Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Mika 4:11 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

11 Ubu amahanga menshi akoraniye kugutera, aravuga, ati Siyoni ni hahumanywe, amaso yacu avyibonere!

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Mika 4:11
15 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Abanka Siyoni bose Ni bamāramāre, basubizwe inyuma.


Kuko ba bandi bahūje umutima wo kuja inama, Ni wewe bashiriyeh’ amasezerano:


Arikw ivyo si we avyituma ubgiwe, kandi si vyo yiyumvira mu mutima wiwe; arikw ikiri mu mutima wiwe n’uguhonnya, no kumara amahanga atari make.


Ewe wa rwamo rw’amahanga menshi abomborana nk’ukubomborana kw’ikiyaga, n’ugusūma kw’amoko asūma nk’ugusūma kw’ amazi asitanisha!


Maz’ ingabo z’amahanga yose arwanya Ariyeli, abaharwananya n’igihome caho bose bakahagora, bazoba nk’inzozi, nk’ivyo umuntu yeretswe mw ijoro nko mu nzozi.


Mu mwaka ugira icenda Zedekiya ari ku ngoma, mu kwezi kw’icumi, ku musi wakwo ugira icumi nyene, Nebukadineza umwami w’i Babuloni araza, bo n’ingabo ziwe zose, batera Yerusalemu, basagaza inyuma yaho; bubaka n’ ibihome vyo kuhatera hirya no hino.


nuko rero, uku ni k’Umwami Uhoraho agize, ati Nzohigūra nawe, ewe Tiro; nzokuvyukiriza amahanga menshi, nk’ukw ikiyaga kivyutsa imipfunda yaco.


Uku ni k’Umwami Uhoraho agize, ati Mbega si wewe navuze mu bihe vya kera, mvugiye mu basavyi banje b’Abisirayeli navugisha, bābūye imyaka myinshi mur’ ico gihe, yukw ari wewe nzorungika kubatera?


Yamara ntiwar’ ukwiye kurāba utw’ ininga umusi wa mwene nyoko ugeze, ku musi yashikiweko n’ivyago; umusi Abayuda bagesezwa, ntivyari bikwiye kukunezereza; ntiwari gutwengera mw ijigo ku musi w’amazigirizwa yabo.


Maz’ umwansi wanje azobirāba, yicwe n’isoni, uwahora ambgira, at’ Uhoraho Imana yawe iri hehe? Amaso yanje azomwibonera, igihe azosiribangwa nk’ ivyondo vyo mu nzira.


Uwo musi nzohindura Yerusalemu ibuye riremēra amahanga yose, abazoryikorera bose bazokomereka bibi; kand’ amahanga yose yo mw isi azokoranywa no kuharwanya.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ