Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Mika 4:9 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

9 None se n’iki gituma uvuza induru? Mbega nta mwami ari muri wewe? Canke se umujanama wawe yapfuye, kw ibise bigufashe nk’umugore aramutswe?

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Mika 4:9
20 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Bazokwiheba; umubabaro n’uburibge bibafate; bazobabara nk’umugore ari ku nda; bazorābana bumirwe; kandi mu maso habo hazohindurira nk’umuriro.


Ni co gitumye ikiyunguyungu canje cuzuye uburibge, ngafatwa n’ibise nk’ibise vy’umugore ari ku nda; ndaribga bituma ntashobora kwumva, ubgihebe bg’ubgoba butumye ntashobora kubona.


Nk’uk’ umugore akuriwe amera, iy’ igihe ciwe co kuvyara gishitse, aribga agatakishwa n’ibise vyiwe, uko ni ko twari tumeze imbere yawe, Uhoraho.


Ewe uba kuri Lebanoni, ukārika icāri cawe mu masederi, es’ ukuntu uzoba uteye akagongwe igihe ibise bizoba bigufashe, nk’umubabaro w’umugore aramutswe!


None rero ntutinye, ewe Yakobo musavyi wanje, ni k’Uhoraho agize; nturanduke umutima, ewe Isirayeli: kuko rāba nzogukiza ngukūre kure, uruvyaro rwawe ndarukūre mu gihugu rwajanywemwo ar’ inyagano; Yakobo azogaruka, kand’ azoba amahoro ata nkomanzi, kandi nta wuzomutera ubgoba.


Nzogeza ryari kubona ibendera, no kwumva ijwi ry’inzamba?


Kuko numvise ijwi nk’iry’ umugore aramutswe, ubusinzikare bg’ūrikw aravyara umwana w’uburiza, ijwi ry’umukobga w’i Siyoni ahuzagizwa, ata amaboko, at’ Ewe jewe ndagowe! Umutima wanje ugwiriye igihumura imbere y’abicanyi.


I Keriyoti haratsinzwe, ibihome bineshejwe giturumbuka; kur’ uwo musi imitima y’abahizi b’i Mowabu izomera nk’umutima w’ umugore ari mu bise.


Umwami w’i Babuloni yumvise inkuru zavyo, amaboko yiwe arareganuka: uburibge buramufashe, nk’ibise vy’umugore aramutswe.


Umve, ijwi ry’ugutakamba kw’umukobga, ari we bgoko bgacu, rituruka hirya no hino mu gihugu, riti Mbeg’ Uhoraho ntakiba i Siyoni? Mbeg’ Umwami waho si ho akiri? Mbega na bo n’iki catumye bandakisha ibishushanyo vyabo bibājwe, n’ ivy’ imburakimazi vy’ivyaduka?


Uwar’ atubereye nk’impwemu duhumeka, uwari yararobanujwe amavuta n’Uhoraho, yakorokeye mu vyobo vyabo, Kand’ ari we twari twishimiye, ngo mu gitūtu ciwe ni ho tuzoba, uko turi hagati mu mahanga.


N’ukuri bazohava bavuga, bati Nta mwami tugira: kuko tutubashe Uhoraho; kare ho umwami yotumariye iki?


Azofatwa n’ibise nk’ivy’ umugore aramutswe: n’umwana w’imburabgenge; kukw igihe co kuvuka kigeze, ntava mu menshi ngw avuke.


Kukw Abisirayeli bazomara imisi myinshi ata mwami, ata n’ūganza, ata n’ikimazi batanga, ata n’inkingi y’ikigirwamana, ata n’umwambaro witwa efodi cank’ ibigirwamana vyitwa terafimu:


Ni co gituma azobagabura mu bansi, gushitsa ah’ ūramutswe azovyarira: ni ho amasigarira yo mu bavukana na we azogaruka mu Bisirayeli.


Umugore iy’ aramutswe, aja mu mubabaro, kukw igihe ciwe kigeze, arikw iy’ umwana amaze kuvuka ntaba acibuka kugorwa kwiwe, kukw anezerejwe n’uk’ umuntu avutse mw isi.


kandi yar’ akuriwe, atura akaborogo, kukw aramutswe, ababazwa n’ibise.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ