Kand’ igihe nava i Padani nabonye amagorwa, Rakeli arapfa, turi mu rugendo mu gihugu c’i Kanani, twari dushigaje akarere tugashika muri Efurata; ndamuhamba ku nzira ija muri Efurata, ari ho Betelehemu.
Enda tumenye Uhoraho, tugire umwete wo kumumenya; nk’uk’ umutwenzi ata cowubuza kuza, ni ko na we azoza: azotuzako nk’imvura, nk’ imvura y’umutasuro inyosheje hasi.
Nezerwa cane, wa mukobga w’i Siyoni we! Sēsereza impundu, wa mukobga w’i Yerusalemu we! Rāba, umwami wawe aje kuri wewe, n’umugororotsi, kand’ ari n’inganji; yicishije bugufi, agendera ku ndogoba, mbere ni ku mukangara, inyana y’indogoba.
ngo Kandi wewe, Betelehemu mu ntāra ya Yuda, Nturi mutoya mu baganwa ba Yuda, Kuko kuri wewe hazova ūganza, Ni we azoragira abantu banje b’Abisirayeli.
Mu misi y’abacamanza ikigoyi cateye mu gihugu. Nuk’ umugabo w’i Betelehemu h’i Buyuda asuhukira mu gihugu c’i Mowabu, bo n’umugore wiwe n’abahungu biwe bompi.
Nukw abantu bose bāri kw irembo n’abashingantahe baramwishura, bati Tur’ ivyabona vy’ ivyo. Uwo mugore aje mu nzu yawe, Uhoraho amuhwanye na Rakeli na Leya, ari bo bompi bāshinze inzu ya Isirayeli: nawe uragasagamba muri Efurata, ube rurangiranwa i Betelehemu: