15 Kandi nzokwīhōra amahanga atumvira, nsuguriwe, ndatse.
Yo kwihōresha amahanga, No guhanisha amoko;
Ni co gituma Umwami, Uhoraho Nyen’ ingabo, Inyenkomezi y’Abisirayeli, avuga, at’ Erega nzotururuzwa n’ukwīhōra abarwanizi banje, kand’ abansi banje nzobasubiriza mu nkōko!
nanje nzobashirirah’ inkota, mwese muzokwunamira kwicwa: kukw igihe nahamagara mutitavye, n’igihe navuga mutumvise; ariko mugakora ivyo mbona kw ari bibi, mukitoraniriza ibitannezera.
Kand’ amasigarira ya Yakobo azoba mu mahanga no mu moko menshi nk’intambge iri mu bikōko vyo mu kibira, canke nk’umugunza wayo uri mu mikuku y’intama: iyo uziciyemwo, urazinyukanyuka, ukazitabagura, ata wo kuzikiza.
Enda ni mwumve ico Uhoraho avuga, ati Va hasi, ubūranire imbere y’imisozi, uturambi ni twumve ijwi ryawe.
hagati mu muriro waka, yishure guhōrwa abatāmenye Imana n’abatumvira ubutumwa bgiza bg’Umwami wacu Yesu.