Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Mika 4:13 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

13 Va hasi uhūre, ewe mukobga w’i Siyoni! Kukw ihembe ryawe nzorihindura icuma, n’inzāra zo ku binono vyawe nzozihindura imiringa; kand’ uzojonjanga amahanga menshi; iminyago wabanyaze uzoyigira inyegu y’Uhoraho, n’ibintu vyabo ubigire inyegu ya Nyen’ isi yose.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Mika 4:13
28 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Isi n’iy’ Uhoraho, n’ibiyuzuye, Isi n’abayibamwo.


Kubg’ urusengero rwawe i Yerusalemu Abami bazokuzanira ingorore.


Abami b’i Tarushishi n’abo ku bizinga vyo mu kiyaga bazozana amashikanwa, Abami b’i Sheba n’ab’i Seba bazogorora ingorore.


Ico gihe Uhoraho Nyen’ ingabo azoshikanirwa ishikanwa n’ubgo bgoko bg’abantu barebare b’umubiri uyagayaga, ubgoko bgamye butera ubgoba uhereye ubga mbere ugashitsa n’ ubu; ihanga rikomeye risiribanga vyose, ryo mu gihugu kigabanijwe n’inzūzi; iryo shikanwa rizoshikanirwa ahantu h’izina ry’Uhoraho Nyen’ ingabo, ni ho ku musozi Siyoni.


Ewe wa muhūre wanje, ewe mpeke zo ku mbuga yanje! Ivyo numvise bivuye k’Uhoraho Nyen’ ingabo, Imana y’Abisirayeli, ni vyo mbabariye.


Inyungu n’impēra vyaho bizoba ivyera k’Uhoraho; ntibizobīkwa kandi ntibizoshirwa ukwavyo, kukw inyungu zaho zizoba iz’ abahora imbere y’Uhoraho, kugira ngo barye bahāge, baronke n’imyambaro myiza.


imyampi yabo irasongoye, n’imiheto yabo yose irabanze; inzāra z’amafarasi yabo zizomera nk’isare, n’amakurudumu y’imikogote yabo azogenda nk’agashururu.


Ni wewe nyundo yanje, n’ ibirwanishwa vyanje: ni wewe nzomenaguza amahanga; ni wewe nzogeseresha abami b’ibihugu;


Kuk’ ukw ari k’Uhoraho Nyen’ ingabo agize, ni we Mana y’Abisirayeli, at’ Umukobga ari we Babuloni ameze nk’imbuga iy’ ikubita rigeze; hasigaye igihe gito igihe co kwimburwa kikahashikako.


Nuko ku ngoma z’abo bami, Imana yo mw ijuru izohagurutsa ubundi bgami butazokwigera buhangūra, kand’ ingoma y’inganji yabgo nta ho izonyagwa n’irindi hanga; ariko buzomara bukomvomvore ubgami bgose bg’abo bami; yamara bgo buzohangama gushitsa ibihe vyose.


Efurayimu ni nk’inka y’ishashi yigishijwe, ikunda gusekura ingano; ariko nzomwambika ingōgo mw izosi ryiwe ryiza: kandi nzoshira kuri Efurayimu ūmwicarako; Yuda azorima, Yakobo akubite imvyirire.


Kand’ amasigarira ya Yakobo azoba mu moko menshi ababere nk’ikime kivuye k’Uhoraho, nk’urume rutonze ku bgatsi, bitororēra umuntu, canke ngo bitenyenyere abantu.


Wogoze igihugu ushangashiwe, Wasiribanze amahanga uri n’uburake.


Uwo musi nzohindura Yerusalemu ibuye riremēra amahanga yose, abazoryikorera bose bazokomereka bibi; kand’ amahanga yose yo mw isi azokoranywa no kuharwanya.


Kur’ uwo musi abatware b’Abayuda nzobahindura nk’urujo rurik’ umuriro rushirwa mu nkwi, canke nk’urumuri rwaka rushizwe mu mikama y’ingano; bazotōngōra amahanga yose abakikije i buryo n’i bumoso; kandi Yerusalemu hazokwongera kwubakwa aho hāhoze, ni ho i Yerusalemu nyene.


Arambarira, at’ Arya ni bamwe babiri bārobanujwe amavuta, bama bahagaze hafi ya Nyen’ isi yose.


Umumarayika aranyishura, at’ Ivyo n’imiyaga ine yo mw ijuru, ivuye gushengerera Nyen’ isi yose.


Ku wa mbere wose w’imisi ndwi, umuntu wese muri mwebge abīke i we ibimuhaye uburyo, nk’ukw atunze, kugira ngw aho nzozira ntihabe ari ho amashikanwa azokoranirizwa.


Ibihindizo vyawe bizoba ivyuma n’imiringa, Kand’ ukw imisi yawe ingana, ni kw inkomezi zawe zizongana.


Arikw amafeza yose n’amazahabu n’ibintu vyose vyo mu miringa n’ivyo mu vyuma bibaye ivyera vy’Uhoraho: bizoja mu bushinguro bgiwe.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ