Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Mika 4:12 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

12 Ariko ntibazi ivyiyumviro vy’Uhoraho, canke ngo batahure imigabo yiwe, yuko yabakoranirije hamwe nk’imikama irunze ku mbuga.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Mika 4:12
15 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Amenyesha aba Yakobo ijambo ryiwe, Amenyesha Abisirayeli ivyo yashinze, bo n’imanza ziwe.


Nta rindi hanga yagiriye artyo: Mbere n’imanza ziwe ntibāzimenye. Haleluya!


Arikw ivyo si we avyituma ubgiwe, kandi si vyo yiyumvira mu mutima wiwe; arikw ikiri mu mutima wiwe n’uguhonnya, no kumara amahanga atari make.


Ewe wa muhūre wanje, ewe mpeke zo ku mbuga yanje! Ivyo numvise bivuye k’Uhoraho Nyen’ ingabo, Imana y’Abisirayeli, ni vyo mbabariye.


Maz’ ingabo z’amahanga yose arwanya Ariyeli, abaharwananya n’igihome caho bose bakahagora, bazoba nk’inzozi, nk’ivyo umuntu yeretswe mw ijoro nko mu nzozi.


Kukw ivyiyumviro vyanje atari vyo vyiyumviro vyanyu, kand’ inzira zanyu atari zo nzira zanje, ni k’Uhoraho agize.


Kuko nzi ivyiyumviro mbiyumvirako, ni jewe Uhoraho mbivuze, kw ar’ ivyiyumviro vy’amahoro, atar’ ivy’ ivyago, kugira ngo mbahe ivyizigiro vyo mw iherezo ryanyu.


Ni wewe nyundo yanje, n’ ibirwanishwa vyanje: ni wewe nzomenaguza amahanga; ni wewe nzogeseresha abami b’ibihugu;


Kuk’ ukw ari k’Uhoraho Nyen’ ingabo agize, ni we Mana y’Abisirayeli, at’ Umukobga ari we Babuloni ameze nk’imbuga iy’ ikubita rigeze; hasigaye igihe gito igihe co kwimburwa kikahashikako.


nzokoraniriza hamwe amahanga yose, mbamanukane mu kiyaya ca Yehoshafati; ni ho nzobavuganiriza, mbūrana abantu banje, ni bo shamvu yanje Abisirayeli, abo bāsābagirije mu mahanga, bakīgaburira igihugu canje.


Urutaro rwiwe ruri mu kuboko kwiwe, ngw akubure imbuga yiwe neza, yimburire ingano mu kigega ciwe, maz’ umuguruka awuturire mu muriro utazima.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ