nzovunagurira Abashuri mu gihugu canje, kandi nzobasiribangira mu misozi yanje miremire: ni ho ingōgo yiwe izobavako, n’imitwaro yabakorera ibave ku bitugu.
Uku ni k’Uhoraho agize, ati Nk’ukw ihando ry’umuzabibu riboneka ko ririmw’ umutobe, bakavuga, bati Ntuwurandure, kuk’ ugifise ikimazi, uko ni ko nanje nzogira, kubg’ abasavyi banje, noye kubarandura bose.
Abo bazorwanya Umwagazi w’Intama, uwo Mwagazi azobanesha, kukw ari we aganza abaganza n’Umwami w’abami, kand’ abari kumwe na we, bāhamagawe, bātoranijwe, bāyobotse, na bo bazobanesha.