Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Mika 4:2 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

2 Amahanga menshi azojayo, abarirane, ati Ni muze tudūge, tuje ku murwa w’Uhoraho, mk ngoro y’Imana ya Yakobo, kugira ngw itwigishe ivy’ inzira zayo, natwe tuzigenderemwo; kukw i Siyoni ari ho hazova ivyagezwe, n’i Yerusalemu hakava ijambo ry’Uhoraho.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Mika 4:2
35 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Uhoraho ar’ i Siyoni azoshingiriza kure inkoni y’ ububasha bgawe: Ganza hagati y’abansi bawe.


Hahirwa abagenda batunganye, Bakagendera mu vyagezwe vy’Uhoraho.


Iminwa yanje ivuge ishimwe, Kuk’ unyigisha ivyo washinze.


Naranezerewe hamwe bambgira, Bati Tugende tuje ku ngoro y’Uhoraho.


Umuntu yubaha Uhoraho ni nde? Azomurangira inzira akwiye guhitamwo.


Amoko menshi azojayo, abarirane, ati Ni muze tudūge, tuje ku murwa w’Uhoraho, ku ngoro y’Imana ya Yakobo, kugira ngw itwigishe ivy’ inzira zayo, natwe tuzigenderemwo; kukw i Siyoni ari ho hazova ivyagezwe, n’i Yerusalemu hakava ijambo ry’Uhoraho.


Abana bawe bose bazokwigishwa nanje, jewe Uhoraho, kand’ amahoro abana bawe bazogira azoba menshi.


abo na bo nzobashikana ku musozi wanje wera, mbanezereze mu ngoro yanje yo gusengeramwo; ibimazi vyabo vyo kwoswa n’ivyo gukererwa bizokwemerwa ku gicaniro canje: kukw ingoro yanje izokwitwa inzu yo gusengerwamwo n’amahanga yose.


Kuko hazoza umusi abama bagavye ku misozi ya Efurayimu bazosemerera, bati Ni muve hasi tudūge i Siyoni, dushengerere Uhoraho Imana yacu.


kugira ng’ Uhoraho Imana yawe atwereke uko dukwiye kugenza n’ico dukwiye gukora.


Enda tumenye Uhoraho, tugire umwete wo kumumenya; nk’uk’ umutwenzi ata cowubuza kuza, ni ko na we azoza: azotuzako nk’imvura, nk’ imvura y’umutasuro inyosheje hasi.


Maz’ umuntu wese wo mu masigarira yo mu mahanga yose yateye i Yerusalemu azodūga uk’ umwaka utashe gusenga Umwami Uhoraho Nyen’ ingabo no kumara imisi mikuru y’insago.


Kur’ uwo musi amahanga menshi azokwifatanya n’ Uhoraho, bacike abantu banje; nanje nzogerēra hagati muri wewe, nawe uzomenya yuk’ Uhoraho Nyen’ ingabo yakuntumyeko.


Muri Efurayimu nzohaca imikogote, n’i Yerusalemu nzohaca amafarasi, kand’ imiheto y’intambara izocibga. Uyo azobgira amahanga ivy’ amahoro, kand’ ubgami bgiwe buzohēra ku kiyaga bushike ku kindi, buhēre no kuri rwa Ruzi bushike ku mpera y’isi.


Abo bavayo, bigisha hose, Umwami Yesu akorana na bo, ijambo ryiwe arishingishiriza intahe ibimenyetso birikurikira. Amen.]


kandi yuk’ ukwihana no guharirwa ivyaha bikwiye kuvugwa mw izina ryiwe mu mahanga yose, uhereye i Yerusalemu.


Mu majambo y’abavugishwa n’Imana handitswe, ngo Bose bazoba abigishijwe n’Imana. Uwumvise ivya Data wese akavyiga, aza kuri jewe.


Ni hāba har’ ūgomba gukora ivyo uwo akunda, azomenya izi nyigisho, ko zavuye ku Mana, canke ko mbivuga mvyigeneye.


ariko muzohabga ubushobozi, Mpwemu Yera ni yabazako, muzoba ivyabona vyo kunshingira intahe i Yerusalemu, n’i Yudaya hose, n’i Samariya, no gushitsa ku mpera y’isi.


Bariko barasohoka, barabinginga ngw ayo majambo az’ avugwe no kw isabato izoza.


n’ubushobozi bg’ibimenyetso bikomeye, n’ibitangaza, n’ubushobozi bga Mpwemu Yera. Ivyo vyatumye nshitsa ubutumwa bga Kristo, utanguriye i Yerusalemu, ugakikuza, ugashika no muri Iluriko,


Ibi ni vyo vyagezwe n’amatēka ashinzwe, Uhoraho Imana yanyu yangeze kubigisha, kugira ngo muze muvyitondere mushitse mu gihugu mugiye kujabukiramwo ngo mucegukire;


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ