Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Mika 5:1 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

1 Rinda ushikame, wa boma we! Kuko badutanze irya n’ino: umucamanza w’Abisirayeli bazomukubita inkoni kw itama.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Mika 5:1
35 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Nuko Rakeli arapfa, bamuhamba ku nzira ija muri Efurata, ari ho Betelehemu.


Icumu ry’ubugabe ntirizova kuri Yuda, Inkoni yo kuganza ntizova hagati y’ibirenge vyiwe, Nyene vyo ataraza: Uwo ni we amahanga azokwumvira.


Maze Zedekiya mwene Kenayana yēgēra Mikaya amukubita urushi, aramubaza, at’ Iyo mpwemu y’Uhoraho yaciye hehe mu kuva muri jewe iza kuvugana nawe?


Maz’ Uhoraho amutēza ibitero vy’Abakaludaya n’ivy’ Abasiriya n’ivy’ Abanyamowabu n’ivy’ Abamoni, abagomorera i Buyuda ngo baharandure, nk’ukw ijambo ryiwe riri, iryo yavugiye mu basavyi biwe yavugisha.


Baranyasamiye n’akanwa kabo, Bankoze kw itama bantuka; Bankoraniyeko.


Nashizweh’ uhereye kera hose, uhereye mbere na mbere, Isi itararemwa.


Nzomutuma gutera ihanga rikora ibizira, kand’ ubgoko ndakiye nzomugera kubunyaga, agigimvye inyagano, abasiribangire hasi nk’ivyondo vyo mu nzira.


Kuk’ Uhoraho ari we mucamanza wacu; Uhoraho ni we adushingira ivyagezwe; Uhoraho ni we Mwami wacu: azodukiza.


Ni mukorane, mwa mahanga mwe: ariko muzovunagurika; tega amatwi, mwebge mwese bo mu bihugu vya kure: mukenyere, ariko muzovunagurika! Mukenyere, ariko muzovunagurika!


Kukw ivyākīngira abafise ibirwanishwa mu ntambara, n’impuzu zivumbagajwe mu maraso, bizoba ivyo gucanwa, bibe inkwi z’umuriro.


nzotuma kugomora imiryango yose y’i burārūko, ni jewe Uhoraho mbivuze, kandi nzotuma no kuri Nebukadineza umwami w’i Babuloni, umusavyi wanje, mbazane ngo barwanye iki gihugu n’abakibamwo, barwanye n’aya mahanga yose agikikije; kandi nzobageseza rwose, mbahindure akajoreza, n’abo kuvuzwakw agahwa, n’iciro ry’imigani ibihe bidashira.


Intambge isokorotse mu gisaka cayo, ni yo mugeseza w’amahanga; ifashe inzira, isokorotse ahantu hayo, kugira ngw itikize igihugu canyu, ibisagara vyanyu ngo bisigare ar’ imisaka, ata wukihaba.


N’ategere umusaya ūmukubita; bamuhāze ibitutsi.


Uzoba inkwi z’umuriro; n’amaraso yawe azodēngēra hagati mu gihugu; kandi ntuzosubira kwibukwa ukundi: kuko jewe Uhoraho mbivuze.


riti Mwana w’umuntu, wandike umusi, ni wo uyu musi nyene: kuk’ umwami w’i Babuloni ashitse hafi y’i Yerusalemu kur’ uyu musi nyene.


Nuk’ umenye, utahure, yuk’ uhereye igihe icagezwe kizoshingirwa co kuvyura no kwubaka Yerusalemu gushitsa kuri Mesiya Segaba, hazocah’ amayinga ndwi; maze habeh’ ayandi mayinga mirongwitandatu n’abiri, hasubire kwubakwa, basubizeh’ imiharuro n’ imigende; mbere bizoba bikorwa mu bihe bigoye.


Enda ni mwāmāmaze ibi mu mahanga, muti Ni mugabishe, mugomore abahizi, ingabo zose ni zīgire hafi, zidūge.


Kandi nzohahenebereza ūhaganza, ndamwicane n’abaganwa baho bose, ni k’Uhoraho agize.


Kukw ehe rāba, ngira nkakamure Abakaludaya, rya hanga ry’inkazi kandi ry’inkuba, bagenda batera isi iyo iva ikagera, bakikeberezako ingo zitar’ izabo.


Ndavyumvise, amara yanje aradobangana, Iminwa yanje iradegezwa kubg’ iryo iwi; Ikimungu cinjira mu magufa yanje, mpindira agashitsi aho ndi; Nkwiye guhangana n’umusi w’amagorwa nduhutse, Igihe abansi bazotēza ubgoko bgacu ibitero.


Buno bamuvuma amate mu maso, bamukubita ibipfunsi, abandi baramubīngūra,


Bamuvuma amate, bamushikura rya renga, barimukubita mu mutwe.


ariko jeho ndababgire: Ntimurwanye umunyakibi: ūgukubise urushi mu musaya w’i buryo umuhindukirize n’uwundi;


Avuze artyo, umwe mu bagendanyi ahagazeho akubita Yesu urushi, at’ Uko ni ko wishura umuherezi mukuru?


Baramwēgēra, bati Ndagize bgakeye, Mwami w’Abayuda. Maze baramubīngūra.


Ananiya umuherezi mukuru abarira abamuhagaze i ruhande kumukubita ku munwa.


Murihangana, iy’ umuntu abagize abaja, iy’ abariye, iy’ abafashe, iyo yishize hejuru, iy’ abakubise urushi.


Uhoraho azobagomorera ihanga rya kure, ribatere, arikūye ku mpera y’isi, rize nk’ukw inkukuma yirasa, ihanga mutazomenya ururimi rwaryo,


Imana ihoraho ni yo buhungiro bgawe, Kand’ amaboko y’ibihe vyose yama akuramira. Yirukanye abansi imbere yawe, Iravuga, iti Genda urandure!


Kandi hārih’ umusore w’i Betelehemu h’i Buyuda wo mu muryango wa Yuda w’Umulewi, yari yaje ngaho.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ