Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Mika 3:8 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

8 Ariko jeho nuzuye ubushobozi n’ ukuroranya n’inkomezi, mbihawe na Mpwemu w’Uhoraho, kugira ngo mmenyeshe Yakobo igicumuro ciwe, Isirayeli ndamumenyeshe icaha ciwe.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Mika 3:8
28 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Kukw amajambo anyuzuyemwo, Imbere muri jewe umutima uransunika.


Semerera cane, woye kwigarura; rangurura ijwi ryawe nk’inzamba, ubarire abantu banje ibicumuro vyabo, n’inzu ya Yakobo ivyaha vyabo.


Mpwemu w’Umwami Uhoraho ari kuri jewe, kuk’ Uhoraho yandobanuje amavuta ngo mbgire abaciye bugufi ubutumwa bgiza; yantumye gutubika imitima imenetse, no kumenyesha abarindwa ko barekuwe, n’imbohe ko zugururiwe;


ngo mmenyeshe abantu umwaka wo kwemererwamwo n’Uhoraho, n’ umusi wo kwīhōra w’Imana yacu; ngo nirure abagandaye bose,


Kuko rāba, uyu musi nguhinduye igisagara cubakiwe inzitiro, nguhinduye n’inkingi y’icuma n’inzitiro z’imiringa, bitazotsindwa n’igihugu cose, canke n’abami b’i Buyuda, canke n’abaganwa baho, canke n’abaherezi baho, canke n’abantu bo mu gihugu.


Iyo mvuze, nti Sinzosubira kumuvuga, canke ngo ngire ico mvuga mw izina ryiwe, haca haba nk’umuriro uyingana mu mutima wanje, uhīshije uburimbi amagufa yanje, bikangora kwiyumanganya, nkaba ntobishobora.


Ni co gituma nuzuye ubushangashirwe bg’Uhoraho: bingoye kubuzina; burekurire ku bana bari mu nzira, no ku misore ah’iganamye: kuk’ umugabo azonyaganwa n’umugore wiwe, n’umutāma azonyaganwa n’ūgeze mu zabukuru.


Ba kamenyi bawe bākurotoreye ivy’ ubusa n’ivy’ ubupfu; Kandi ntibāguseruriye ibigabitanyo vyawe, ngo ntuje mu kinyago: Ariko bākurotoreye imbūri z’ubusa, n’ibikuzanira gucibga.


riti Mwana w’ umuntu, menyesha Yerusalemu ibizira vyaho,


Mbega ntiwobacira urubanza, ga mwana w’umuntu, ntiwobacira urubanza? Bamenyeshe ibizira vya ba sekuruza.


riti Nawe, mwana w’umuntu, mbega ntiwogicira urubanza, ntiwogicira urubanza, ca gisagara kivisha amaraso? Nuk’ ukimenyeshe ibizira vyaco vyose.


Uhoraho yongera kumbarira, ati Mwana w’umuntu, Ohola na Oholiba mbega ntiwobacira urubanza? Bamenyeshe rero ibizira vyabo.


Nuko Mpwemu aranterura, aranjana; ngenda nshavuye, nitonganya; arik’ ukuboko kw’Uhoraho kwari kunshikamiye.


Nuko rero, mwana w’umuntu, uze wereke ab’ inzu ya Isirayeli iyi ngoro, kugira ngo bamāramāzwe n’ibigabitanyo vyabo; bayigere nk’ukw ikigereranyo cayo kimeze.


kuko yabigisha nk’ūfise ububasha, ntase n’abanyabgenge b’ivyanditswe babo.


atoranya na Yakobo mwene Zebedayo, na Yohana mwene nyina wa Yakobo, na bo abita Bowanerige, risobanurwa ngw Abana b’inkuba;


imvugo yanje n’ukwigisha kwanje ntivyarimw’ amajambo y’ubgenge yo kwemeza abantu, ariko vyaserukamwo Mpwemu n’ubushobozi,


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ