Yamar’ abo mur’ ayo mahanga yose bakomeza kwironderera izabo mana, bazishira mu tunyabugoro two mu bitabo Abasamariya bāri bārubatse, abo mw ihanga ryose uko bāba mu bisagara vyabo ni ko bāgenza.
Kandi nzosezerana na bo isezerano ritazoshira, yuko ntazorora irya ngo mbahebe, ndeke kubagirira neza; kandi mu mitima yabo nzohashira kunyubaha, na bo boye kumvako.
Kandi namba mubona bibabangamiye gusaba Uhoraho, uyu musi ni mwitoranirize uwo muzosaba, namb’ ari za mana ba sogokuruza bāsaba hakurya ya rwa ruzi, cank’ imana z’Abamori ben’ iki gihugu murimwo; ariko jeho n’abo mu rugo rwanje tuzokwama tugendanira Uhoraho.