Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Mika 5:5 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

5 Kand’ uwo muntu azoba amahoro yacu. Umwashuri ni yaza mu gihugu cacu, akadusiribangira ingoro, tuzomugomorera abungere ndwi, n’abaganwa munani.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Mika 5:5
31 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Izokurokora mu vyago bitandatu, Mbere no mu vyago ndwi nta kibi kizogukorako.


Mu misi yiwe abagororotsi bazororanirwa, Kandi hazosēndēra amahoro, gushitsa ah’ ukwezi kuzoviraho.


Har’ ibintu bitatu vy’igitangaza bindengeye, Mbere ni bine ntomenya,


Har’ ibintu bitatu bigenda birashogamanga, Mbere ni bine bigenda birashonyashonya,


Har’ ibintu bitandatu Uhoraho yanka, Mbere n’indwi bimusesema:


Uhe umugabane abantu ndwi, mbere na munani; kuk’ utazi icago cotera mw isi.


nzovunagurira Abashuri mu gihugu canje, kandi nzobasiribangira mu misozi yanje miremire: ni ho ingōgo yiwe izobavako, n’imitwaro yabakorera ibave ku bitugu.


mvuga ivya Kuro, nti N’umwungere wanje, azoshitsa ivyo ngomba vyose; nkavuga ivya Yerusalemu, nti Hazokwubakwa; nkabarira urusengero, nt’ Itanguriro ryawe rizoshirwaho.


Ni ho bazokwubaha izina ry’Uhoraho, uhereye i burengerazuba, n’icubahiro ciwe uhereye iyo rirasira: kukw azoza nk’uruzi rusēnyerana, rukubebga n’impwemu z’Uhoraho.


Uku ni k’Uhoraho agize, ati Nk’ukw ihando ry’umuzabibu riboneka ko ririmw’ umutobe, bakavuga, bati Ntuwurandure, kuk’ ugifise ikimazi, uko ni ko nanje nzogira, kubg’ abasavyi banje, noye kubarandura bose.


Ni co gitumye Uhoraho ubgiwe ari we agira abīhēre ikimenyamenya: Rāba, inkumi izosama inda, ivyare umwana w’umuhungu, izomwita Imanuweli.


Mur’ iyo misi no mur’ ico gihe nzoshamikisha kuri Dawidi uwitwa Shami w’umugororotsi; azoca iziroranye n’izigororotse mu gihugu.


Uku ni k’Uhoraho agize, ati Kubg’ ibicumuro bitatu vy’i Damasiko, mbere ni bine, sinzovyirengagiza; kuko bāhūraguje i Gileyadi ibibando vy’ivyuma:


Uku ni k’Uhoraho agize, ati Kubg’ ibicumuro bitatu vy’i Gaza, mbere ni bine, sinzovyirengagiza; kuko bajanye ihanga ryose ar’ inyagano, bakabashora ku Banyedomu:


Azoca mu kiyaga kigoye, akubite imipfunda yo mu kiyaga, kand’ uruzi rwa Nili muri nyina hose hazokama: ubgibone bga Ashuri buzocishwa bugufi, n’icumu ry’ umwami wa Egiputa rizovaho.


Uburake bganje buziriringiye abungere, kandi nzohana impfizi z’impene: kuk’ Uhoraho Nyen’ ingabo aje kugendera umukuku wiwe, ni wo nzu ya Yuda, kand’ azobahindura nk’ifarasi yiwe nziza yo mu ntambara.


Kur’ uwo musi abatware b’Abayuda nzobahindura nk’urujo rurik’ umuriro rushirwa mu nkwi, canke nk’urumuri rwaka rushizwe mu mikama y’ingano; bazotōngōra amahanga yose abakikije i buryo n’i bumoso; kandi Yerusalemu hazokwongera kwubakwa aho hāhoze, ni ho i Yerusalemu nyene.


Muri Efurayimu nzohaca imikogote, n’i Yerusalemu nzohaca amafarasi, kand’ imiheto y’intambara izocibga. Uyo azobgira amahanga ivy’ amahoro, kand’ ubgami bgiwe buzohēra ku kiyaga bushike ku kindi, buhēre no kuri rwa Ruzi bushike ku mpera y’isi.


Kuko mfoye Buyuda nk’umuheto, Efurayimu ndamushize mu ruge; kand’ abana bawe, Siyoni we, nzobateranya n’abana bawe Bugiriki we; nzoguhindura nk’inkota y’umuhizi.


zit’ Icubahiro ni kibe ku Mana ahasumba ijuru, No mw isi amahoro abe mu b’inezererwa.


Amahoro ndayabasigaranye, amahoro yanje ndayabagabiye. Jeho simbagabira nk’ukw ab’ isi bagaba. Imitima yanyu ntihagarare, kandi ntitinye.


Ivyo mbibabgiye, kugira ngo mugire amahoro muri jewe. Mw isi muri n’amarushwa, ariko ni muhūmure, jewe naranesheje isi.


Abo bazorwanya Umwagazi w’Intama, uwo Mwagazi azobanesha, kukw ari we aganza abaganza n’Umwami w’abami, kand’ abari kumwe na we, bāhamagawe, bātoranijwe, bāyobotse, na bo bazobanesha.


Ingabo zo mw ijuru ziramukurikira, zicaye ku mafarasi y’ibitare, zambaye impuzu nziza zera derere, zitanduye.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ