Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Mika 5:3 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

3 Ni co gituma azobagabura mu bansi, gushitsa ah’ ūramutswe azovyarira: ni ho amasigarira yo mu bavukana na we azogaruka mu Bisirayeli.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Mika 5:3
31 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Kand’ azoheba Abisirayeli, abahōye ivyaha Yerobowamu yakoze, akabikwegeramwo n’Abisirayeli.


Ngo Kandi ntimuse na ba sogokuruza banyu, cank’ abandi b’i wanyu bāgenda bacumura k’Uhoraho Imana ya ba sekuruza, bigatuma ibatanga bakagesezwa, nk’uko namwe mubibona.


Mana, amoko agushime, Amoko yose agushime.


Kandi kur’ uwo musi Umwami Imana azotuma ukuboko ubugira kabiri, kugarukana amasigarira y’abantu biwe, abazoba bagisigaye, abakūre muri Ashuri no muri Egiputa n’i Patirosi n’i Kushi no muri Elamu n’i Shinari n’i Hamati no mu bizinga vyo mu kiyaga.


aravuga, ati Kuba umushumba wanje, ugashira hejuru imiryango ya Yakobo, ukagarukana abarokotse b’Abisirayeli, ivyo ntibihāgije: ariko kandi ndagushizeho ng’ ube umuco wākira amahanga, kugira ngo n’ abo ku mpera y’isi ubashikirize agakiza kanje.


Rāba imisi izoza, ni jewe Uhoraho mbivuze, nzonagisha kuri Dawidi uwitwa Shami w’umugororotsi, kand’ azoganza nk’ umwami, agire ikiganza ciza, ace iziroranye n’izibereye mu gihugu.


Ico gihe, ni k’Uhoraho agize, nzoba Imana y’imiryango yose y’Abisirayeli, na bo bazoba abantu banje.


Nzorondera iyazimiye, ngarukane iyahuvye, nunge īvunitse, nsindagize īrwaye, izivyibushe n’izikomeye ndazibogeke; zose nzoziragira mu buryo buroranye.


Noshobora nte kuguheba ga Efurayimu? Noshobora nte kugutanga ga Isirayeli? Noshobora nte kukugirira nk’i Adima? Noshobora nte kuguhindura nk’i Seboyimu? Umutima wanje ubuze uburagamo muri jewe, n’imbabazi zanje zose zirakongerejwe.


Nuko rero, ehe ngira ndamukwēgēre, mmushikane mu bugaragwa, ndamuremeshe.


Ni co gituma nzosubira ku ngano zanje mu gihe zokweze, no kuri vino yanje mu gihe yoganiwe, kandi nzomushikura bga bgoya bganje bg’intama n’ipampa yanje, vyari kumumara ubgambure bgiwe.


Mwanke ibibi, mukunde ivyiza, mukomeze imanza zibereye mw ishikiro ry’igisagara: kumbure Uhoraho Imana Nyen’ ingabo azohangaza amasigarira ya Yosefu.


Arik’ umuntu wese azokwībēra musi y’umuzabibu wiwe no musi y’umusukoni wiwe; kandi nta wuzobakanga: kukw akanwa k’Uhoraho Nyen’ ingabo ari ko kabivuze.


kand’ abacumbagira nzobasigazaho babe amasigarira, n’abari baraciwe mbahindure ihanga rikomeye; maze jewe Uhoraho nzobaganza ndi ku murwa Siyoni, uhereye aho ugashitsa ibihe bidashira.


Kand’ amasigarira ya Yakobo azoba mu moko menshi ababere nk’ikime kivuye k’Uhoraho, nk’urume rutonze ku bgatsi, bitororēra umuntu, canke ngo bitenyenyere abantu.


Kand’ amasigarira ya Yakobo azoba mu mahanga no mu moko menshi nk’intambge iri mu bikōko vyo mu kibira, canke nk’umugunza wayo uri mu mikuku y’intama: iyo uziciyemwo, urazinyukanyuka, ukazitabagura, ata wo kuzikiza.


Uzorya ntuhage, uhorane ikigoyi mu nda; ivyo uzonyuruza ntuzobikiza, kandi n’ivyo wokijije nzobigaburira inkota.


Yamar’ isi izohinduka umusaka, kubg’ abayibako, bahōwe ivy’ ibikorwa vyabo vyāmuje.


Kandi nzokomeza inzu ya Yuda, nkize n’inzu ya Yosefu; nzobagarukana, kuko mbagiriye ikigongwe; bazomera nk’aho ntigeze kubaca, kuko jewe nd’Uhoraho Imana yabo, kandi nzobumva.


Azovyara umwana w’umuhungu, nawe uz’ umwite YESU, kukw ari we azokiza abantu biwe ivyaha vyabo.


Kuk’ umuntu wese akora ivyo Data wo mw ijuru agomba ari we murumunanje na mushikanje na mama.


Umwami na we azobishura, ati Ndababgire ukuri: Ko mwabigiriye umwe mur’ aba bene Data bari hanyuma y’abandi, ni jewe mwabigiriye.


Kukw abo yamenye kera yabatoranirije kera gushushanywa n’ishusho y’Umwana wayo, kugira ngw abe imfura muri bene Se benshi:


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ