Mu mwaka ugira icenda Zedekiya ari ku ngoma, mu kwezi kw’icumi, ku musi wakwo ugira icumi nyene, Nebukadineza umwami w’i Babuloni araza, bo n’ingabo ziwe zose, batera Yerusalemu, basagaza inyuma yaho; bubaka n’ ibihome vyo kuhatera hirya no hino.
Uku ni k’Umwami Uhoraho agize, ati Mbega si wewe navuze mu bihe vya kera, mvugiye mu basavyi banje b’Abisirayeli navugisha, bābūye imyaka myinshi mur’ ico gihe, yukw ari wewe nzorungika kubatera?