igwa ku bgatsi.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ