Ni co gituma nzosubira ku ngano zanje mu gihe zokweze, no kuri vino yanje mu gihe yoganiwe, kandi nzomushikura bga bgoya bganje bg’intama n’ipampa yanje, vyari kumumara ubgambure bgiwe.
Arik’ umuntu wese azokwībēra musi y’umuzabibu wiwe no musi y’umusukoni wiwe; kandi nta wuzobakanga: kukw akanwa k’Uhoraho Nyen’ ingabo ari ko kabivuze.
Kand’ amasigarira ya Yakobo azoba mu mahanga no mu moko menshi nk’intambge iri mu bikōko vyo mu kibira, canke nk’umugunza wayo uri mu mikuku y’intama: iyo uziciyemwo, urazinyukanyuka, ukazitabagura, ata wo kuzikiza.