Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Mika 4:10 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

10 Ribga, unihe, ewe mukobga w’i Siyoni, nk’umugore aramutswe; kuk’ ugira ng’ uve mu gisagara, ube mu gahinga, mber’ uzoruha ushike n’i Babuloni: iyo ni ho uzorokorerwa; iyo ni ho Uhoraho azogucungurira, agukūre mu maboko y’abansi bawe.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Mika 4:10
27 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Kand’ abahungu bawe uzoba wikūriye mu nda wavyaye bazobajana, bagirwe inkone zo kuba mu ngoro y’umwami w’i Babuloni.


Abakaludaya baraheza basatura uruzitiro rw’ico gisagara, maz’ ingabo zose zihenga mw ijoro zirahunga, ziciye mu kirimba kiri hagati y’inzitiro zibiri, cari hafi y’indimiro y’umwami; kand’ Abakaludaya bāri bakikije igisagara impande zose; nuk’ umwami ajana inzira ica mu kiyaya Araba.


Ni co catumye Uhoraho abatēza abagabisha b’ingabo z’umwami w’i Ashuri, bagafata Manase, bakamubohesha ivyuma, bakamushira mu minyororo, bakamujana i Babuloni.


Abācitse bagakira inkota, uwo mwami abajana i Babuloni, abagira abaja biwe n’ab’ abahungu biwe, gushitsa igihe Abaperesi bashikiriye ingoma,


ngo Kuro, umwami w’i Buperesi aravuze, at’ Uhoraho Imana Nyen’ ijuru yangabiye ibihugu vyose vyo mw isi. Kandi yangeze ngo ndamwubakire ingoro i Yerusalemu mu Buyuda. Non’ umuntu wese muri mwebge wo mu bantu biwe bose, Uhoraho Imana yiwe n’ibane na we, adūge ajeyo.


Ibakiza ukuboko kw’umwansi wabo, Irabacungura, ibakūra mu kuboko kw’umurwanizi.


Uku ni k’Uhoraho agize, Umucunguzi wanyu, Uwera w’ Abisirayeli, ati Natumye i Babuloni kubganyu, nzomanura abaho bose ar’ impunzi, ni bo Bakaludaya, mu māto bishimira.


Ni jewe mpagurukije Kuro mu bugororotsi, kandi nzororanya inzira ziwe zose; ni we azokwubaka umurwa wanje, kandi ni we azorekura abantu banje bānyazwe, adahongewe cank’ adahērewe, ni k’Uhoraho Nyen’ ingabo agize.


Ni muve i Babuloni, muhunge muve mu Bakaludaya, muvuge ibi, mubikwize, muvyamamaze gushitsa ku mpera y’isi, mubivugishe ijwi ry’indirimbo, mut’ Uhoraho acunguye umusavyi wiwe Yakobo.


riti Jana wa mukanda wagura, umwe ukenyeye, uve hasi uje kuri Efurate, uwunyegezeyo mu mugāga wo mu gitandara.


Nzokurokora ngukūre mu maboko y’ abanyakibi, kandi nzogucungura ngukūre mu maboko y’abantu b’agaterabgoba.


None rero ni mwumve ijambo ryanje, jewe Uhoraho, mwebge mwese abambukanywe, abo narungitse ngo muve i Yerusalemu muje i Babuloni.


Kuko numvise ijwi nk’iry’ umugore aramutswe, ubusinzikare bg’ūrikw aravyara umwana w’uburiza, ijwi ry’umukobga w’i Siyoni ahuzagizwa, ata amaboko, at’ Ewe jewe ndagowe! Umutima wanje ugwiriye igihumura imbere y’abicanyi.


I Keriyoti haratsinzwe, ibihome bineshejwe giturumbuka; kur’ uwo musi imitima y’abahizi b’i Mowabu izomera nk’umutima w’ umugore ari mu bise.


Umwami w’i Babuloni arabazibagura, abatsinda ngaho nyene i Ribula, mu ntāra y’i Hamati. Uko ni kw Abayuda bajanywe kw inyagano, bakūrwa mu gihugu cabo.


Yamar’ amaherezo, igitigiri c’Abisirayeli kizongana nk’umusenyi wo ku kiyaga, udashobora kugerwa ku ngero canke guharūrika. Kand’ ahantu bābgiriwe, ngo Ntimur’ abantu banje, ni ho nyene bazobgirirwa, ngo Mur’ abana b’Imana nzima.


Azofatwa n’ibise nk’ivy’ umugore aramutswe: n’umwana w’imburabgenge; kukw igihe co kuvuka kigeze, ntava mu menshi ngw avuke.


Nuko rero, ehe ngira ndamukwēgēre, mmushikane mu bugaragwa, ndamuremeshe.


Ariko wewe, Betelehemu Efurata, nah’ ur’ inkehwa mu bihumbi vy’i Buyuda, muri wewe hazomviramw’ ūzoba segaba mu Bisirayeli; amamo yiwe yahereye kera hose, ibihe n’ibindi.


Ni co gituma azobagabura mu bansi, gushitsa ah’ ūramutswe azovyarira: ni ho amasigarira yo mu bavukana na we azogaruka mu Bisirayeli.


Umugore ahabga amababa abiri y’inkukuma nini, kugira ngw agurukire mu bugaragwa ahantu hiwe, ah’ agaburirirwa igihe n’ibihe n’igice c’igihe, arindwa ico kiyoka.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ