Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Mika 4:8 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

8 Nawe, mutara wo kurābirak’ umukuku, umusozi w’umukobga w’i Siyoni, ya nganji izoza kuri wewe: imwe ya mbere izokugarukako, bga bgami bg’umukobga w’i Yerusalemu.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Mika 4:8
23 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Isirayeli akomeza inzira, ashinga amahema hirya y’umunara wo muri Ederi.


Ariko Dawidi atsinda iboma ry’i Siyoni, ari ho hāciye hahinduka umurwa wiwe.


Akurikirwa na Palali mwene Uzayi, asana aharābana n’ahihese, ahahera ku munara wometswe ku ngoro y’umwami yo haruguru, ahahereranye n’urugo rw’abateramyi. Na we akurikirwa na Pedaya mwene Paroshi,


Ni mwīgire birebire, mwa birimba, Musegenye, mwa nzugi z’ ibihe vyose, ngo hāguke, Umwami w’ubgiza ngw ashike.


Imana yimenyekanishije mu ngoro zo kuri wo kw ar’ igihome kirekire gikīngira abantu.


Kuko wambereye ubuhungiro, N’igihome kirekire kinkīngira umwansi.


Izosi ryawe rimeze nk’umunara wa Dawidi Wubakiwe kubīkwamw’ ibirwanishwa, Umanitsemw’ inkinzo igihumbi, Inkinzo zose z’abahizi.


Nzosubizah’ abacamanza bawe nk’ubga mbere, n’abajanama bawe nko mu matangura; uheze witwe igisagara c’ubugororotsi, umurwa wizigirwa.


Kur’ uyu musi wa none barataha i Nobu, babānguriye ukuboko umusozi w’umukobga w’i Siyoni, umurambi w’i Yerusalemu.


yari yararurimiriye, akūramw’ amabuye, ateramw’ imizabibu y’ubgoko bgiza, arwubakamw’ umutara hagati, arwimbamwo n’ikinogo, agikora bga bgato: nuko yaziga ko ruzokwama inzabibu, ariko rwama ibijabija vy’inzabibu.


Nuko ku ngoma z’abo bami, Imana yo mw ijuru izohagurutsa ubundi bgami butazokwigera buhangūra, kand’ ingoma y’inganji yabgo nta ho izonyagwa n’irindi hanga; ariko buzomara bukomvomvore ubgami bgose bg’abo bami; yamara bgo buzohangama gushitsa ibihe vyose.


Arikw abera b’Īsumba vyose bazohabga ubgo bgami, kand’ ubgo bgami bazobgegukira buhore ar’ ubgabo gushitsa ibihe bitazoshira.


Kand’ abatabazi bazodūga ku musozi Siyoni, ngo bacire urubanza umusozi wa Esau; kand’ ubgami buzoba ubg’ Uhoraho.


Ewe Yakobo! Sinzobura gukoraniriza abawe bose hamwe, kandi sinzobura kwegeranya amasigarira y’Abisirayeli; nzobakumakumira hamwe nk’intama z’i Bosira; bazohūrīra nk’umukuku uri mwinshi mu canya cawo.


Muri Efurayimu nzohaca imikogote, n’i Yerusalemu nzohaca amafarasi, kand’ imiheto y’intambara izocibga. Uyo azobgira amahanga ivy’ amahoro, kand’ ubgami bgiwe buzohēra ku kiyaga bushike ku kindi, buhēre no kuri rwa Ruzi bushike ku mpera y’isi.


Ni muhindukirire igihome gikomeye, mwa mbohe ziri n’ivyizigiro: no kur’ uyu musi ndababgira ukuri yuko nzobashumbusha ibihetangabo kabiri.


Nezerwa cane, wa mukobga w’i Siyoni we! Sēsereza impundu, wa mukobga w’i Yerusalemu we! Rāba, umwami wawe aje kuri wewe, n’umugororotsi, kand’ ari n’inganji; yicishije bugufi, agendera ku ndogoba, mbere ni ku mukangara, inyana y’indogoba.


Muri Yakobo hazova ūganza, Azogeseza amasigarira yo mu bisagara.


Ni mwumvīre uwundi mugani: Hābaye nyen’ urugo yateye uruzabibu; aruzitirira uruzitiro, yimbamw’ ubgato bg’ikinogo, yubakamw’ umutara, arusigarana abarimyi, aja mu mahanga.


Atangura kubabgira mu migani, ati Hābaye umuntu yateye uruzabibu, aruzitirira uruzitiro, yimbamw’ ubgato bg’ikinogo, yubakamw’ umutara, arusigarana abarimyi, aja mu mahanga.


imushize hejuru cane y’ubukuru bgose n’ububasha bgose n’ubushobozi bgose n’ubgami bgose n’izina ryose rivugwa, si mur’ iki gihe gusa, ariko no mu kizoza.


Nta joro rizoba rikiriho, kandi ntibazorinda kubonesherezwa n’itara canke kwākirwa n’izuba, kuk’ Umwami Imana ari yo izobākira, kandi bazoba abami ibihe bitazoshira.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ