Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Mika 5:11 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

11 kandi nzorandura ibisagara vyo mu gihugu cawe, mpomvagurire hasi amaboma yawe yose;

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Mika 5:11
10 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Igihugu canyu n’amatongo, ibisagara vyanyu vyakomvomvowe n’umuriro, abanyamahanga babaryana igihugu canyu mubona, kandi cacitse amatongo nk’ahakomvomvowe n’abanyamahanga koko.


Kukw abantu bawe, ari bo nzu ya Yakobo, wabahebeshejwe n’uko buzuyemw’ imigenzo ivuye i burasirazuba, bakaragura nk’Abafilisitiya, kandi bakifatanya n’abana b’abanyamahanga.


Ivyo ni vyo bizotuma ukugabitanya kwa Yakobo kuzokwozwa, kumuveko; kand’ imbuto zose zizova mu gukūrwakw icaha ciwe n’izi: n’ukw azohindura amabuye yose y’igicaniro nk’ingwa y’amabuye ihondaguwe, kugira ngw inkingi zari zarashingiwe Ashera n’iz’ izuba ntizize zishingwe ukundi.


Ndamubaza, nti Mwami, n’ugushitsa ryari? Aranyishura, ati N’ugushitsa ah’ ibisagara bizobera imisaka, ata wukibibamwo, n’amazu ata wukiyabamwo, n’igihugu kigahinduka amatongo masa,


Umwami Imana asanganguye amazu yose ya Yakobo ata kagongwe; Yahenuranye uburake ibihome vy’umukobga w’i Buyuda; Arabitsinda gushitsa hasi: Abami n’abaganwa babo yabahinduye ibihumane.


maz’ uzovuga, uti Hinge ndūge ntere igihugu c’imihana itubakiwe inzitiro z’amabuye, ngīre abibereye impore ata co binona, bose uko bangana baba ahatubakiwe inzitiro, ata n’imyugariro cank’ amarembo bagira;


Ni co gituma hazoba imivurungano mu bgoko bganyu, kand’ ibihome vyanyu vyose bizosangangurwa, nk’uko Shalumani yasanganguye Beti‐Arubeli ku musi w’intambara, ah’ umuvyeyi yavunaguranwa n’abana biwe.


ni we atuma agatikizo gasūmira abanyenkomezi, kagashika no ku bihome bikomeye.


Aranyishura, ati Ngiri ijambo Uhoraho atumye kuri Zerubabeli, ati Si kubg’ inkomezi, si kubg’ ubushobozi, ariko ni kubga Mpwemu wanje, ni k’Uhoraho Nyen’ ingabo agize.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ