12 nzoshikura ubupfumu mu kuboko kwawe, kandi ntuzoba ukigira abaragura.
Ibigirwamana bizoherengetera rwose.
Kur’ uwo musi umuntu azoshibura ibigirwamana vyiwe vy’ifeza, n’ibigirwamana vyiwe vy’izahabu, ivyo bamucuriye ngw abisenge, abishiburire amafuku n’ubuhungarema;
Ivyo ni vyo bizotuma ukugabitanya kwa Yakobo kuzokwozwa, kumuveko; kand’ imbuto zose zizova mu gukūrwakw icaha ciwe n’izi: n’ukw azohindura amabuye yose y’igicaniro nk’ingwa y’amabuye ihondaguwe, kugira ngw inkingi zari zarashingiwe Ashera n’iz’ izuba ntizize zishingwe ukundi.
Maz’ igisigaye akagihindura ikigirwamana, ar’ igishushanyo ciwe yabāje: akacikubita imbere akagisenga, akacambaza, ati Nkiza, kuk’ ur’ imana yanje.
Amazu yawe bazoyatongoza umuriro, bagushitsekw iteka uciriweko, abagore benshi babirorēra; nanje nzozimiriza ugusambana kwawe, kandi ntuzokwongera gutanga impēra yakwo ukundi.
Kandi nzobamijakw amazi meza, mushire imvyiro: nzoboza imyanda yanyu yose, n’ibigirwamana vyanyu vyose.
Kur’ uwo musi ab’inzu ya Dawidi n’ababa i Yerusalemu bazotoborerwa imbizi yo kubōza ivyaha n’ibihumane.
Kukw ayo mahanga mugiye gusohora ar’ abantu bemera abatera amabara n’ abapfumu; ariko mweho, Uhoraho Imana yanyu ntiyemera ko mugenza murtyo.
Ico gikōko gifatwa mpiri, bo na wa muvugishwa w’ibinyoma, yakorera vya bimenyetso mu maso yaco, akabizimirisha abemeye gushirwakw ikimenyetso ca ca gikōko n’abasenga igishushanyo caco. Vyompi bitererwa bibona mu kiyaga caka umuriro n’amazuku.
Inyuma hazoba imbga n’abarozi n’abashakanyi n’abicanyi n’abasenga ibigirwamana, n’umuntu wese akunda kubesha akabikora.