Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Mika 5:13 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

13 Nzorandura muri wewe ibishushanyo vyawe bibājwe, n’ibigirwamana vyawe vy’ inkingi; ntuzokwongera gusenga ivyakozwe n’amaboko yawe.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Mika 5:13
17 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Igihugu cabo cuzuye n’ibigirwamana; basenga ivyakozwe n’amaboko yabo, intoke zabo ubgabo ari zo zabikoze.


Ivyo ni vyo bizotuma ukugabitanya kwa Yakobo kuzokwozwa, kumuveko; kand’ imbuto zose zizova mu gukūrwakw icaha ciwe n’izi: n’ukw azohindura amabuye yose y’igicaniro nk’ingwa y’amabuye ihondaguwe, kugira ngw inkingi zari zarashingiwe Ashera n’iz’ izuba ntizize zishingwe ukundi.


Amazu yawe bazoyatongoza umuriro, bagushitsekw iteka uciriweko, abagore benshi babirorēra; nanje nzozimiriza ugusambana kwawe, kandi ntuzokwongera gutanga impēra yakwo ukundi.


Kandi nzobamijakw amazi meza, mushire imvyiro: nzoboza imyanda yanyu yose, n’ibigirwamana vyanyu vyose.


Ntibazokwongera kwihumanisha ibigirwamana ukundi, cank’ ibizira vyabo, cank’ ibicumuro vyabo vyose; ariko nzobarokora mbakūre ahantu bibera bākoreye ivyaha, mbatunganye: uko ni ko bazoba abantu banje, nanje mbe Imana yabo.


Kand’ abazoba baracitse bo muri mwebge bazonyibuka bari mu mahanga, aho bazoba barajanywe ar’ inyagano, bamenye ingene nashābijwe n’imitima yabo yabaye ibimaka ikamvako, kandi ko nashābijwe n’amaso yabo y’ubumaka bagenda banyuririza ku bigirwamana vyabo: baheze biyanke urunuka kubg’ ibibi bakoze n’ ibizira vyabo vyose.


Bagira imitima ibiri: noneho babonetsek’ urubanza rubatsinze. Imana izosangangura vya bicaniro vyabo, isitagure za nkingi zabo.


Mut’ Abashuri si bo bazodukiza; muti Ntituzosimbira ku mafarasi; muti Kandi nta ho tuzokwongera kubarira ivyakozwe n’intoke zacu, ngo Mur’ imana zacu; muti Kuko kuri wewe ari ho impfuvyi zigirirwa imbabazi.


Efurayimu azovuga, ati Turacahūriye hehe n’ibigirwamana? Naramwishuye, kandi nzomushirak’ umutima. Mmeze nk’igiti c’akajwari gitotahaye: imbuto zawe ni jewe zandurukako.


Kand’ Uhoraho yarashinze ivyawe, ngo Nta bandi b’izina ryawe bazosubira gutoha; nzohenebereza igishushanyo cabājwe n’igishushanyo cavugutiwe mu nkero mu nzu y’ibigirwamana vyawe; nzokwimbira icobo co kuguhambamwo, kuk’ ugayitse.


Nzobangurira ukuboko kwanje Abayuda n’ababa i Yerusalemu bose; nzorandura amasigarira ya Bayali aho hantu, n’izina ry’ibishegu hamwe n’abaherezi;


Kandi kur’ uwo musi nzoherengeteza amazina y’ibigirwamana mu gihugu, ni k’Uhoraho Nyen’ ingabo agize, vyoye kuzokwibukwa ukundi; kandi ba kamenyi nzobamaririkanya mu gihugu bo n’impwemu zihumanye.


Abantu bārokotse, batishwe n’ivyo vyago, ntibihana ivyakozwe n’intoke zabo, ngo bareke gusenga abadayimoni n’ibigirwamana vy’izahabu n’ivy’ ifeza n’ivy’ imiringa n’ivy’ amabuye n’ivy’ ibiti, bidashobora kubona canke kwumva canke kugenda:


Nuko bano ukw ari batanu bāri baratase ico gihugu, ni kwo kudūga bakinjira mu nzu, bagasahura ico gishushanyo kibājwe na efodi na terafimu na ca gishushanyo kivugutiye mu nkero; arik’ uwo muherezi yar’ ahagaze kw irembo hamwe n’abo bantu ukw ar’ amajana atandatu bitwaje ibirwanishwa.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ